Accueil > Amakuru > u Burundi > Inka y’ikizungu uretse ko yitunga iratunga n’umuryango wose
Inka y’ikizungu uretse ko yitunga iratunga n’umuryango wose
samedi 20 Mukakaro 2013
Inka ni igitungwa ciza kandi gifasha imiryango myinshi. Uretse amata, inka iratanga n’umwavu, n’ibindi vyiza biyikomokako. Ariko rero abanyagihugu bamwe bamwe ntibaramenya akamaro ko gutunga inka imwe canke zibiri z’ikizungu hako batunga ijana ariko ataco zinjiza.
Abanyagihugu batari bake n’ubu bibaza ko kubagira ijana ari vyo bitanga agaciro, bikaberekanisha mu kibano ko ari aborozi nyabo. Wawundi ati uburo bwinshi ntibuva umusururu, inka ijana zitagira agaciro, ataco zinjiza, zirutwa n’inka imwe ariko ifitiye akamaro urugo, n’umuryango wose muri rusangi. Inka nyinshi ico zitanga ni umwavu gusa, ariko izo nka z’indundi ugasanga hari nka 10 zikamwa, zidashobora gikwiza n’amacupa abiri y’amata. Inka nyinshi ziraruhisha, kuko kuzironderera umwungere, ubwatsi, icuhiro, indaro, n’ibindi usanga ari ingorane ndetse ugasanga n’uwuzitunze atavyo ashoboye kuko bimunanira uko yozikorera zose, agahitamwo kuzihoza.

Abanyagihugu rero basabwa ko bokworora inka z’ikizungu, naho yoba imwe ariko ugasanga irakamwa amata menshi. Nk’akarorero, inka y’ikizungu imwe ishobora gukamwa ilitiro zishika icumi mu gatondo canke zirenga. Ayo nayo, nta muryango woyanywa ngo uyaheze ari naco gituma amwe baca bayashora, amafaranga avuyemwo akayigurira icuhiro, ayandi akariha umwungere, akubaka indaro, akayiha ubwatsi. Inka y’ikizungu uretse ko yitunga, ahubwo iratunga n’umuryango wose, kurusha imwe ataco itanga atari ahubwo gusiga umuryango ataco ufise.
Akamaro ko gutunga inka nke zifise ico zinjiza, uriko uraja mu banyagihugu batari bake, kandi ndetse abanyagihugu benshi ubu bariko barahimirizwa kuraba ukwo bodandaza izitinjiza bagaheza bakagura inka zifitiye akamaro umuryango wose muri rusangi, kandi yitunga igatunga n’umuryango wose.

Aristide Nizigire