IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intambamyi kubadandaza b’i Bujumbura

Intambamyi kubadandaza b’i Bujumbura

vendredi 8 Ntwarante 2013

Abagwizatunga b’abarundi bahura n’ibibazo vyinshi iyo bariko barahanahana ibidandazwa n’abo mu bihugu vya afrika y’ubuseruko ivyo rero biterwa no kubura ubumenyi buhagije bigatuma babura ico bafata n’ico bareka

Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu na Leonard Nyutu icegera c’uwurongoye ibiro vy ishirahamwe ry’abadandaza bigenga. hari mw’ihuriro ry’akarere, ryariko ryigira hamwe ivyerekeye imipaka itarihisha amakori. Nkuko yabivuze, kutarihisha amakori bivana n’igihe wagiriye ivyo bita declaration.

Ivyo yabivuze amaze kwerekana ingorane 30 abadandaza bahuye nazo muguhanahana ibidandazwa mu bihugu vya afrika y’ubuseruko.Yasavye abadandaza kuza kwitura ivyo biro kugirango bihane amakuru akwiye gutyo bamenye ivyerekeye urudandazwa mpuzamakungu.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.