IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intambara Uburundi bwahoramwo yoba ariyo ibubuza kurangura imigambi ya (...)

Intambara Uburundi bwahoramwo yoba ariyo ibubuza kurangura imigambi ya Afrika y’ubuseruko

samedi 13 Nyakanga 2014

Uwahoze aserukira Uburundi mu Rwanda, Rémy Sinkazi, amenyesha ko kuba Uburundi bukwega ibirenge mu gushira mu ngiro imigambi y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, biva ku bibazo vy’intambara igihugu gihitiyemwo.

Inyuma yo gusezera umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, kuko yari arangije ikiringo ciwe aserukira Uburundi mu Rwanda, Rémy Sinkazi yamenyesheje bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, ko ibibazo vy’intambara Uburundi bwaherukamwo, arivyo bituma ico gihugu gikwega ibirenge mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

JPEG - 58.1 ko
Rémy Sinkazi, yahora aserukira Uburundi mu Rwanda yarangije ikiringo ciwe

Nk’uko Ambassadeur Rémy Sinkazi yabimenyesheje, Uburundi ntibushobora kwikura mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kubera ukwo gukwega ibirenge. Ku bwiwe, habaye ikibazo c’uko Uburundi bwinjiye butevye, kandi bwari bumaze imyaka itari mike mu ntambara. Kubera ibikomere n’imvune vyatewe n’iyo ntambara, hari rero ibintu bitaraja ku murongo, nk’ubutunzi bw’igihugu butifashe neza. Ambassadeur Rémy Sinkazi avuga ko arico gituma Uburundi bwasavye ko bwohabwa amezi atandatu, inyuma yaho akaba ariho buzokwinjira nyezina mu migambi y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, buhamvye ibindi bihugu biri muri uwo muryango, mu migambi iriko irashirwa mu ngiro, nk’ugukoresha ikirata karangamuntu imwe, kworohereza abanyagihugu bagize uwo muryango mu budandaji hamwe n’ugutumatumanako amakuru, n’ibindi.

JPEG - 30.1 ko
Ambassadeur Rémy Sinkazi yahora aserukira Uburundi mu Rwanda

Ambassadeur Rémy Sinkazi yahora aserukira Uburundi mu Rwanda yabimenyesheje mu gihe umukuru w’ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo, Faustin NDIKUMANA, yari yashikirije amakenga y’ishirahamwe arongoye, avuga ko kwinjira muri iryo shirahamwe EAC ari kimwe ariko kuhakura inyungu navyo ari ibindi. Faustin Ndikumana yari yashikirije ko hakiri ivyo gukora vyinshi kuko biboneka ko Uburundi naho bwinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, ata nyungu ikura muri ako karyo ifise ko kuba muri iryo shirahamwe. Ivyo rero bikava ku mvo nyinshi nk’ukugoyagoya mu nzego zijejwe urwo rwego (faiblesse des capacités institutionnelles).

Faustin Ndikumana, umukuru wa PARCEM akavuga ko bibabaje kuvuga ko Uburundi budafata imigambi ya Afrika y’ubuseruko nk’iyabwo, kandi bumaze imyaka 7 bwinjiye muri iryo shirahamwe rihuza ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko (EAC). Nk’uko Faustin Ndikumana yabimenyesheje, umenga Uburundi ntibuzi iyo buriko buraja. Ivyo bikerekanwa n’uko ubushikiranganji bujejwe uwo muryango w’ibihugu biri muri Afrika y’Ubuseruko bugifise ingorane mu gutunganya iyinjira riboneka muri uwo muryango (coordonner le processus d’intégration), mukwiha intumbero zirashe, kandi ntibukorane neza n’abarwizatunga bo mu Burundi, mukubereka ico bakwiye gukora, ivyo bigatuma abo bagwizatunga baguma mu kutamenya no kudatera imbere mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

JPEG - 55.2 ko
Ambassadeur Rémy Sinkazi, asezera umukuru w’igihugu Paul Kagame

Egide Nduwimana

Messages

  • C’est du n’importe quoi! None ko u Rwanda rwavuye kuri zero aprèsle Jenocide; rqbq iyo bqgewe! Il faut se render àl’évidence , nous avons des dirigeants médiocres! Ntanakimwe bumva sur le developpement d’un pays, geo-stratégie ... une citation president Nkurunziza y’ubwenge n’iyihe? .. "Dokora Dusenga, Dusenga Dukora , alafu tunaondoka"! Umuntu nkuyo yoshikana igihugu he? Dutwarwa n’abantu batazi nakimwe , ntiba hwihwisha ivy’intwaro! Raba namwe, igihugu kuzera ubukiriro bwaco kuri Nkurunziza, General Adolphe, General Ndayishimiye, General Bunyoni ... 2015 dutegerezwa kubakura kuneza canke kunabi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.