Accueil > Amakuru > u Burundi > Intambwe Uburundi bugezeko mu migenderanire n’ayandi makungu
Intambwe Uburundi bugezeko mu migenderanire n’ayandi makungu
mercredi 22 Nzero 2014
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Laurent Kavakure yarahaye umubonano intumwa ya papa mu Burundi yongera aranakira uwuserukira igihugu ca Reta nzunze ubumwe za Amerika mu Burundi.
Inyuma yo kwipfurizanya umwaka mwiza mu mubonano yari yahaye intumwa ya papa mu Burundi, kuri uyu wa kabiri wa 21 Nzero 2014, umushikiranganji Laurent Kavakure yarashikirije ibijanye n’urugendo yagize i Roma kwa Papa. Muri urwo rugendo akaba yarashoboye kubonana n’umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Faransisiko hamwe n’abarongozi bagize umuryango wa San Egidio.

Amasezerano ahurikiye ku bucuti buri hagati y’Uburundi hamwe n’icicaro ceranda (Saint siege), imigenderanire iri hagati y’Uburundi na Ekereziya Gatorika hamwe n’imigenderanire iri gagati y’Uburundi n’abasanzwe babushigikigira mw’iterambere rirama, bikaba vyari muvyo umushikiranganji Laurent Kavakure baganiriye n’intumwa ya Papa mu Burundi.
Iyo ntumwa ya papa ikaba yarashimiye umushikiranganji Laurent Kavakure ku bijanye n’ayo masezerano yashizweko umukono igenekerezo rya 7 Nzero 2014.
Inyuma yo kwakira intumwa ya papa mu Burundi, umushikiranganji Laurent Kavakure yarakiriye kandi Dawn Liberi aserukira Reta nzunze ubumwe za Amerika mu Burundi, aho baganira ku bucuti buri hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri.
Dawn Liberi akaba yaramenyesheje ko Reta aserukira yateguye kuzogira ubwa mbere inama rukokoma ihuza Reta nzunze ubumwe za Amerika hamwe na Afrika izobera i Washington, muri uno mwaka w’2014. Iyo nama ikazoba ihwanye n’ingendo Barak Obama yagize muri Afrika mu mwaka uheze. Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba ari mu batumiwe muri iyo nama rukokoma izokurikirana n’ama nama nshikiranganji ya AGOA.

Dawn Liberi akaba yarangije amenyesha ko hagiye kuza mu Burundi abahinga b’abanyamerika bazokarihiriza ubwenge abasirikare b’abarundi mu gufasha gusumba kugarukana amahoro muri Somariya no muri Centrafrika.
Mariella Bukuru
Messages
22 Nzero 2014, 17:36, par comune buyengero
akenshi bano baba baje kwihera ijisho ukuntu cndd ihonyora agateka ka zina muntu mu burundi namwe ngo babasuye
23 Nzero 2014, 03:30, par Mama
Wewe Comune Buyengero, baje kureba ukuntu cndd ahihonyora agateka kazinamuntu mu Burundi nkuko wavyanditse, nigiki vyobabikwononeye?