IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intara ya Ngozi irashobora kwakira ihiganwa ry’igikombe ca Afirika

Intara ya Ngozi irashobora kwakira ihiganwa ry’igikombe ca Afirika

lundi 7 Nzero 2013

Mu nama yahuje imvukira z’intara ya Ngozi kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 5 Nzero 2013,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko intara ya Ngozi ishobora kwakira ihiganwa rya Afirika rihuza imirwi y’abakinyi batarenza imyaka 17 mu mwaka w’2020 mu gihe inyubakwa zikenewe zoba zamaze kwubakwa.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje imvikira z’intara ya Ngozi ko hakenewe inyubakwa zitari nke kugira bakire iryo higanwa mu gihe haba hari abantu benshi ari abaherekeje imirwi n’imirwi yonyene ubwayo.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko hakenewe ibibuga bitanu bikwije ibisabwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afirika navyo bikaba bisa n’ibiriho kuko hari ikibuga citiriwe Urukundo c’i Buye i Ngozi cakira abantu 8000,ikibuga co ku mu Remera n’ibindi,hakaba hategekanywa n’ikindi c’i Muyinga ahasabwa urugendo rw’isaha n’indege.

Petero Nkurunziza akaba yaboneyeho gutera intege abafise amahoteri kuko bazohungukira vyinshi mu gihe u Burundi buzoba bwemerewe kwakira iryo higanwa.
Mu kwerekana rero ko urugero rw’umupira w’amaguru rugeze ku ntambwe ishimishije kuko abakinyi batanu bo mu murwi Le Messager FC usanzwe watangujwe n’umukuru w’igihugu bararonse akaryo ku kuja mu myimenyerezo i Buraya.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.