Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Integuro 9 z’amategeko mu nama nshikiranganji mu minsi ibiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro 9 z’amategeko mu nama nshikiranganji mu minsi ibiri

Integuro 9 z’amategeko mu nama nshikiranganji mu minsi ibiri

jeudi 14 Munyonyo 2013

Mu bikorwa vy’inama nshikiranganji bitegekanijwe kumara iminsi ibiri biriko biraba, integuro z’amategeko icenda nizo ziriko zirirwa.

Muri iyo nama nshikiranganji rero yatanguye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 gushika ku rya 14 Munyonyo uyu mwaka irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, hategekanijwe ko barabira hamwe integuro y’itegeko ryinjiza Uburundi mu mwaka w’1961 mu masezerano y’i Appostille, eka ndetse bakaba bazakurabira hamwe integuro y’isubiramwo ya protocole y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko.

Mu gisata c’indero integuro zitatu zirirwa muri izo, harimwo integuro y’integuro igena inyigisho z’inyuma y’itangura ry’ishure nshingiro, integuro y’itunganywa rishasha rya kaminuza ISGE « Institut Superieure de Gestion des Entreprises », n’igisata kiraba agafashanyo n’imyimenyerezo mu mashure yisumbuye na za kaminuza amategeko akigenga agiye kuzosubirwamwo.

Mu gisata c’ubutunzi, iyo nama nshikiranganji ikaba irabira hamwe itunganywa ry’ingene ubutunzi bwa reta bukoreshwa na baburamatari, abahanuzi babo, abasitanteri eka n’abahanuzi babo. Hari n’iyindi nteguro ishiraho ama faranga reta izokoresha muri uyu mwaka buca utangura w’2014, bace batanga n’icegeranyo c’ayakoreshejwe mu mwaka w’2012.


IGIHE

Messages

  • ISGE yonyene?! Eka kweli Ubushikiranganji bw’ama Kaminuza nibuce buraba burenganure n’ abanyeshuri bo kuri Université Ntare Rugamba kuko sinumva igituma babima ama Diplômes kandi bamaze imyaka irenga 2 ibiri barasomye ibitabo. Uwugiye wese kubwitura bammishura ngo naje kubaza abayobozi ba Ntare Rugamba nabo wababaza bakakwereka ordonance Ministre Julien Nimubona yagiye abahaye. Ubu rero ntidutahura ukuntu nizivuka inyuma nka Sagesse, ISD Ngagara, Muyinga n’izindi ziguma zitera imbere abize kuri Ntare Rugamba twifumbereje ( Igitangaje cane n’uko iguma ikora ukuri kwamye). Inama nshikiranganji nifate ico kibazo naco mu minwe. Abamenyesha makuru nawe ni mudutohoreze tumenye ikituboheye amaboko imugongo. Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.