IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu 2016 igiye kwigwa

Integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu 2016 igiye kwigwa

mardi 6 Gitugutu 2015, par egide

Inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi vyatanguye kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 5 Gitugutu 2015 ibikorwa vy’ukwezi kwa Gitugutu. Mu nteguro z’amategeko azokwiga harimwo iy’amafaranga azokoreshwa na Reta mu mwaka w’2016.

Nk’uko vyashikirijwe na Pascal NYABENDA Umukuru w’inama nshingamateka, ibikorwa vy’inama nshingamateka vy’ukwezi kwa Gitugutu 2015 vyoba akanya ko kurangura imigambi ya Reta, akaba yanagarutse ku biganiro bigiye gutangura mu Burundi, umushingamateka Pascal NYABENDA akavuga ko ari ivy’abarundi, kuko ingorane z’igihugu c’Uburundi zitegerezwa gutorerwa inyishu mu biganiro bihuza abarundi nyene hagati yabo. Akaba yasavye ko ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro vyotangura vuba.

N’umukuru w’inama nkenguzamateka, Reveriyano NDIKURIYO, mu bikorwa vy’ugutanguza ibikorwa bigira gatatu vy’umwaka w’2015, akaba yagarutse kuri ivyo biganiro vyohuza abarundi ku bibazo bihanze igihugu c’Uburundi, agasaba abagize umurwi w’igihugu ujejwe gutegura ivyo biganiro ko bokore bisunze akarangamutima k’intwaro rusangi.

Mu nteguro z’amategeko 21 agiye kwigwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, hakaba harimwo iry’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2016, ariko aho mukamenya ko iryo tegeko ry’amafaranga Reta izokoreshwa ritarashikirizwa abashingamateka.

Muri ukwo gutanguza ibikorwa vy’inama shingamateka vy’ukwezi kwa Gitugutu umwaka w’2015, habonetse umushingamateka wo mu runani rw’Abigenga Mizero y’Abarundi, yitavye ubwa mbere ibikorwa vy’inama nshingamateka. Hillarie Nshamaje yatowe mu ntara ya Bubanza yahambije abandi babiri nabo nyene bo mu UPRONA ya Karori NDITIJE yegukira urunani rw’Abigenga Mizero y’Abarundi, aribo Julienne Nahintije yatowe mu Kayanza, hamwe na Angèle Ciza yatoze mu Kirundo. Bose basigura ko bashatse kwubahiriza abanyagihugu babizeye bakabaha amajwi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Oh! On aura tout vu! La charue devant les bÅ“ufs! Mbe le Gouvernement a déjàdéposé le dossier devant l’Assemblée Nationale? Mbe ho ayo mahera bazoyakura hehe? C’est très grave Mr le Président!

  • Ariko abarundi turi inkeha bwenge,aha uyu mugabo nkurumbi wurutwe nimirazi tubandanye dupfa,twicwa ninzara kubera inyungu ziwe numuryango wiwe,nimba abahutu n’abatutsi tunaniwe kubona uwodutwara ntitwozana umu congo canke umu kenya,ougande bakadutwara ubuzima bwacu bukagenda neza.

  • Erega aho woja usanga nyamitwe arayatanze!!!

  • Bampemuke ndamuke bazokwamaho,abo Barondera Inyungu Zabo Si Izumugambwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.