Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro y’amategeko atatu niyo iriko irigwa n’inama nshikiranganji
Integuro y’amategeko atatu niyo iriko irigwa n’inama nshikiranganji
jeudi 31 Gitugutu 2013
Inama nshikiranganji y’Uburundi yakoranye mu gatondo ko kuri uwu wa kane, irongowe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi. Integuro y’amategeko ane niyo ategekanijwe kwiga, hamwe n’utuntu n’utundi.
Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi bitegekanijwe ko ahava ashikiriza integuro y’itegeko rijanye n’amasezerano y’ingurane yateweko umukono ku genekerezo rya 29 Nyakanga 2013 hagati ya Leta y’Uburundi n’ibanki BADEA (Banque Arabe pour le Développement Economique en Afrique). Iyo ngurane ikaba izokoreshwa mu gusanura n’ugukomeza inyubakwa z’ubworozi.

Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu niwe ahava ashikiriza integuro y’itegeko rigenga amasezerano y’ugufashanya hagati ya Reta ya Quatar na Reta y’Uburundi. Ikibazo cari cavuzwe mu nama nshikiranganji iheruka c’uko inyubakwa Reta y’Uburundi yashikirije ishirahamwe PNUD zifashe kirasubira kugarukwako, hamwe n’ikibazo c’amadeni bijanye.
Imbere y’uko biga utuntu n’utundi, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu arashikiriza nawe integuro y’uguhindurira ikibanza akarere ka "Gakara" kashikirijwe ishirahamwe "Rainbow International Ressources Limited" kugira amatongo yagurwe.








Egide Nduwimana
Messages
3 Gitugutu 2016, 22:50, par Samson Gweze Love
Murakoze Kurizo Nama Mwama Mwagize.Dipfuza Ikuruzanyu Nizasebarundu Nyakwubakwa Pierre Nkurunziza Numufasha wiwe Ndabakunda Baragahora Kugoma.