IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro z’amategeko 11 zizokwirwa mu nama nkenguzamateka

Integuro z’amategeko 11 zizokwirwa mu nama nkenguzamateka

mardi 4 Ruheshi 2013

Mu kwezi kwa Ruheshi, inama nkenguzamateka y’Uburundi yiteguriye kwiga amategeko cumi n’imwe, muri ayo harimwo kwiga integuro y’amategeko, uguserukirwa kw’abanyagihugu, n’imigenderanire iri hagati y’abatowe n’abanyagihugu.

Mu bikorwa vy’inama iza, integuro z’amategeko cumi n’imwe zitezwe kwirwa. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Gaburiyeri Ntisezerana umukuru w’inama nkenguzamateka kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013, igihe yariko arugurura ibikorwa vy’inama, inyuma y’ukwezi bari bamaze bari mu karuhuko.

Integuro z’amategeko rero zizirwa n’inama nkenguzamateka n’izi :

1. Integuro isubiramwo itegeko inomero 100/187 yo ku wa 24 Kigarama 1991 igenga itunganywa ry’imyiyerekano n’amanama mu Burundi.

2. Integuro y’itegeko rigenga ubushobozi bw’abategetsi bo hejuru ku barongozi bo hasi

3. Integuro y’itegeko rigenga ishirwa ry’amashirahamwe ya Leta mu minwe y’abikorera utwabo mu myaka itanu iri imbere.

4. Integuro y’itegeko rigenga amasezerano hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika mu ku garukira ku bateshwa izabo.

5. Integuro y’itegeko rigenga abazoba bagize umurwi wo kumenya ukuri n’ukurekuriranira

6. Integuro y’itegeko rigenga ibijanye n’ugucukura ubutare

7. Iteguro y’itegeko rigenga inyigisho z’amashure mato mato n’ayisumbuye mu Burundi.

8. Integuro y’itegeko rigenga isubiramwo ry’ingingo 1, 24 na 25 y’itegeko inomero 1/135 ryo ku wa 5 Kigarama 2008 rigenga ivy’ubutunzi

9. Integuro y’itegeko ribuza ugutoteza agateka ka zinamuntu n’ibindi vyaha bigirirwa ikiremwa muntu

10. Integuro y’itegeko rigena amasezerano hagati y’Uburundi n’Urwanda, rishiraho inyubakwa icungera urubibe rw’ivyo bihugu vyompi ruri mu Gasenyi-Nemba.

11. Inama nkenguzamateka ikaba kandi itegura ibibazo izobaza abari muri Leta mu gihe baba batumiwe kwishura kubibazo bitandukanye.

Ugukurikirana ibikorwa vya Leta kandi, bikaba bizokorwa n’imirwi y’abakenguzamateka bisunze ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.