IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yabeshuje ko inteko z’abarundi ziri muri Somaliya na Centrafrika zigiye (...)

Reta yabeshuje ko inteko z’abarundi ziri muri Somaliya na Centrafrika zigiye kwirukanwa

mardi 29 Ndamukiza 2014

Hamaze iminsi hari inkuru zivuga ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishobora kwirukana inteko z’Uburundi zagiye kugarukana amahoro mu bihugu vya Centrafrique na Somaliya. Reta y’Uburundi irabeshuza ayo makuru

Ivyo bikaba bivuzwe inyuma yaho hasohokeye urwandiko rwo mw’ibanga rwakozwe n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi. Urwo rwandiko rukaba ruvuga ko hari ibirwanisho vyoba vyarahawe bamwe mu rwaruka ruri mu mugambwe CNDD-FDD, kandi ko ata gikozwe ibintu bishobora kuyangara. Ivyo vyose Reta y’Uburundi ikaba yaravyiyamirije, mbere n’uwari umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi mw’ishirahamwe ONU, Paul Debbie, arirukanwa mu Burundi ubutarariye.

Bivugwa ko ishirahamwe ONU ryoba rigiye gufata iyo ngingo mu ntumbero yo gusaba ko Reta y’Uburundi ko yofata mu minwe ikibazo c’urwaruka rw ‘Imbonerakure zoba zarahawe ibirwanisho. Izindi nkuru nazo zikavuga ko vyoba bivuye kw’iyirukanwa mu Burundi rya Paul Debbie.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu burabeshuza izo nkuru. Bukavuga ko ivyo ari ibihuha ataho bifatiye. Ubwo bushikiranganji bubicishije bicishije ku muvugizi wabwo Daniel Kabuto, buvuga ko Uburundi buriko buraronderwa n’ishirahamwe IGAD, kugira burungike inteko, kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Sudani y’Epfo.

Twobibutsa ko ivyo bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bindi bihugu vyinjirinza uburyo butari buke igihugu cacu, mu gihe bumaze imisi atari ikirenga cane.


Isabelle Simbarakiye

Messages

  • Iyo ngingo ntawo isengereko mugambo ndaguye ndagarutse let it be kubera abategets bacu ntibiyumvira. Uryia incuti ukinovora intundu.

  • ikinyoma.com idyocura dyibinyoma dyanyu muzorigabanya nibura dyari?

  • Aba dd murarya mumenga ntimubona komwikuye akanyam mumenyo?mudahanurwa nubwobaharira iyinkurunatanguye kuyibona ejo kubindi bimenyesha makuru barundi ahantimubona ko twinjiye mubihugu biri muri ambarago?nkabimwe vyokuri leta yabuyoya?we cdd ntavyutarokwega

  • Nanje nti; kw’Isi hobahabonetse umuntiworoshe woguhagarika amabi utagoye? jewe ndibuka igihugu conyene cigeze kudahuza na ONU maze kicakivugako nibakibandanya kizokura ingabozaco mubutumwa zarungitswemwo bwokugarukana amahoro!? Nunomusi ONU ntiyasubiye kugikomakoma. None abiburundi ONU niyigomba ibirukane!!! Bamwebavugako barosamahirwe yokujakwisumamwo egogontawobiharira , arikontawokwiyibagiza kwarinogutanga amaraso. Kubwivyorero nduburundi nabimenyeneza kobabivuze bopanga kubirukana italiki 30 nanjenkatangazoko ingabozanje zose zikwiye kubazageze mugihugu bitarenze italiki 5 kabisa turamazekubona ko ubukene bubuza kwisanzura murugo iwawe.

  • NUKWICARA BAKUMVIKANA IMBERE YOGUFATA IYO NGINGO KUKO NTIHUMURIZA.UCUMENGO NI BRAS DE FAIRE.KANDI IMPANDE ZOSE ARI ABAGABO BIJUNJA NIJAMBO.BYOBA BITEYE NISONI.NUKURI NIBARABE UKUNTU BOBIKORA.

  • jewe maze igihe nsoma nongera numva amakuru avugwa akandikwa nibimenyeshamakuru agaca kumu Samirizi amwe amwe ariko ugasanga ayomakuru ntakuri nakumwe kurimwo kiretse ububeshi gusa,ugucanishamwo abarundi ,ndetse nukubaca umutima muri biryanabiriya dukeneye kumenya nimba ama Medias nabanditsi bivyo binyamakuru hari inyungu baronka bariko bakora ukwo canke nimba haruwabatumye afise izindi ntumbero,ubu tugezaho tutazosubira gusoma amakuru yibinyamakuru bibesha nama Samirizi abesha tuyahebe kuyumviriza kuko kuba aruguta umwanya.

  • None abo basoda bacu bagarutse is amaraso bagiye gutanga?igihe batari bwagende somalia ntibabaho?ahubwo jewe mbona UN ikwiye gukomera amashi uburundi ntibubakureyo koko buriko bukora ibikora inka!

  • Ndumva ari ibihuha bitagira 12

  • None uburundi bubaye ubwitangazamakuru ryibinyoma? Nikoye wanyemezante ko ONU yabwira umwanditsi ko yiteguye kwirukana ingabo zigihugu runaka zirimubutumwa bwokugarukanamahoro ntibibwire leta izongabo ziturukamo? Rwose niyaba ibyobintu arukuri abakozi ba ONU bakorera muburundi bashobora kubaribo babwira itangazamakuru ibirimwo bitegurwa gukorerwa abarundi na leta yabo. Nimbanaho ataruhara babifisemwo numwanyamwiza wokubonako ababanditsi arabanyabinyoma kandibakagira icobabivuzeho nogushitaka abobafata ibyiyumvirobyabo bakavyitako aribyavuzwe na ONU. Bitabayibyo njyembona bishobokako ONU iriko irarondera izindingabo zogusubiriza aho izongabo zabarundi zizabazivuye, Iyabamwarabandi mugihe ONU itogira icivuze kuribyobyanditswe nuwomwandi, mwahitamugarura vubanabwangu ingabo zuburundi mugihgu nyine.

  • Nashaka nsabe reta y’uburundi ikure abasoda bayo aho hose yabisabwe turabe ko ONU itayikomera amashi!!Turavye abasoda bacu bamaze kupfira hanze nibatahe bakore akazi k’igihugu!!

  • abarundi musigaye munyisha pe umengo ntimugikund a igihugu kera bavuga ko ingorane zumuryango zaherezwa murugo nono ubu musigaye muzivuga hantu hose gushika abantu basigaye bibaza ko igihugu cahiye

  • We pantient ngaha muburundi
    ntavyimiryango bikibaho imyaka 8 namezi iraheze leta ya dd inigagura bantu ibidiga ntibisibagutorwa hanyuma ngivyimiryango?ahubwo yababandi bohanurwa bakumva amabibarigukora niyari kugira ingarumbi mugihugu kutabwirw
    nabaringho barashonje baryabonibaza bazoshika babahokora nibarindire bagumebagura imizeze harigihe batoronka ahobabirira

  • Mbega uyomukuru wa ONU mbega bwamirukanye kugirango igihugu kebehogute?? Ko ONU niyo yamayafashashije ibihugu mbega igihuchachu tuzogitahagute kugirango tutore mumatora gute utekano utarimwiza

  • nimba koko ONU haricibiziko yonyene niyivugire kuko turamenyreye abanditsi bandika ibinyoma gusa ahubwo turashaka kumenya inyungu bibifitaho cange uwubatuma nicabagamije ariko atarugucanishamwo abarindi ntakinti

  • Ivyosivyo ON nije Murwanda hoho batuvyongerumutekano.

  • TUZOKWAMA DUFASHA KUGARUKANA UMUTEKANO MUBINDI BIHUGU KUKO UBURUNDI TURIKWIJE KANDI TURAKOMEYE

  • Reta Y’Uburundi Nihagarare Ishikamye Abarundi Turimaso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.