International Crisis Group yasavye ko Abasirikare b’Uburundi botahukanwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 21 Rusama 2016 saa 10:00
Yasomwe : 133767
0 0

Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukinga amatati kw’isi International Crisis Group, ryasohoye icegeranyo cerekana ivyo cise inkurikizi z’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza. Iryo shirahamwe ryasavye ko Abasirikare b’Uburundi barungitswe kugarukana amahoro mu bindi bihugu botahukanwa iwabo.
Iryo shirahamwe ridomako urutoke ingorane ziri mu gihugu, rikanahanura ivyokorwa kugira Uburundi busubire kwogorora. Muri ico cegeranyo, nk’uko tubikesha VOA, International (...)

Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukinga amatati kw’isi International Crisis Group, ryasohoye icegeranyo cerekana ivyo cise inkurikizi z’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza. Iryo shirahamwe ryasavye ko Abasirikare b’Uburundi barungitswe kugarukana amahoro mu bindi bihugu botahukanwa iwabo.

Iryo shirahamwe ridomako urutoke ingorane ziri mu gihugu, rikanahanura ivyokorwa kugira Uburundi busubire kwogorora.
Muri ico cegeranyo, nk’uko tubikesha VOA, International Crisis Group yerekana ko Abarundi isinzi bahunze igihugu, ko mu Burundi haba ingwano hagati ya Reta ya Nkurunziza hamwe n’imirwi itaramenyekana neza, ko ubutunzi n’umutekano vyagumye bitituka naho Reta y’i Bujumbura ivuga ko vyose bigenda neza.

International Crisis Group igashimikira cane cane y’uko naho amasezerano y’i Arusha yasa nayari yaratoreye inyishu ikibazo c’amoko mu Burundi, ko ibintu vyasubiye ibuti.
Iryo shirahamwe rihanura Reta kwemera ibiganiro vyubaka bitarimwo uruhendo, kureka ibinyamakuru vyigenga n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike gukora mu mwidegemvyo, hamwe no guhagarika gutoteza abatavuga rumwe na Reta.

Ishirahamwe International Crisis Group rihanura imigambwe itemera Reta ihari ko yokwiyubara gukoresha inguvu, ikitwararika nyabuna ibiganiro vyubaka hamwe na Reta kugira amatati ahere.
International Crisis Group isaba kandi ko amashirahamwe mpuzamakungu, ONU, Ubumwe bwa Afurika, umuryango w’ibihugu vyo mu buseruko bw’Afrika hamwe n’ubumwe bwa Buraya kuvuga rumwe babanje gushiraho umurwi mpuzamakungu uhagarikira ibiganiro.

Muri icyo cegeranyo, uwo muryango uvuga ko hakwiye kandi umurwi uhurikiyemwo CNARED, FNL hamwe na CNDD-FDD kugira batosorere hamwe amasezerano ya Arusha, babone kuyumva kumwe.

International Crisis Group isaba ibihugu n’amashirahamwe yahagaritse imfashanyo mu Burundi gusuzuma neza ko amashirahamwe akironka mwene izo mfashanyo ataho ahengamiye.

Ubumwe bwa Buraya busabwa kandi kudacisha muri Reta amafaranga ahabwa abasirikare barungitswe muri somaliya, mbere ubwo bumwe bwa Buraya bukarondera ibindi bihugu vyosubirira Uburundi kugira abasirikare b’Uburundi batahukanwe iwabo.

Kumenyekanisha

1
morodikayi. 27-05-2016 à 07:40

Jewe ndashigikiye iyongingo yokugarukana abo basirikare ngaha muburundi.nibazanwe bacungere umutekano wa benewabo bahejejwe nabari bajejwe kubacungera.

2
Morodikayi Jon 27-05-2016 à 07:34

I joined hand wash all should be brought home,their family come pleat.

3
Bigirimana 24-05-2016 à 14:41

Nibatahe Ntaco Basoboye Iwabo Vyabananiye

4
Nene Nesta 23-05-2016 à 18:45

Nibaveyo nakare nukutumaramaza gusa ntakindi bazi atari guta umwanya naho bavayo ntawo bagurira agacupa bahereza muvyabo bibaberere icigwa uwoshaka yokwitonda kwiyisi

5
jeanpierre 23-05-2016 à 13:23

ahubwo nibanyarutse amanyama ahere

6
Alice Irumva 22-05-2016 à 19:12

None ko mwaka ko bataha hari ico mufiseko inyungu!Kuberiki bavuze ngo batahe mwese mumera amoya imitsi ikadariza? Harikintu munyegeje mwo ariko mudashaka kuvuga?Iyaba atanyungu zanyu gusa zirimwo ntimwari kwanka ,bari kuvuga rimwe mugataha mumumezero!

7
Charles 22-05-2016 à 15:54

Iyo International group crisis ni corrompus takuri kwabo ahubwo cokimwe na ICC ico bakora bariko barondera gusambura ama leta ya Africa atorohereza ibihugu vyabo kugarukana ubu colonie. Kurya ICC ibihugu vya Africa biriko biyivamwo, Africa niyiyamirize ICC ireke kudukindirako. Irahengamye ihengamiye kuba putschistes no kubandi bicanyi baraye bahatswe guhekura uburundi.Nta nyigisho bakwiye kuduha ! Umuhanuzi mwiza ntahengama, ntabashingantahe barimwo ! Bararaba ivyiwabo Iburaya na Amerika !

8
ABALAM Kame 22-05-2016 à 12:39

Ababipfa n ababisangiye,@nd umurundi muto ariko no mubigira abahambaye iyo ndaburaye nta numwe unyitayeho ngw abimenye maze ngo ampembure! Only God Is Solution....

9
Unifier 22-05-2016 à 10:19

If so then why does the international crisis group claim to be there for finding solutions to different crisis wherever and whenever they arise? Does it real know the purpose for which it established ? Is to take back burundian soldiers an accurate solution or a jealous ? Have they well learnt further the solution ? Do what helps not what damages and distabilises. Thank u

10

11
Unifier 22-05-2016 à 10:18

12
Unifier 22-05-2016 à 10:17

13

14
Unifier 22-05-2016 à 10:16

15

16
Unifier 22-05-2016 à 10:15

17
Unifier 22-05-2016 à 10:14

18

19
Unifier 22-05-2016 à 10:13

20
habarugira 22-05-2016 à 08:23

ariko namwe abisi muratangaje mbe mubona ivyo musaba bizokunda erega imbere yuko barungikwa muri ivyo bihugu kugarukana amahoro hariho amasezerano hagati yareta yuburundi na oni basinyiranira kandi ahambaye.namwe vyukuri nyimba mukunda abarundi bavugire ukundi kuntu kandi mubifitiye ububasha.abarundi turabakunda kubera muvugira abarundi neza.

1 | 2 | 3

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha