Accueil > Amakuru > u Burundi > Saïd Djinnit yagendeye Uburundi
Saïd Djinnit yagendeye Uburundi
vendredi 17 Gitugutu 2014
Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini, Saïd Djinnit yagendeye Uburundi kuri uwu wa gatanu.
Saïd Djinnit niwe aheruka guhabwa amabanga y’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini. Mu ntumbero yo kwibonanira n’abatwara ibihugu biri muri ako karere, Saïd Djinnit yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, mu ntara ya Gitega.

Saïd Djinnit, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini yari yaherekejwe na Parfait Onanga Anyanga, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.

Egide Nduwimana