IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Saïd Djinnit yagendeye Uburundi

Saïd Djinnit yagendeye Uburundi

vendredi 17 Gitugutu 2014

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini, Saïd Djinnit yagendeye Uburundi kuri uwu wa gatanu.

Saïd Djinnit niwe aheruka guhabwa amabanga y’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini. Mu ntumbero yo kwibonanira n’abatwara ibihugu biri muri ako karere, Saïd Djinnit yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, mu ntara ya Gitega.

Saïd Djinnit, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini yari yaherekejwe na Parfait Onanga Anyanga, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.