IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa zidasanzwe mu karere k’ibiyaga binini zisaba abarundi gusubira mu (...)

Intumwa zidasanzwe mu karere k’ibiyaga binini zisaba abarundi gusubira mu biganiro

jeudi 13 Myandagaro 2015

Intumwa zidasanzwe ziserukira amakungu mu karere k’ibiyaga binini zimenyesha ko Ibibazo vya politike n’umutekano muke, bibandanya mu Burundi bisaba kwihanganirana, ubuyobozi n’ukubona kure, ku mpande zose kugira bitume ubwicanyi butabandanya.

Izo ntumwa zidasanzwe ziserukira amakungu mu karere k’ibiyaga binini ziriyamiriza ibitero biherutse kugirwa, zikaba zihayagiza abo bose bariko batera akamo gasaba gutekana.

Umurwi w’intumwa zidasanzwe ziserukira amakungu, zirimwo, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini, Said Djinnit, Intumwa idasanzwe y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Ibrahima Fall, intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello,n’abandi,bariko basaba ihagarikwa bidatevye vy’ubwicanyi.

Basaba kandi kwubahiriza uburenganzira bw’ikiremwa muntu, n’ubwingenge ngenderwako hamwe n’ugusubira kubandanya ibiganiro bihuza abanyepolitike bose mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu Burundi.

Izo ntumwa zidasanzwe ziserukira amakungu mu karere k’ibiyaga binini ziriyamiriza ubwicanyi bwahitanye General Adolphe Nshimirimana, igitero cahatswe guhitana ubuzima bwa Petero Claver Mbonimpa arongoye APRODH n’igitero cagizwe ku mumenyeshamakuru, Esdras Ndikumana, n’abandi, izo ntumwa zikaba zisaba abo bose babigizemwo uruhara kubibazwa hisunzwe amategeko.

Izo ntumwa zimenyesha ko ubwicanyi butazotorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi, ko ahubwo bizotera umutekano muke kurushiriza.

Intumwa zidasanzwe ziserukira amakungu mu karere k’ibiyaga binini, zisaba Reta y’Uburundi, n’izindi mpande za politike, gusubira mu biganiro bidakumira kandi ata kibazo na kimwe bisiga inyuma.

Izo ntumwa zimenyesha ko ibiganiro nkivyo kugira vyizigirwe, kandi bigire ico bishikako, biteregezwa kwihweza ibibazo nkoramutima birimwo kwubahiriza agetake ka zina muntu, ubwigenge bw’igikorwa co kumenyesha amakuru.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.