Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Intumwa zidasanzwe z’akarere k’ibiyaga binini zashigikiye ubumwe bwa Afrika
Yanditswe taliki ya 26-10-2015 - isaha 11:23' na IGIHE

Umurwi w’intumwa zidasanzwe z’akarere k’ibiyaga binini umenyesha ko ushigikiye ingingo zafashwe n’inama y’umutekano n’amahoro y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku bibazo biri mu Burundi. Uwo murwi uvuga ko nawo wemera ko ibiganiro bihuza bose kandi bishingiye kw’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha arivyo vyonyene vyogarukana amahoro mu Burundi.

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa mbere, intumwa zidasanzwe z’akarere k’ibiyaga binini zivuga ko zishigikiye bimwe bikomeye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ku cegeranyo iryo shirahamwe ryasohoye c’ivyokorwa kugira amahoro, umutekano, hamwe n’intwaro ibereye bigaruke mu Burundi. Izo ntumwa zimenyesha kandi ko zishigikiye umuhuza Kaguta Yoweri Museveni yahurijweko n’ishirahamwe ry’ubumwe za Afrika, ko ariwe yohagararira ivyo biganiro. Nk’uko biri muri iryo tangazo, izo ntumwa zimenyesha ko zashimishijwe kandi n’ingingo y’uko ivyo biganiro vyobera hanze y’igihugu c’Uburundi, i Kampala canke Addis Abeba, kugira n’abatari mu Burundi bazoshobore kwivyitaba.

Tubibutse ko inyuma y’inama ku Burundi yagizwe n’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, icegeranyo casohotse kimenyesha ko ibihugu bigize uwo muryango vyumvikanye ko hagiye gukorwa amatohoza akomeye kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu hamwe n’ubwicanyi bibandanya gukorerwa abanyagihugu b’abarundi kuva imbere n’inyuma y’amatora yo mu 2015.

Kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, iminsi 45 akaba ariyo yatanzwe kugira icegeranyo c’ayo matohoza kizobe casohotse.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ibihano bizofatirwa abazokwagirwa n’ivyo vyaha, ivyo navyo akaba ari kubabuza ingendo (interdictions de voyage), gufata ubutunzi bwabo (Gel d’avoirs). Mu bazofatirwa ibihano kandi hakaba harimwo n’abazoba bakoresheje imvugo zikwegera abantu mu bugizi bwa nabi.

Iryo tangazo ry’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ubwicanyi mu Burundi bwiyongereye cane, kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015, igihe Petero NKURUNZIZA ashizwe imbere mu kirongo ca gatatu, mu kibanza c’uguserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu, ivyiyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamenyessheje ko yahonyanze amasezerano y’i Arusha.

Ivyiyumviro vyanyu

Mwavyanka mwavyemera tuzoganira ibindi iyi ni ntwaro yitorewe na benegihugu mubandanije mugagaza twe abenegihugu tuzoyihagarira democratie ntigende akagirire

30.10.2015 à 17:35
patriote

Naho Amakungu Ahagarara Ku masezerano Ya Arusha Je Mbona Aribo Bashigikiye Ibintu Vy’amoko Vyari Bikwiyeko Ikibazo C’amoko Kiva Mumitima Yabantu Amasezerano Ya Arusha Akavanwaho Kuko Ashimangira Ivy’amoko Maze Bagaha Ubushobozi Abanyagihugu Bwo Kwitorera Indongozi Bataravye Ngo Uyu N’umuhutu Canke N’umututsi Canke Ngo Ivyegera Ngo Biva Murububwoko Canke Buriya !

29.10.2015 à 05:58
Nshimirimana Olivier

Luc
Komera ivyo uvuze nivyo,je ndi umututsi akorana na peter nahisemwo gukorana n’abahutu kubera bahohotewe,komera nivyo nama mvuga nibareke kwihutisha dialogue tubanze turasane ,jewe ariko nongerako 5 ans ikaba ibaye 10 ans,donc 10 ans y’umuziki muri ville hazosigare uwo imana ishaka

28.10.2015 à 18:57
fidelite

Abakoze Ivyaha Nkivyo Nibahanwe Kuko N Imana Ntizo Bababarira.

28.10.2015 à 08:39
Kamariz
27.10.2015 à 11:51
rutwe

Ntashobora kwitabibiganiro,abikuzimu,bamuhaye gasopo gusubira kwurira indege,nne azoshika kampala ninkaranobe ?natimbire ngoho tumutozintoke ari mwikareso,hanyuma tumuhonde muri rurya ruhara ,namavya tuyace

27.10.2015 à 10:09
jiji

ONU=OUA ?Nta soni !

27.10.2015 à 10:06
bb

nisenge bizocamwo. uwuri kur vola niyesu

.

27.10.2015 à 09:46
kwizera

ASHA NAKAMARAMAZA BASI MBE NKIZIMBWA NI ABA POLISI CANKE NI INTERAHAMWE NIMBONERAKURE ? NI HEHE UMU POLISI ASHOBORA KWIYADUKIZA MUBANYAGIHUGU AKABAMARA ABARASA ASHA NKURUMBI HAMWE YAMA ADUHENDA NGO ARASENGA UBU TWARAMUHINYUYE BURYA YARI INGWE YIYAMBITSE URUSHATO RWINTAMA ! ASHA NTAMURUNDI AZOSUBIRA GUHENDWA NA NKURUMBI BASI HAMA ABO BA BONO BABA DD BIHENDA NGO BAZORWANA MPAKA IMYAKA 5 NGWIHEZE NIBARORERE GATOYI ARYA MEZI AZOHERE IYOMBWA PETER ITISHIKANYE IMBERE YA KIZIGENZA MUKURU ARONGOYE UBUMWE BWUBURAYI HAMA ZOCE ARABA YUKO CNARED ITAZOMUTOZA IMINWE AKAMERA NKA LAURENT GBAGBO !

27.10.2015 à 08:35
CEDRIC

ukonabibona,abantubakorerumugambwurikubutegetsi umengontabwengebagirabwarabaheranye nibarorere amategeko yagiyekuza nonebobontiyazobafata ?igihugukigiyekugwamukaga mugabikinryohera nukonabonyenebarimwo

27.10.2015 à 08:28
mudahusha

Classement 2015 : Les 25 pays les plus
pauvres du monde
ACTUALITÉ 24 octobre 2015 ,
ï µ45 commentaires ï ®26574
Partager sur Facebook Partager sur Twitter
Partager sur Google
Selon le classement de Forbes, basé sur des
données du FMI, le continent le plus riche du
monde (Afrique) a les habitants les plus
pauvres au monde. En effet, parmi les 25 pays
les plus pauvres au monde, seuls trois ne sont
pas africains.
Ci-dessous, un tableau listant les 25 pays les
plus pauvres au monde.
Rang
Pays
PIB par habitant (en dollars US)
1
Burundi
315,2
2
République centrafricaine
338,7
3
Malawi
352,7
4
Gambie
384,2
5
Madagascar
392,6
6
Niger
403,4
7
Libéria
469,1
8
République démocratique du Congo
478,2
9
Guinée
545,6
10
Togo
578,1
11
Guinée-Bissau
582,2
12
Afghanistan
614,9
13
Ouganda
625,3
14
Mozambique
626,2
15
Erythrée
630,3
16
Burkina Faso
631,4
17
Mali
672,2
18
Sierra Leone
675,2
19
Ethiopie
702,1
20
Bénin
709
21
Comores
736,8
22
Rwanda
742,9
23
Népal
751,1
24
Haïti
829,6
25
Sénégal
934,6

27.10.2015 à 07:30
fidelite

iryo ri DD ryishimikiza abashinwa n’abarusiya mbe batumariyiki ?abarundi twenyene tuzomwishoborera.

27.10.2015 à 05:59
Niyonsaba

nuk nyene

26.10.2015 à 22:49
itangishaka love

(URUGO NTINTIGWUBAKIRA URUNDI.)

26.10.2015 à 22:07
BIGIRIMANA LEONIDAS

yemye.mwese.abandika.mwandike.ivyubaka.vyukuri.peter.reka.gusesa.amaraso.yabarundi.nvuze.wewe.kuko.vyose.vyavuye.kuri.we.ndashigikiye.ue.onu.nibindi.bihugu.

26.10.2015 à 21:56
ruhwa

BIRAME MBONE

26.10.2015 à 19:53
LOGER NDACAYISABA

Murabesha twaramutoye.tuzorasana gushika imyaka itanu iheze.kumeza umurego ubuho ico mwarondera mwitwaza ngo ni mandat caramenyekanye.

26.10.2015 à 18:03
Luc

NUKUR AMASENGE SHO NAMARIRA YABARUNDI NGIRA IMANA YAYABONYE NAKARE NGO AHARI ABAGABO NTIHAGWA IBARA JEWE NAHO NDI MUBUHUNGIR NDA BISHIMY ARIKO NYAMBA HARIHO IBIHAN KURI NGURUKA NABUMENY NIBAZ BARAHANA ABO BATUKANA HARI HO INTU USHO BORA GUSOMA NAWE NISONI RIKAZ MURAKOZ

26.10.2015 à 17:42
MANIRAKIZA CHACHA lenad

NUKUR AMASENGE SHO NAMARIRA YABARUNDI NGIRA IMANA YAYABONYE NAKARE NGO AHARI ABAGABO NTIHAGWA IBARA JEWE NAHO NDI MUBUHUNGIR NDA BISHIMY ARIKO NYAMBA HARIHO IBIHAN KURI NGURUKA NABUMENY NIBAZ BARAHANA ABO BATUKANA HARI HO INTU USHO BORA GUSOMA NAWE NISONI RIKAZ MURAKOZ

26.10.2015 à 17:40
MANIRAKIZA CHACHA lenad

ABIYITA DODO HAGABIMANA SEMERERA FARCON MUZOPFA MWIPFUZA TEKEREZE TUBAMESE KOMUHAMAGARAMAKUNGU ?GUMEHAMWE TUBASHISHIME KUKO INKONA NTIYARUZWA,KANATSINDA NTAWUBUZINKONA KWARARA

26.10.2015 à 17:25
INTAGOHEKA
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.