IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa zidasanzwe z’ibanki y’isi yose zagendeye Uburundi

Intumwa zidasanzwe z’ibanki y’isi yose zagendeye Uburundi

mardi 30 Nyakanga 2014

Umunyamabanga mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Salvator Ntacobamaze, yahaye umubonano kuri uwu wa mbere intumwa zidasanzwe z’ibanki y’isi yose zirongowe n’umupfasoni Leanne Bayer, umuhinga mukuru mw’iterambere ry’imibano n’imigambi.

Uwurongoye izo ntumwa asigura ko ibanki y’isi yose yarungitse izo ntumwa nk’inyishu ku biganiro umukuru w’igihugu yaronkeye i Washington, mu nama ya mbere idasanzwe yahuje Afrika na Reta zunze ubumwe za Amerika.
Ibanki y’isi yose yarungitse vuba na vuba izo ntumwa zayo muri aka karere mu ntumbero yo kwiga neza, bari kumwe n’abategetsi b’ivyo bihugu, ibikenewe n’ivyoja imbere mu mugambi wo kworosha urudandazwa mu karere n’Uburundi buherereyemwo.

Ibanki y’isi yose itegekanya ibahasha y’umuriyaridi n’imiliyoni amajana atatu y’amadorare ku bw’uwo mugambi wo kworosha urudandazwa, werekeye Uburundi, Ouganda, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Urwanda, Tanzania na Zambia.

Salvator Ntacobamaze yarashimiye izo ntumwa, azisaba kubonana n’abatwara ibisata bitandukanye kugira bamenye aho ibibazo biri, mu bijanye n’ukworosha urudandazwa hagati ya Afrika na Reta zunze ubumwe za Amerika.


Nadège Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.