IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intwaro ibereye n’ubutegetsi bwegereye abanyagihugu ni ishingiro (...)

Intwaro ibereye n’ubutegetsi bwegereye abanyagihugu ni ishingiro ry’iterambrere

mardi 29 Nzero 2013

Kwegereza ubutegetsi abanyagihugu n’uburyo bwiza butuma intwaro yegera abanyagihugu. Ukwegereza ubutegetsi abanyagihugu n’uburongozi bw’akarere bifitaniye isano kuko butuma uturere twigenga mu bice bimwe bimwe no kubuha uburyo n’ibikoresho bibufasha kwiteza imbere.

Uburongozi bw’akarere ni umugambi wo guhuza ibikorwa bizorangurwa n’ubutegetsi bw’akarere, amashirahamwe adaharanira inyungu za politique, abikorera ivyabo, n’abanyagihugu kuko nabo babifisemwo uruhara ntangere.

Ivyo bizotuma ibikorwa vy’akarere bitaraba umutegetsi umwe wenyene ariko biraba n’abatari muri reta n’abenegihugu ari nabo bakeneye gutunganirizwa mu nzego zifata ingingo. Ku bwa Evariste Ngendakumana umuhinga mugutumatumanako amakuru, mu vya politike, igitsina, no gutsimbataza amahoro n’umutekano,ngo ubutegetsi bwegereye abanyaguhugu nugukorera hamwe kw’abenegihugu mugutunganya no gushiraho imigabo n’imigambi y’iterambere ry’akarere, na cane cane ugushikira vyoroshe ibiro bitunganiriza abantu.

Kwegereza ubutegetsi abanyagihugu ni umugambi wa reta wo gufata inzego zimwe zimwe ikazishira mu karere nko muntara canke mw’ikomine. Nkuko Umushingantahe Ngendakumana yabivuze imitumba n’amakomine bizokwigenga kuburyo arivyov yifatira ingingo kandi vyitegurira imigambi y’terambere n’uburyo ikoresha ariko ishinzwe ijisho n’uwuyiserukira muri reta. kwegereza ubutegetsi abanyagihugu ni umugambi uzotuma akarere kahawe ubwigenge gatorera inyishu ibibazo gafise.

kwegereza ubutegetsi abanyagihugu bifise intumbero yo kwegereza intwaro abanyagihugu kugirango bagire ico baterera mu gufata ingingo no mu gukemura ibibazo bikora kubuzima bw’karere ivyo bituma intwaro rusangi itsimbatara.

Kwegereza ubutegetsi n’intwaro abanyagihugu birafitaniye isano kuko vyose bifise intumbero imwe iyo nayo ikaba ari ugukorerera hamwe mugukemura ibibazo bihanze ako karere rero kugirango izo ntumbero zishike nkuko vyavuzwe na Evariste Ngendakumana kwegereza ubutegetsi abanyagihugu bitegerezwa kwisunga intwaro ibereye nukuvuga gukorera mumuco, gutanga ivyegeranyo vy’ivyakozwe, ubwizigirwa, kwitabira ibikorwa , ubutungane, kumenya ivyo abanyagihugu bakeneye n’ibindi .


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.