IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi zahawe amanota 92 kw’ijana

Inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi zahawe amanota 92 kw’ijana

vendredi 26 Kigarama 2014

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arakeza ubutwari inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi zerekanye mu gukomeza umutekano, yaba mu gihugu c’Uburundi canke mu bindi bihugu aho izo ntego zirungikwa kugarukana amahoro. Umukuru w’igihugu yasavye abasirikare n’abaporisi kwirinda abobacanishamwo.

Mw’ishure ry’igiporisi riri mu Mitakataka mu ntara ya Bubanza, kuri uwu wa gatatu, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yaripfurije umwaka mwiza w’2015 inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi. Muri ivyo birori, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarashimiye izo nzego ku butwari zerekanye mu bikorwa vy’ukubungabunga umutekano w’igihugu, ari navyo vyatumye mu gihugu cose harangwa amahoro n’umutekano, nk’uko vyashikirijwe na Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Petero Nkurunziza yahaye inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi amanota agera ku bice 92 kw’ijana (92%), amenyesha ko ivyaranguwe n’izo nzego bitera iteka igihugu cose. Petero Nkurunziza yasavye abajejwe umutekano kurwiza na kabiri inguvu mu mwaka w’2015, kugira amatora yimirije azogende neza.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahanuye abasirikare n’abaporisi ko boguma bafatanye mu nda, ntibacanishwemwo, bagengwe n’indero, kandi ntibatege amatwi abo umukuru w’igihugu yise "Abansi b’Uburundi" bakwiragiza ibihuha n’ububeshi, mu ntumbero y’ugucanishamwo abarundi. Abashikiranganji babiri, aribo Général-Major Ponsiyano Gaciyubwenge ajejwe ukwivuna abansi hamwe na Gabriel Nizigama ajejwe umutekano, bemereye umukuru w’igihugu ko izo nzego zizobandanya kubungabunga umutekano w’abanyagihugu.

JPEG - 38.3 ko
Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji wo kwivuna abansi

Mw’ijambo yashikirije abipfuriza umwaka mushasha, Petero Nkurunziza yahanuye abasirikare n’abaporisi ko igikorwa cabo kitogarukira ku gucungera umutekano gusa, ahubwo ko bokwitaho n’ibindi bikorwa vy’iterambere, nk’ugutera ibiti.

JPEG - 45.4 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Egide Nduwimana

Messages

  • Nivyo mbere yabahaye make,none yisunze iki?mbega abigisha bobo yabahaye angahe?baramerewe nabi pe! mbega bazokwitaba amatora?murabambariza!

  • Murakoze nyakwubahwa mukuru w’igihugu cacu cuburundi kuduhera amanotameza enzegozumutekano wigihugucacu, ahamubona kw’Isi yose kuvatuvuye muntambara yiryanezamoko ayomakungu aracitangaza kukuntu inzegozumutekano zavyifashemwoneza cane nunomusi abarundi bamokoyose basigaye bubahwa kubwizonzego zumutekano, nayokubwabanye Politike twarabokwankwa urunuko! Nawumbarire nkabantu bitoye bagasitanura ONU Ngo leta iriko irategura jonucide! Ubumusirikare wuburundi icubahiro yohabwa mumakungu ntahogipfagipfana nuwovenda avugako arumunya politike. Nonendabeshe gabarundi bavukanyi?

  • natwe turahaye abasirikare 99% iryo rimwe nuko gaciyubwenge yibagiye ico ajejwe akaja kugabisha abanyagihugu ngo ntibagire ivyo barekuriwe namategeko ?tuzogira manifestation hama agombe agire ico ashaka.UMUNTU APHA RIMWE GUSA.MUGA ABANA BACU HAMWE NABA GACIYUMBENGE NA PITER BASIGARE BARI MUGIHUGU CAMATA NUBUKI SOKURU YADUSIGARANYE.

  • Matana, imbere kowogira manifestation banzurabe distance irihagati yicogihugu wandikiyemwo ubwobutumwa iyohari ucuraba nuburundi iyoburi, hanyuma gaciyubwenge ivyoyavuze nimbabitakunezeye ivyojewe ntitwobipfa ariko iconokubwira nuko Gaciyubwenge abonakure, ndaguhayakarorero nkajewe umunyagihugu nkawe numva ivyabantu birirwa bamenamatwi ahonibereye ku kivi vyandambiye nkumvananje naboduhuje natwe twocatuza tugahurira mwiyo manifestation ucawumva uwohangayika arinde? Ndazi kwarabobashinzwe umutekano, ngicogituma nakubwiyeko Gaciyubwenge abonakure. ariko amanita wamuhayeyoyo jewenanje turayahurirako kukoducerewe kuyabaha amakungu yodutanga kuyabaha kukodukunze gucererwa guhamanotameza umukuru wigihugu cacu Nkurunziza amakungu akadutanga kuyamuha kuberatwebwe twishinga kwiyumvira ngo amazimyaka ingahe atwara?

  • Emwe Barundi twibagira n’ingoga canke mwigira sindabibazwa aho muba mushigikira ibidashigikirika Gaciyubwenge ahubwo niyongerwe grade n’ay’umuporisi nakorogwe kk akorera umugambwe adakorera abanyagihugu. Uwavuze ko abarundi bose bafise amahoro abirigwa bicwa s’abarundi? Vugako bamwe bafise amahoro abatari muri cndd atari abarundi kandi atahoro bafise. Jw uwumutekano ndamuhaye umudari m’ibimaramare

  • nukuri vraiment uwutoshima igikorwa inzego zokwivuna abasi zikora yoba ari ntaho mfatwa,arko ukobirikose ntizinganya amanota nizumutekano!ahubwo nabandany nabandi kugira uwakoshej yikosore,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.