IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inzuki zaraye zihaye inkumbi

Inzuki zaraye zihaye inkumbi

lundi 18 Ntwarante 2013

Umwana umwe yaraye yitavye Imana ariwe n’inzuki zari zaritse imbere y’ivuriro rya Rugwiza muri komine Nyabikere, intara ya Karusi. Bashikiwe batatu nabo bararemvye aho bari mu bitaro bikuru vy’i Buhiga bazira izo nzuki.

Hari kuri uno w’Imana igenekerezo rya 17 Ntwarante, aho uwurongoye ivuriro ry’i Rugwiza yariko aragerageza kwimurira izo nzuki ahandi hantu, nazo zica zirara mu bantu, aho zarya uwahita wese, na cane cane abana bari mu rugo rwegereye iryo vuriro.

Abanyagihugu b’aho i Rugwiza baratwawe n’agashavu, gushika n’aho bahatswe kugandagura uwo muvuzi, nawe amaze gutabarwa aca yiyemeza guhambisha uwapfuye, no kuvuza abo bana b’abigeme batatu bavukana n’umuhisi.


Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.