Accueil > Amakuru > u Burundi > Inzuki zaraye zihaye inkumbi
Inzuki zaraye zihaye inkumbi
lundi 18 Ntwarante 2013
Umwana umwe yaraye yitavye Imana ariwe n’inzuki zari zaritse imbere y’ivuriro rya Rugwiza muri komine Nyabikere, intara ya Karusi. Bashikiwe batatu nabo bararemvye aho bari mu bitaro bikuru vy’i Buhiga bazira izo nzuki.
Hari kuri uno w’Imana igenekerezo rya 17 Ntwarante, aho uwurongoye ivuriro ry’i Rugwiza yariko aragerageza kwimurira izo nzuki ahandi hantu, nazo zica zirara mu bantu, aho zarya uwahita wese, na cane cane abana bari mu rugo rwegereye iryo vuriro.
Abanyagihugu b’aho i Rugwiza baratwawe n’agashavu, gushika n’aho bahatswe kugandagura uwo muvuzi, nawe amaze gutabarwa aca yiyemeza guhambisha uwapfuye, no kuvuza abo bana b’abigeme batatu bavukana n’umuhisi.
Jean Michel Ndayikengurutse
Messages
18 Ntwarante 2013, 09:57, par dumbuli
ni ukuri iyi ni isanganya idasanzwe,ni ukugirira ikigongwe uriya muvuzi w’ivurirorya Rugwiza n’ukuri yazicokoje atabishaka.