IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu yugawe

Iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu yugawe

lundi 27 Ndamukiza 2015, par Jean De Dieu

Radio RPA Ijwi ry’abanyagihugu ihejeje kugarwa n’igiporisi, ivyo bikaba vyakozwe bihagarikiwe n’umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura.

RPA rero ikaba yugawe, inyuma y’aho n’igisata c’iyo radiyo cari cugawe mu ntara ya Ngozi. Uretse uwo atwara igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, hari kandi n’uwuitwa Kazungu, uwo nawe akora mu rwego rw’igendereza. Kazungu akaba ari nawe, ku va mu gatondo ko kuri uyu wa 27 Ndamukiza, ari mu buragije ibikorwa mu kigo c’abamenyeshamakuru, aho na bamwe mu bakenyezi babamenyeshamakuru bakubaguwe.

Abamenyeshamakuru n’abanyagihugu isinzi bari aho kuri RPA, bakaba basa n’aho bagandaye. Umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru Alexandre Niyungeko ati :’’ Barundi, barundikazi, haguruka murwanire ubwigenge bwanyu’’. Alexandre Niyungeko akaba yavuze ko kwugara ibinyamakuru, bifise intumbero ivyinyegeje inyuma. Ku bwiwe, ati:’’ Ejo biriwe baraburagiza amaradiyo, abantu baraye baranigagurwa muri komine ya Cibite’’. Nayo Innocent Muhozi, nta vyinshi yavuze, ati:’’ Jewe ndumiwe’’.

Tukabamenyesha ko Audifax Ndabitoreye umwe mu bariko barahiganinwa mu kwitoza mu kiringo c’umukuru w’igihugu, avuga ko kwugara RPA, vyibutsa, ibara ryaguye mu mwaka w’1972, aho abamenyeshamakuru b’iradiyo y’Abaporoti bugajwe ku nguvu za Micombero, inyuma y’aho yari itanguye kuvuga abantu bariko barahonywa.

Unviriza amajambo yanyuma kuri RPA


IGIHE

Messages

  • nukuri rpa yugawe ntakintu nakimwe kivugigwa aha mugihugu tukimenya ahubwo nibabirabe.

  • bashaka kubona iryo abanyagihugu tugona muradushikiriye aho mwaturondereye pe!!!

  • Ahomuragitoye vyaribiteyisoni kubona iradio ikorera mugihugu izwinamategeko igakora nkirandiyo yigeze kuba mu Rwanda yitwa eruteremu erega niriyarandiyo eruteremu yariyabanyagihugu nonentihariho aboyavuga bakanezererwa kandirimwo iracibintu mugihugu, niyo radiyo erupeya nicokimwe iravuga ibintu vyogucimvutu nokwankanisha abenegihugu abarundi bamwe bakayishimira.

  • Gahanga wishe n’iki????????

  • Mbega ivyo bi criminels ntibabona ko iminsi yabo iri kurushi ? ego ni bugare,bazane izo Nterahamwe bazikoteshe,ariko,ariko,ariko ,nabari bakibafise ko aka espoir,abarundi n,amakungu barabavuma ivyo bivumwe nibitekere bihunge tous burundais admireront leur chute .

  • UBUTEGETSI BUBI BURISENYA,KANDI IYUBUTEGETSI BUSHAJ BUSUMBWA NIBUTURA ISHAJE.BAYUGARA,BAREKA,NIYABANYAGIHUGU NTIBAKORAKO.AMARASO YA BABANYOKURU ARABAHUMIYEEE.....!SIJE NOHAHERA HOHERA UWISHABANYOKURU B’ABABIKIRA.

  • KOBAMAZE KUYUGARA IGISIGAYE NUKUITAKO AGACANWA KUKO IRATEYEISESEMWE

  • Bayifunze Hageze Kuk,abanyagihugu Twari Twazivye Amatwi Kubwibihuha Ishikiriza Imbere Niheza Kurusha Ivy,ivuga Komera Polisi Twizere Ko Ejo Nzodugura I Buja

  • IKIMBABAJE NUKO BARIKO BAKORA IBINTU BYOSE BARATEBYE,IYI RADIO BABA BARAYIFUNZE MUKWA MBERE,NONE UBU BYARANGIYE IBYAVUGIWEHO NIBYO BISHUMITSE IGIHUGU.

  • Harya ugutwi kw,impene kwumva iyo kumaze kugera mu nkono, uku bugaye iradio RPA ku mugaragaro, niko bishe na ba babikira mw’ijoro! aho bica vyibonekeza. IMANA yoyo ntibayifyineko.

  • ewe burundi uratwengeje; ugirubukene nokuburamahoro? ntibishoboka ko wotwara igihugu icuka kimezuko. erupe iravyunyuye.

  • None mugisagara ca bujumbura biri gute?

  • abatutsi ni mwumve neza yuko mutegerezwa kubana nabandi .nta jenoside ihaye irategugwa yo kubamara ,ni mureke kubesha mu biba ungwango rutahari .None igihe mwica abantu muri 72 ,65 ,93 ntega na Marangara mwibaza ko abo mwishe batari abantu ? ntaho bizabashikana ahubwo ni muhinduke twese twubake Burundi bwacu hamwe .

  • Bakiri mw’ ishamba R P A niyo yamenyesha ivyabo mu makungu, niyo yabafashije none barabashimiye ewe Nkururunziza urigorewe kandi abarundi bagukunda bibaye urundubi. Bariko baraguhenda

  • KABISA IGIHUGU CU BURUNDI KIRAMEJE IMANA ITABARE IGIHUGU CU BURUNDI NA BARUNDI KUKO ABADAYIMONI BAHAGURUKIYE IGIHUGU CU BURUNDI

  • Mbanje kwihanganisha abarundi mu bihe bikomeye barimwo! Nyakubahwa perezida kubw’ ineza nurukundo wagiriye igihugu cyawe, tabara Uburundi amazi atararenga inkombe. koresha umutimanama wawe wirinde abagushuka bakugira igikoresho cyabo kubw’ inyungu zabo, ereka urukundo abarundi ubatabare, nutabikora igihugu kirahinduka amaraso...? kdi uzabona ko wibeshye nyuma! ubu niwowe ufite ijambo ryanyuma kubuzima bw’ abarundi...ndakwinginze tabara rubanda IMANA izabiguhembera... ifatire icyemezo kugiti cyawe uhindukire kw’ ijambo, maze amahoro agaruke mu burundi no mukarere. murakoze. mumbabarire mutambutse ikifuzo cyajye.

  • Mbanje kwihanganisha abarundi mu bihe bikomeye barimwo! Nyakubahwa perezida kubw’ ineza nurukundo wagiriye igihugu cyawe, tabara Uburundi amazi atararenga inkombe. koresha umutimanama wawe wirinde abagushuka bakugira igikoresho cyabo kubw’ inyungu zabo, ereka urukundo abarundi ubatabare, nutabikora igihugu kirahinduka amaraso...? kdi uzabona ko wibeshye nyuma! ubu niwowe ufite ijambo ryanyuma kubuzima bw’ abarundi...ndakwinginze tabara rubanda IMANA izabiguhembera... ifatire icyemezo kugiti cyawe uhindukire kw’ ijambo, maze amahoro agaruke mu burundi no mukarere. murakoze. mumbabarire mutambutse ikifuzo cyajye.

  • iyomyirekano niyabatutsi gusa nimurabe namwwe ababigize abaribo

  • Emwe kiramvu ngo nakamuna. nakamuna kweri.ariko abarundi nitwihangane ibi bizohera twiruhutse.ariko naho bayugara bibuke ko nabo yabavugiye nari mwishamba.kandi abantu vise bazicwa mugacerere atakibavugira bazobazwa abanyene bugara ama radio. ariko ntanvura idahita urugamba bardot rushushe tubai rugiye kurangira.nkaba mpojeje avant menyeshamakuru ha RPA na cane cane Josiane ndamubwira nti yihangane kwikubagurwa yagiriwe.

  • Nous donnons un ultimatum de 24h a Nduwimana de reouvrir notre radio, sans conditions. Sinon, nous allons appeler au soulevement populaire (et non plus aux manifestations). La liberte d,expression chez les Barundi, c,est notre identitE acquise au prix d,enormes sacrifices. On sera inflexible la-dessus.

  • NTAKUNDI ABARUNDI DUKWIYEGUHA TGURUKA

  • Imana Iratubona Kandi Abanye Politike Bareke Kuza Bacisha Kuri Twebwe Abanyigihugu Mukurondera Inyungu Zabo Mbega Ko Baca Banyika ?

  • kuba barayugaye barihenze siwomuti.kuko iyumugwayi arenvye umujana kwamuganga.uciye wugara ivuriro acajanwa mubavuzi bimiti y’ikirundi.kandinahonyene,arakira.kandi ici mana yasezeranye itegerezwa kugishitsa.uwishumuntu harigihe bishika ntabe ariwe amuhambisha.twebwe turindiriye isezerano ryiwana yacugusa.murakoze.

  • Mbe Kobugayy Iz Radio Amakur Tuzo Yakurahe? Mbega Bazugayekubera Iki? Mbega Bazozugururaryari? Je Numva Mbabaye Cane!!! .Ariko Hinge Turindire

  • Mbe Kobugayy Iz Radio Amakur Tuzo Yakurahe? Mbega Bazugayekubera Iki? Mbega Bazozugururaryari? Je Numva Mbabaye Cane!!! .Ariko Hinge Turindire

  • ivyari vyinyegeje inyuma vyariseruye

  • kubirikobiraba muburundi bibabajebeshi nkurunziza yiyumvirako nyene atazopfa?birahinduka.ugasanga inkende ikiruka kubwa murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.