Accueil > Amakuru > u Burundi > Iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu iriko irahimbaza imyaka 12 imaze itanga (...)
Iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu iriko irahimbaza imyaka 12 imaze itanga amakuru
lundi 4 Ntwarante 2013
Ibintu ngo biragiye guhinduka mu mikorere ya RPA. Ivyo nibivugwa n’umuyobozi mukuru wa RPA Ijwi ry’abanyagihugu mu gihe iyo radiyo iriko irahimbaza imyaka 12 imaze isamirana. Abanyagihugu bumviriza iyo radiyo ngo barashima akazi iyo radiyo irangura.
Nkuko bivugwa n’abanyagihugu bumviriza iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu ngo iyo radiyo irabafitiye akamaro kanini cane kandi iyo radiyo ikora yigenga.
Kubwa Sylvestre Ntibantunganya ngo akunda cane iyo radiyo kuko ikora idatinya igitsure ca bategetsi. Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi kandi nawe yahoze ari umumenyesha makuru kw’iradiyo y’igihugu avuga ko iyo radiyo yigenga koko kandi akayishimira ku kazi ibandanya ikora.
Abanyagihugu baje kuraba ukuntu iyo radiyo ikora nabo ngo amakuru n’ibiganiro vya RPA ijwi ry’abanyagihugu ngo birabafasha bikanabakiza. Jimmy Willy Cleaf Irindiha yahoze ari umugwanyi w’umuhari FNL ikiri mw’ishamba ,kubona akiriho ngo abikesha vyose RPA. Nkuko uwo yasubijwe mu buzima busanze afise ipete rya majoro avyivugira ,ngo iyo radiyo yaramutabarije ishikana n’amajwi yiwe kure, abona kurokoka na bagenzi biwe batanu mu gihe baronderwa buhongo ngo bicwe.
Abarongoye amasendika nabo nyene ngo RPA ni radiyo yumvirizwa cane mu gihugu eka no mumakungu. Audace Bizabishaka atanga akarorero kigihe c’amasaha ya makuru mu kirundi avugwa ku muhingamo. Uwo arongoye sendika nkuru y’abadandaji ngo abantu bose batumbereza umurongo kuri 93.7 canke kw’ 107.1 FM igihe c’isasita n’igice kugira ngo bumve amakuru ayagwa uwo musi. Audace Bizabishaka arongoye SYGECO asaba ko abakozi na bayobozi ba RPA bakomere ku muheto kandi barabe ukuntu bokwongereza ibiganiro, iradiyo ikavuga amasaha 24 kuri 24.
Umuyobozi w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu arakenguruka ukuntu abanyagihugu nabo bashima ivyo bakora. Eric Manirakiza amenyesha ko hasigaye vyinshi bizokorwa ubu mu migambi yihuta afise. Muriyo harimwo kuronderera uburyo iradiyo ikigenga idatega amashi ; iradiyo ikumvikana hose mu gihugu harimwo no mu mahanga.
Uwo arongoye RPA ijwi ry’abanyagihugu abandanya amenyesha ko agiye gukora ukwo bishoboka kwose iradiyo arongoye yironse inzu yayo bwite aho izokorera batarinzi gukota. Eric Manirakiza aheraheza amenyesha ko kuva kuruyu wa kabiri igihe iradiyo izoba irumanije imyaka 12 isamirana mu gihugu no mu mahango ko ibimenyetso nu muhora mushasha w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu aruwo www.rpa.bi bizotangura gukora ukuri kwamye.
Iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu yatanguye gukora kuva kuwa 5 ntwarante 2001 ikaba yashinzwe na Alexis Sinduhije ubu yatanze imihoho mu buyobozi bwiyo radiyo.
—
Patrick Wasso
Messages
4 Ntwarante 2013, 10:02, par Sorensen
Bon annif RPA.
5 Ntwarante 2013, 06:49
RPA, ISABUKURU NZIZA RADIYO DUKUNDA, KIRAMVU DOMITILA NIBAGUHE IKIDARI CUMWAKAKA, URI NTORE, RPA RAMBA, UTERE IMBERE NKUMUZINDA,ABAKWANKA BAKWA.......
5 Ntwarante 2013, 07:03, par Kwizera Eliézer
jew ndi umunyeshule wo muri UB nashaka ndabakeze ku myaka 12 mumaz mudushkiriza inkuru yimvaho nongera ndabashmirira kubwitonzi n’ubukrebutsi bibaranga.
Nipfuza ko mwogira akigoro iradiyo igashka mugihugu cose kuko nka jew mvuka i bukemba mu rutana rpa ntituyumva neza hariho ibic itumvikana
umusi mukuru mwiza.
Murakoze.
5 Ntwarante 2013, 12:25
waouh joyeux anif ma radio préférée muze muashiraho nIBIGANIRO VY IMANA bitwigigisha ubuntu bwayo nkubwo yabagiriye
yari igirubuntu
29 Gitugutu 2013, 23:21, par nyabenda
ndakunda ibiganiro vyaradio rpa
16 Munyonyo 2013, 10:12, par KANUMA
Numva ntagira aho nohera naho nohereza kugira kugira nshimire RPA,ariko ndaca kumayange .RPA yahinduye ibintu vyinshi PoSiTiVeMeNT mubuzima bwighugu.kuvugira abato nabakuru,ubwoko bwose ndetse nomumadini habonetse ingorane murahashika ,abasirikare nabaporisi ntimwabibagiye . Iradiyo igwanya igiturire, ubusuma mumatungo ya leta ,rape gufata kunguvu abakenyezie abapfakazi nimfuvyi barenganywa,nabitwaje amabanga
16 Munyonyo 2013, 10:25, par KANUMA
Numva ntagira aho nohera naho nohereza kugira kugira nshimire RPA,ariko ndaca kumayange .RPA yahinduye ibintu vyinshi PoSiTiVeMeNT mubuzima bwighugu.kuvugira abato nabakuru,ubwoko bwose ndetse nomumadini habonetse ingorane murahashika ,abasirikare nabaporisi ntimwabibagiye . Iradiyo igwanya igiturire, ubusuma mumatungo ya leta ,rape gufata kunguvu abakenyezie abapfakazi nimfuvyi barenganywa,nabitwaje amabanga
23 Munyonyo 2013, 20:02
Mugume kwibanga mutibagiye nogutegura abazobasubirira bashitsa ikirenge ,amaso. Namatwi harya mugeza.
8 Nzero 2014, 13:51, par Bwingenge
Ndakunda Radio RPA kuko ari Radio Yabanyagihugu bose kandi itegamiye ubutegetsi bwa Nkurunziza ikongera ikavugishukuri kubiba Mugihugu C,Uburundi vyose ,atagucisha kuruhande nkayandi Ma Radio tubona ngaha Mugihugu cacu C,uburundi.Komera kumuheto nawe mukuru wa RPA abanyagihugu twese turagushigikiye!
4 Ruhuhuma 2014, 15:45, par bukuru
mukomere kumuheto mwirambire nkisima yakera, mbe muhagaze gukora twokwambara ibara.
17 Ntwarante 2014, 13:54, par Soma ibije
Kubwanje nashaka gusaba abakuru bi radio RPA ko boza barakoresha ururimi rw’ikirundi hamwe n’icongereza hanini bakoresheje English kubera ari international vyafasha cane no mu mahanga . Kandi burya French kimaze guta manda ubu . Murakoze
17 Ntwarante 2014, 13:59, par Soma bije
Kubwanje nashaka gusaba abakuru bi radio RPA ko boza barakoresha ururimi rw’ikirundi hamwe n’icongereza hanini bakoresheje English kuri uriya muhora wabo (www.rpa.bi)kubera ari international vyafasha cane no mu mahanga . Kandi burya French kimaze guta manda ubu . Murakoze }
23 Ndamukiza 2014, 01:49, par severin
mukomere kumuheto niryo banga mwiyemeje ryo gushikiriza ivyiyumviro vyabanyagihugu
23 Ndamukiza 2014, 03:29, par severin
ndashima akigoro mugira mugushikiriza ivyiyumviro vyabanyagihugu nagomba ko mwozoduha umurongo wo gutasha incuti nabagenzi ukoresheje kwandika murakoze
31 Myandagaro 2014, 01:57
RPA, ramba!! komera!!! shinga icumu mu Burundi no mu makungu!!!!wongere uhayagizwe ku kazi ukora!!!uronke nimidari.hama IMANA ikuzigame yongere iguhe ivyo wifuza vyose kugirango utere imbere mu kazi kawe misiyose.
Mbega iyo utahaba tuba tugeze hehe?
RPA "ivyo IMANA yasezeranye kuri wewe izobikora kandi izonyuranya nivyo abantu bibwira.izohezagira ibikogwa vyawe,kandi isi yose izotangazwa nuko ur’amahoro maze abakwanka izobagukundisha, vuga uti "amen" kuko mu nzira zayo zirenga 1000 ntizobura aho ica ngo igutabare. ongera uti "amen ".
24 Nyakanga 2014, 09:17, par havyarimana oscar
rpa ivuga ibigenda nabi gusa.kubera iki mutavuga ibigenda neza navyo?
28 Nyakanga 2014, 09:05, par hamza-issa
turashima akazi kanyu kuko mukora ivyo muzi kandi bibereye. tubasaba ko mwotuzanira imboneshakure hama mumakuru yanyu mukaducishirizamwo ayo mumakungu muncamake.
30 Gitugutu 2014, 20:19, par nsavyimana pascal
ahaaaa?radio ijwi ryacu niyirambire kandi ibndnye itubera ijwi ryukuri kandi utemenyesha ivyedekeye igihugu cacu mubisata bitndukanye.ramb rpa.
4 Munyonyo 2014, 13:25, par mukiza
Wapi rpa mwigisha amacakubiri muraryanisha amoko ntaho mutaniye nuwagandaguye Ndadaye
23 Munyonyo 2014, 19:34, par rwembe
komera rpa KIRAmvu ntutinye kuduh amakuru
Imana irababona
30 Kigarama 2014, 20:39, par Ahmed shaban
Kira rakheri radio y"umma mwenyezi mungu awabariki kwakazi mnazozifa,,napa nikiwa#OMAN MUSCAK’’’’’’’’
4 Ruhuhuma 2015, 12:39, par claudensengi@gmail.com
Ni iradiyo itarya umunwa
17 Ndamukiza 2015, 05:58, par Nestor mbazumutima
Nelson Mandela ntako atariyakoze mukubahuza sinzi uwundi’ho bazomukura mugihe bonyene baticaye hamwe ngo barabe ikibazo ahokiri ngo bafatane mumugongo mukugikemura. None uburundi buzob’ ubwande mugihe abogitwaye neza bariko baragitabagaza
17 Ndamukiza 2015, 07:08, par Nestor mbazumutima
Nelson Mandela ntako atariyakoze mukubahuza sinzi uwundi’ho bazomukura mugihe bonyene baticaye hamwe ngo barabe ikibazo ahokiri ngo bafatane mumugongo mukugikemura. None uburundi buzob’ ubwande mugihe abogitwaye neza bariko baragitabagaza
20 Ndamukiza 2015, 15:47, par hakizima jean.bosco
nukuri radio.rp nirambe ku 90%nibo bayunviriza kuko twebwe.abanyagihugu tumenya vyishi tutigera tumenya itaribwaze nuko.bamwebamwe ntibayeme arikobihora ubusa ikivuga nuko.abayemera aribenshi!iciyunviro canj radio erpy.nikore yivuye inyuma.namwaburya tugeze mubihe bigoye.ahusanga abantu bicwa ataco bazira.nukorero radio erpy yarikwiye kuronka ubudahangagwa igakora.atabayitera igitsure!nukur bamenyeshamakuru.turunvako mutworoherezwa mukaz.kanyu kamisiyose mwihangane ntimudohoke Imana niyonku!
turunvako bb arondrwa ninkozizikibi mubandanye mudutohoreza turikumwe namwe mutugumire kwivora.
Murabeho
yari jean.bosco hakizimana
prv karusi
comi shombo
24 Ndamukiza 2015, 16:56, par Ediger Athuman
Yeeeeemwe!!!umukuru w’iradiyo rpa komera kumuheto nturekure,cank gutange imihoho,kuk iyo atab rpa, abanyangihug tubatugez ahatemb,arigihe ubutegets buzohinduka,kuk twarushe,amen
26 Ndamukiza 2015, 17:15
In December of 2013, a bill meant to reform the patent process inside United States passed overwhelmingly inside the bipartisan House with a vote off 395 to 95, and then fail inside Democratic-lead Senate 5 months later. If the employer carries a moral or religious opposition to birth prevention, they can legally be capable of terminate the employment on the woman. If, however, you choose tto contact ann invention and patent company, there are a helpful and streamlined atmosphere for filing your patent annd seeing your inveention visit fruition like a new product ready for production. Here is my homepage pendaftaran merek
20 Rusama 2015, 21:09
oi, tudo certo?, somos a empresa Minha Prote
23 Rusama 2015, 10:34
Ol
25 Rusama 2015, 19:47
ol
16 Myandagaro 2015, 22:17, par FELICIEN
SINDUHIJ NNE KO YATANZE IMIHHO NNE ARI HE?
5 Gitugutu 2015, 19:02, par Mu ki zwa
Nifuzako Zarandio Erepya Isubiraguknra
26 Gitugutu 2015, 15:39, par Jacqueline Niyonzima
Nivyukuri radio rpea nibandanye itera ljimbere kuko nkabarundi bari hanze yigihugu iratunenyesha ibiba mugihugu cacu!
30 Kigarama 2015, 21:21, par manirakiza ismael
ega muburundi rpa turayikunda nubwo benengango batayiyumvamwo nikomere kumuheto
28 Rusama 2016, 09:55, par Diyodom
Nukurierpeya,yamyeariyanbere,ahirihose,imana,nibanfashe,kumeyekanisha,ukur
12 Ruheshi 2016, 18:40, par eric dany steeven
Uburundi bwari ubwakera igihugu cabicanyi
20 Mukakaro 2016, 20:51, par vianney
humura
26 Gitugutu 2016, 05:11, par rugwe
komera
12 Kigarama 2016, 07:18, par Charles Ndikumana
Ndashima Radio Rpa Kububangutsi N,ubutwari Yaryiye Iragira Mumakuru Atandukanye Mbese Nomukudacika Intege Mugihe Abamenyesha Makuru Baguma Baturubikwa Bahorwa Inkuru Bahaye Abanyagihugu Bo Mugihugu Mbese Bamwe Bakemera Bakaguma Kwivola Mbese Banka Nokuva Kwibanga Biyemeje Mukuguma Baduha Amakuru.Rpa Nisasagare Mugihugu Hose Inashingimizi Ubutakivaho Mpaka Ibihe Vyose,burya Umwana Yankwa Niwe Akura.Murakoze
12 Kigarama 2016, 07:20, par Charles Ndikumana
Ndashima Radio Rpa Kububangutsi N,ubutwari Yaryiye Iragira Mumakuru Atandukanye Mbese Nomukudacika Intege Mugihe Abamenyesha Makuru Baguma Baturubikwa Bahorwa Inkuru Bahaye Abanyagihugu Bo Mugihugu Mbese Bamwe Bakemera Bakaguma Kwivola Mbese Banka Nokuva Kwibanga Biyemeje Mukuguma Baduha Amakuru.Rpa Nisasagare Mugihugu Hose Inashingimizi Ubutakivaho Mpaka Ibihe Vyose,burya Umwana Yankwa Niwe Akura.Murakoze
21 Ndamukiza 2017, 06:52, par Stany
Icovuganukoduhoratuyumvirizakumaterefone Ububikababidakunda
26 Rusama 2017, 20:57, par Umunyagihuguwomuntarayangozi
Ndumunyagihuguwomuburundi Ndashimukuntu R p a Iturungikiramakuru Akadushikira Twosabiyoradiokoyobandanya
21 Ndamukiza 2018, 10:38, par Niyomwungere
Amakuru Yanyu Aratunezera Mwozamuraya Dushirako Kurife Cebook.Tukayumviriza Kumusikumusi . Mwoba Mukoze Cane Ubutuyumva Haheze Imisibiri Mutwiteho Gosi Tutayumvise Tuba Duhomvye Gosi
23 Ndamukiza 2018, 07:30, par cyiza emmy
RPA ndayikunda ariko kugirango ndoke ibiganiro byayo birangora mwomfasha uko?
17 Nyakanga 2018, 21:22, par Eric niyongabo
Jewe icipfuzo canje nuko iyo radiyo yogaruka mugihugu canke tukayitora kuri fm kurya kwa bbc canke voa murakoze.