Inyuma y’igihe kitari gito itumvikana mu gice c’ubuseruko bw’igihugu,Iradiyo y’igihugu igiye gusubira kwumvika.
Nkuko amakuru dukesha iradiyo y’igihugu abimenyesha,iradiyo y’igihugu yari yaretse kwumvikana mu buseruko bw’igihugu inyuma y’aho imoteri ikoresha ivyuma birungika amajwi ipfiriye.
Iyo moteri yari ku musozi wa Birime muri Komine Bweru y’intara ya Ruyigi yatuma ivyuma birungika amajwi bikora yapfuye haraheze igihe kitari gito,ivyatumye iradiyo y’igihugu idasubira kwumvikana.
Imoteri yari yaragize ikibazo yarasubirijwe,iradiyo y’igihugu ikaremesha abanyagihugu bo mu ntara na Ruyigi na Cankuzo ko mu minsi ya vuba bagiye gusubira kwumva iradiyo y’igihugu isamirana.
Iradio kabondo ntamakuru ya yo kuko ntivugisha ukuri ivyo yatohoje, abayirongoye bategekwa ivyo bakwiye kuvuga ibikozwe nareta bigayitse bategekwa kutabitangaza. haragahaze kwiyo radiyo. nibaze barishirirako imiziki gusa.