Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Abakirisu bidogera abajejwe intwaro, igiporisi n’imbonerakure (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Kirundo : Abakirisu bidogera abajejwe intwaro, igiporisi n’imbonerakure (...)

Kirundo : Abakirisu bidogera abajejwe intwaro, igiporisi n’imbonerakure kubarandurira ibiterwa

mercredi 7 Nzero 2015

Ishengero EIPSP (Eglise Internationale de la Puissance du Saint Esprit) ryo mu ntara ya Kirundo rimenyesha ko ryakiranye umubabaro ntangere, irandurwa ry’umurima waryo w’igiterwa ca Stevia,aho ibikorwa vyari bihagarikiwe na musitanteri ari kumwe n’uwurongoye uburimyi mu ntara.

Nk’uko amakuru ava mu ntara ya Kirundo abivuga, musitanteri wa komine ya Kirundo ari kumwe n’uwurongoye igisata c’uburimyi n’ubworozi muri iyo natara, bakaba bazindukiye kuri uyu wa mbere mu gatondo igenekerezo rya 6 Nzero uwu mwaka, ku musozi wa Iyaranda, aho baranduye amatuta n’imivyaro y’ico giterwa bingana n’ihegitari zibiri n’inusu, muri ico gikorwa abo bategetsi bakaba bikoze ku baporisi hamwe n’imbonerakure ziva mu mugamwe uri ku butegetsi CNDD FDD, nk’uko aya makuru ava muri iyo ntara abandanya abivuga.

Abari muri iryo shengero bakaba bamenyesha ko batumva icatumye barandurirwa imbuto, mu gihe bo atavya poritike barimwo, ndetse n’abariko baragerageza kwiteza imbere ari abakirisu bari mu migambwe yose. Bavuga ko aho umurima wabo wari ugeze, bahomvye amafaranga angana hn’imiriyoni cumi, bakavuga ko abanyagihugu bahomvye cane, uravye ubwigoro bari bagize kugira biteze imbere.

Mu ntwaro mu Kirundo bavuga ko ico giterwa kitemewe n ’amategeko, ari ico catumye bakirandura, ndetse bikavugwa ko hari n’uwundi murima ugiye kuzorandurwa w’ico giterwa ca Stevia uri muri komine ya Busoni.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.