IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ABUCO ntiryemera ibiciro vyo kwiyunguruza vyashinzwe

Ishirahamwe ABUCO ntiryemera ibiciro vyo kwiyunguruza vyashinzwe

mardi 23 Kigarama 2014

Ishirahamwe ry’abaguzi mu Burundi ABUCO ntirishimishirwa n’ibiciro vyo kwiyunguruza vyashinzwe inyuma yaho igiciro c’igitoro kigabanuriwe kw’isoko mpuzamakungu ku rugezo rutari rumenyerewe.

Ibiciro vyo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura vyavuye ku mafaranga 350 bija ku mafaranga 340 mu gihe hari hitezwe ko ibiciro vyo kwiyunguruza bizoca bigabanuka cane ugereranije n’igabanuka rw’igiciro c’igitoro kw’isoko mpuzamakungu ryabaye kw’igenekerezo rya 18 Kigama 2014.

Naho ubushikiranganji bwo kwiyunguruza mw’itangazo bwasohoye buvuga ko ibiciro vyo kwiyunguruza no gutwara ibintu vyogabanuka, hagati mu gihugu bikagabanuka kugeza ku bice 4 kw’ijana, ishirahamwe ry’abaguzi mu Burundi ryo siko ribibona. Petero Nduwayo, umuvugizi w’ishirahamwe ry’abaguzi mu Burundi ABUCO avuga ko hamwe hokwisungwa urutonde rwa nyuma rw’ingene ibiciro vyo kwiyunguza vyakozwe mu kwezi kwa Mukakaro 2014, ibiciro vyo kwiyunguruza ntivyari kugabanuka ku bice 4 kw’ijana gusa, ariko bikagabanuka n’imiburiburi ibice 5 kw’ijana.

Petero Nduwayo akibutsa kandi ko n’igihe igiciro c’igitoro cari giheruka kugabanywa, ibiciro vyo kwiyunguruza vyari vyashinzwe ku mafaranga 345 abatwara imiduga yunguruza abantu baca bishirira ahabo, batangisha amafaranga 350.
Kubwiwe akabona abona ko hamwe hofatwa igiciro c’amafaranga 345 yari yongerejwe mu kwezi kwa Mukakaro 2014 akagwizwa n’iryo gabanuka ry’ibiciro c’ibitoro ringana n’ibice 5 kw’ijana, hoca hatorwa amafaranga yababa 18 yategerezwa kugabanuka ku biciro vyo kwiyunguruza, akaja ku mafaranga yababa 330.

Umuvugizi w’ishirahamwe ABUCO ahamagarira ubushikiranganji buraba ivyo kwiyunguruza hamwe n’ubw’ubudandaji gusubiramwo iyo ngingo y’igabanuka ry’ibiciro vyo kwiyunguruza bwafashe, agasaba kandi ko n’abaguzi boshirwamwo mu gufata ingingo kuko ingingo zifatwa zibega nabo nyene.

Tubibutse ko haciye iminsi ibiri igiciro c’igitoro kigabanuwe kw’isoko mpuzamakungu, kiva ku mafaranga 2340 kija ku mafaranga 2020, amazutu ava ku mafaranga 2200 aja ku 2150, peterore nayo iva ku mafaranga 2020 ija ku mafaranga 1920.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.