IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ABUCO ririyamiriza ingingo yo kuduza igiciro c’igitoro

Ishirahamwe ABUCO ririyamiriza ingingo yo kuduza igiciro c’igitoro

mardi 15 Ndamukiza 2014

Ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO riranegura ingingo iherutse gufatwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji yo kuduza igiciro c’igitoro. Muri iryo shirahamwe bamenyesha ko iryo duzwa ry’igiciro c’igitoro rije gusongera isibe ku bukene bwari buhasanzwe.

Ubushikiranganji bw’ubudandaji buheruka gufata ingingo yo kuduza igiciro c’igitoro, kiva ku mafaranga 2270, gishirwa ku mafaranga y’amarundi 2300 ku ritiro. Iyo ngingo yafashwe mu gihe umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yaheruka kumenyesha ko igitoro kitazoduzwa, ari naco gituma yari yashikirije ko kitazorihishwa itagisi rishasha "Taxe de sûreté" ritangwa n’abadandaza. Mw’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO (Association Burundaise des Consommateurs) bariyamiriza iyo ngingo iheruka gufatwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji.

JPEG - 36.2 ko
Noel Nkurunziza, umukuru w’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO

Kubwa Noel NKURUNZIZA arongoye ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO, iyo ngingo ije kwongereza ubukene umuguzi yari asanzwe arimwo, na cane cane ko igiciro c’igitoro kidugijwe, n’ibindi bidandazwa bica bikurikira. Noel NKurunziza, umukuru wa ABUCO avuga ko iyo ngingo ije gusongera isibe ku bukene bw’umunyagihugu, n’agashahara kiwe katigera kaduzwa.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.