IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ACOPA Burundi riranegura ivyashikirijwe n’urunani ADC (...)

Ishirahamwe ACOPA Burundi riranegura ivyashikirijwe n’urunani ADC Ikibiri

jeudi 28 Munyonyo 2013

Ishirahamwe ryiyemeje gutsimbataza amahoro mu Burundi ACOPA (Association pour la Consolidation de la Paix) ririyamiriza ivyashikirijwe n’abanyeporitike bahurikiye mu runani ADC Ikibiri, aho basaba ko abanyagihugu bokwitegurira kwihereza amabarabara mu gihe ibisabwa mu mpinyanyuro ry’ibwirizwa shingiro bitofatirwako. Kubw’uwurongoye ACOPA Burundi, kahise kerekana ko abagiye mw’ibarabara bahaboneye amakuba atari make.

Imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri iheruka kumenyesha mu nama yagize ku genekerezo rya 24 Munyonyo 2013 ko Reta y’Uburundi yahawe indwi zibiri gusa kugira abandi bose baterere ivyiyumviro ku kibazo Reta yigunganye kijanye n’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Mu runani ADC Ikibiri baragabishije Reta ko itumvirije abo batavuga rumwe, bazoca bagamagarira abanywanyi babo kuja mu mwiyerekano.

Mw’ishirahamwe ACOPA Burundi (Association pour la Consolidation de la Paix) baranegura iyo mvugo ihamagarira abanyagihugu mu migumuko kuko muri kahise k’igihugu c’Uburundi imirwi yagiye mw’ibarabara yahaboneye ingorane nyinshi nk’amaraso yasesetse, abana b’igihugu bagandagurwa, abandi batabwa mu mabohero. Mw’ishirahamwe ACOPA ryiyemeje gutsimbataza amahoro mu Burundi basaba abanyeporitike kuvavanura n’ingendo yo kwama bahamagarira abanywanyi babo mu bikorwa bitabagirira akamaro, rimwe na rimwe binyegeje inyuma y’inyungu zabo bonyene.

JPEG - 32.1 ko
Kazihise Petero Karaveri, arongoye ishirahamwe ACOPA Burundi

Kazihise Petero Karaveri, arongoye ishirahamwe ACOPA Burundi amenyesha ko bashimishijwe n’ivyashikirijwe na Bernard Busokoza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu birori vyo gutanguza ku munsi w’ejo kuwa gatatu inama ihuza abanyeporitike kw’ishirwa mu ngiro ry’urupapuro rw’inzira mu matora yo mu mwaka w’2015, aho yamenyesheje ko Reta y’Uburundi igiye gutunganya ibiganiro bizoshobora guha akaryo abafise ivyo baterera bose kugira bashikirize ivyiyumviro vyabo.

Petero Karaveri Kazihise, umukuru wa ACOPA Burundi asaba abanyeporitike n’abandi bose bazogira ico baterereye kuzovugana ukuri, batahurane umwe wese ntashake ko bashira aho ashize.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.