IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ADCOBU risaba Mairie kwerekana iyo amafaranga 500 atozwa (...)

Ishirahamwe ADCOBU risaba Mairie kwerekana iyo amafaranga 500 atozwa abashoferi aja

lundi 14 Mukakaro 2014

Ishirahamwe ryishinze guteza imbere abashoferi b’ama bus ririyamiriza ubunyonyezi bwoba bwibonekeza mu mugambi wo gutoza amafaranga 500 ku mushoferi umwe wese, nk’uko biri mu masezerano ahuza ishirahamwe ATRABU hamwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, muri wa mugambi wo gusukura amaparikingi.

Mu rwandiko barungikiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura, mw’ishirahamwe ADCOBU (Association pour le Développement des Conducteurs au Burundi) bamenyesha ko batumva ukungene umushoferi wese w’amabus n’ama coaster akorera mu gisagara ca Bujumbura ategerezwa gutanga amafaranga 500 batanabona iyo ajanwa, naho babwirwa ko amafaranga 300 yinjira muri Mairie ya Bujumbura, ayandi 200 akaba yitirirwa guteza imbere abashoferi.

Fidèle Sengumukiza, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe amenyesha ko mu matohoza bagize hagati y’ukwezi kwa Nzero 2014 gushika muri Rusama kuma parikingi 20 yo mu gisagara ca Bujumbura, hamwe no ku bashoferi 600 babajijwe basanze ku ndwi huzura ibitabu bibiri n’ukuvuga amafaranga angana n’ibihumbi amajana abiri kuri parikingi imwe. Ivyo bigasigura ko mu kwezi hinjira amafaranga angana n’imiriyoni 32 z’amafaranga y’amarundi.

JPEG - 13.8 ko
Fidèle Sengumukiza, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ADCOBU

Mw’ishirahamwe ADCOBU bakaba bababajwe n’ukungene ata hantu na hamwe hagaragara hoba haja ayo mafaranga atozwa, bakababazwa kandi n’ukubona ata na konte n’imwe izwi yoba ijako ayo mafaranga. Nk’uko muri ADCOBU babandanya babishikiriza, muri ayo matohoza bakoze guhera mu kwezi kwa Nzero 2014, basanze mu mezi atanu gusa, hamaze kwinjira amafaranga agera ku miriyoni 160 z’amafaranga y’amarundi.

Muri urwo rwandiko bagira bati : "Nyakwubahwa, ntitwanse kuriha ayo mafaranga kuko ari ngombwa ku munyagihugu guteza imbere igisagara ca Bujumbura, ariko rero turiyamirije ico gikorwa co kudakunda igihugu, ndetse giha n’ishusho mbi urwego musanzwe murongoye. Muri ADCOBU basaba ko hoboneka umuco, bakamenya ayo mafaranga iyo aja nico akora, nk’uko Fidele Nsengumukiza abandanya abishikiriza. Basaba kandi ko hobaho inama ihuza abantu batandukanye bo muri ico gisata c’ukwunguruza abantu n’ibintu, kugira batore umugambi w’icokorwa kugira ibintu bije mu buryo.


Floxella Karire

Messages

  • Aho uyo fidel nsengumukiza niwe mwasanze akenewe gushira imbere aka kanya mwamaze kwibagira ivyo yavugiye kw’iradio ngo en politique on ne tue pas mais on enleve les obstacles

  • bavuga bati:kugwa ugaherayo nivyo bibi muga uvyutse biryohera abakuzi!fidèle kuba yabidomyeko urutoke nuko abna ukuri aho kuri agafasha kwanka ugucinyiza umunyagihugu kwikori atanga ataco ririko rifasha igihugu!nn karashize ingani na toilette zibananire kubakira ibituro vya ma bus?kandi les chauffeurs aribo bitangira intererano?

  • Le jeune revolutionaire Fidele Nsengiyumva, reka ntwenge. Mbe ko bari bamufashe bamurekuriye iki? Sinanasomye n’ivyo avuga, uwuha ijambo uyonyene nawe nyene azofatwa n’ubutungane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.