Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe AJAP ryibutsa urwaruka kudahendeshwa amaronko
Ishirahamwe AJAP ryibutsa urwaruka kudahendeshwa amaronko
samedi 18 Ndamukiza 2015, par
Ishirahamwe AJAP (Association pour une Jeunesse Africaine Progressiste) rirababajwe n’abanyeporitike b’abarundi, aho gushira inguvu hamwe mu kubumbatira amahoro n’umutekano, bacanamwo mu gushira imbere urwaruka mu myiyerekano.
Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uwu wa gatanu, basaba abarundi bose kuja hamwe bagatahura kumwe ico amategeko avuga na cane cane ibwirizwa nshingiro, amasezerano y’i Arusha, hamwe n’itegeko rigenga amatora. Iryo shirahamwe rihamagarira abantu bose kwamirira kure ikibi kitarashika.
- Eric Nsengimana, umukuru w’ishirahamwe AJAP
Muri iryo shirahamwe basaba urwaruka kudahendeshwa amaronko, rukibuka barukoresheje nabi, ari kazoza karwo kaba kononekaye. Abanyeporitike bahamagarirwa gukunda urwaruka mu kutarushira imbere mu gihe c’imyiyerekano, imigumuko, n’akajagari.
Abarongoye imigambwe bahamagarirwa guhiganwa mu mutekano n’ukudafata uwo bahiganwa nk’umwansi, kuko ubudasa bw’abantu aribwo bwiza bw’igihugu.
Abajejwe umutekano basabwa kutagira aho bahengamiye muri poritike, bakure ibirwanisho vyoba biri mu banyagihugu batabifitiye uburenganzira.
Nk’uko iryo tangazo ry’ishirahamwe AJAP (Association pour une Jeunesse Africaine Progressiste) ribivuga, kugira ntihagaruke indyane mu gihugu, umurwi CENI utegura amatora uhamagarirwa gutunganya amatora abereye ku mugaragaro, ata gukumira, kandi ahumuriza bose.
Abanyagihugu bagasabwa kudasamazwa n’abanyeporitike barajwe ishinga n’inyungu zabo, bongere bashire ahabona ico cose gishobora guhungabanya umutekano wabo.
Egide Nduwimana
Messages
18 Ndamukiza 2015, 15:39, par cubahiro
nimubareke bidegemvye
20 Ndamukiza 2015, 14:20, par wangu
bwira aba cndd birirwa barabaha ibirwanish