IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rirahoza u Burundi

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rirahoza u Burundi

lundi 28 Nzero 2013

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu gikorera mu Burundi BNUB kirahojeje Abarundi bose na cane ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye kuva kuri uwu w’Imana.

Mw’itangazo ryo kuri uwu wa mbere ku wa 28 Nzero 2013, igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu gikorera mu Burundi BNUB kivuga ko cakiranye umubabaro mwinshi inkuru y’ugusha kw’isoko nkuru ya Bujumbura kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2013.

Ishirahamwe mpuzamakungu BNUB rikaba rimenyesha ko ryifadikanije n’Abarundi bose na cane cane abantu ivyabo vyatikiriye mw’isoko canke habaye ingaruka mbi kuri bo biturutse ku gusha kw’iyo soko.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe mpuzamakungu BNUB riheraheza rimenyesha ko rizi agaciro k’isoko nkuru ya Bujumbura ku butunzi bw’igihugu kandi ngo rizoguma riri hafi ya Leta y’Uburundi hamwe n’abandi bose bafise ico baterera mu gukinga no gutorera umuti impanuka nk’izo.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.