IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryiyemeje kwama hafi urwego rw’umuhuza (...)

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryiyemeje kwama hafi urwego rw’umuhuza w’abarundi

mardi 5 Munyonyo 2013

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yarahaye umubonano intumwa z’umunyambanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zari zirongowe na Mitonga zongwe. Intumbero y’urwo rugendo mu Burundi akaba ari akaryo ko gusuzuma aho ibikorwa vy’urwego rwa Ombusdman mu Burundi bigeze, hamwe naho gutsimabtaza amahoro bigeze mu Burundi.

Bavuye mu mubonano, uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umuhuza w’abarundi, Didace Sunzu yamenyesheje ko ibikorwa vy’urwo rwego bigenda neza na cane cane nko kubumbatira amahoro, hamwe n’umutekano mu gihugu, kubana neza mu mahoro hamwe n’iterambere.

Mu kiganiro bagiranye, intumwa z’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’umuhuza w’abarundi basanze imigenderanire imeze neza, biciye muri BNUB, PNUD hamwe n’ibindi bigo vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Iryo shirahamwe ryaratererye bimwe biboneka mu kugira ibikorwa vy’urwo rwego rw’umuhuza w’abarundi bishobore kuranguka, aho ryatanga amamodoka, ibikoresho bitandukanye vyo mu biro hamwe n’ibikoresho vyo guhimiriza n’ukumenyekanisha ibikorwa vy’umuhuza w’abarundi.

Didace Sunzu yabandanije amenyesha ko iyo ntererano y’ivyo bigo vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yafashije mw’itegurwa ry’amanama yo mu karere yari ajanye n’ingene borwanya ubwicanyi bw’agahomeramunwa, hamwe n’ivyaha vyo mu gihe c’intambara, inama yabereye i Bujumbura mu kwezi kwa Ruheshi, uwu mwaka turimwo.
Bemeranije ko ivyo bigo bizokwama biri hafi y’urwo rwego rw’umuhuza w’abarundi mu kumushigikira mu bikorwa vyiwe vya minsi yose


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.