Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OIF riratewe impungenge n’ibibera mu Burundi
Ishirahamwe OIF riratewe impungenge n’ibibera mu Burundi
lundi 8 Ruheshi 2015
Umurwi w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa OIF uri mu Burundi.Pascal Couchepin arongoye uwo murwi avuga ko batewe impungenge n’ibibera mu Burundi.
Pascal Couchepin avuga ko yizeye ko naho ibiganiro bihuza abegwa n’ikibazo c’Uburundi vyahagaze,bigiye gusubira gutangura.Yavuze ko ivyo biteye impungenge, ariko yizeye ko amakungu yohimiriza abegwa bose n’ikibazo gutora inyishu nziza ,hubashwe ubwigenge bw’igihugu.

Pascal Couchepin avuga ko atari akaryo ko kuremera abarundi ngo bafate ingingo zishobora gutuma ibintu bitabandanya bimeze neza muri kazoza,ariko kubwiwe,igikenewe n’umwumvikano wotuma abari mu biganiro bumva ko bashikiriza ivyiyumviro bafise ata nkomanzi.
Kubwa Pascal Couchepin,gushika ubu ibiganiro nta kintu kinini birashikako,ari naco gituma asaba ko abarundi boharira bagatorera inyishu vy’umwihariko ikibazo bavuga ko gihambaye c’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.
Mwomenya ko Pascal Couchepin yabonanye n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,aho yamushikirije ubutumwa butandukanye.
Messages
8 Ruheshi 2015, 14:57, par mukobwajana
PIRATO NTACO YUMVA ATARI KUGUMYA ABAMUFASHA KWICA NKA ADOLPHE N IBINDI BIMWENYI GUSA.NA JAMBO GISHINGANTAHE YUMVA..AHUBWO NGIRA NTAKIRI UMUNTU
8 Ruheshi 2015, 15:19, par Citoyen
On finira parl’ avoir, ici Nkurunziza, attendez un peu !!!
8 Ruheshi 2015, 15:28, par Tijos
Nkuru yishize muyabir mukwumviriza impanuro za Nyamitwe, Adolphe na Bunyoni . Ejo aho bukera bazokwiruka mabusige wenyene. Yagize amahigwe yo kuronka abamuhanura, ko yanse kubumvira ubwo azokwimbe yigera!!!
8 Ruheshi 2015, 19:24, par VITAL
IBIGANIRO BIRAKENEWE, MUGABO NDATANGANZWA CANE NABANTU BATANGA IVYIYUMVIRO UMENGA BARAHAHAMUTSE- NIMUHUMURE URUBANZA TUZORUBACIRA
9 Ruheshi 2015, 00:04, par None?
Jewe iyumuzingu ivyavuze ndavyemera kukohariho abantu bavugango barashaka gufasha mugukenura utubazo turi muburundi ahubwo bagajuraho nakariho! Nonenjumuntu abayarahunze uburundi agatanga iciyumviro ngocogufatira ibihano uburundi ngonivyovyokomesha reta yuburundi ibihugu bivugango vyifuza komuburundi ingoranezihari zohagarara bigacabifata iyambere mugufarura ibihano uburundi ukwonikwo kujahagari utanara!?.
9 Ruheshi 2015, 18:02, par JAMES NGARU
MBEGA PRESIDENT PIERRE NKURUNZIZA WIGINZE KU MWAMI NEBUKADINEZA WAVUGA NGO IBABURONI YANJYE NYUBATSE NINDE WAYINKURA MUTOKE URAMENYA UTAZARISHA NKIKA MWISHABA
10 Ruheshi 2015, 10:23, par renovat
@tijos, james mukobwajana!! ndabahanure mwumve nsinumva ukungene muvtgako mushigikiye abatavuga rumwe na leta, ntamuntu numwe yovuga kakunda igihu agasaba ko amakungu yohagarika imfashanyo. ucumbwira nwe imfashanyo ihagaze twese turashikigwa pe!