Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OLUCOME rirashima ingingo ya Reta yo kugabanya imodoka
Ishirahamwe OLUCOME rirashima ingingo ya Reta yo kugabanya imodoka
vendredi 25 Nzero 2013
Ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Leta OLUCOME barashima ingingo ya Leta yo kugabanya imiduga ya Leta ariko iryo shirahamwe rifise amakenga ko uwo mugambi ushobora gutuma haba ibikorwa vyo gutanga igiturire.
Kubwa OLUCOME,ngo imodoka za Leta zirashobora kugurishwa ku biciro bitajanye n’uko zari kugurishwa.Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha kandi ko ivyuma bikomeye biri muri izo modoka bishobora gukurwayo bigasubirizwa ivyamaze kwononekara.
Ishirahamwe OLUCOME rikaba risaba ko hojaho ingingo mperekeza zituma ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi rigenda neza.Muri izo ngingo rero harimwo ishirwaho ry’ibigo bibiri vyabinonosoye imwe yo kugira ubushakashatsi kw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi iyindi yo kubishira mu ngiro.
Joel Sengurebe