IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’abanyaburaya ryemereye u Burundi imiliyoni 68 z’ama (...)

Ishirahamwe ry’abanyaburaya ryemereye u Burundi imiliyoni 68 z’ama euros

vendredi 22 Ruhuhuma 2013

Mu rugendo rw’iminsi ibiri mu Burundi,komiseri mw’ishirahamwe ry’abanyaburaya ajejwe iterambere Andris Piebalgs azoshikiriza imigambi mishasha ku bijanye n’infungurwa n’amasoko ntanganguvu ijanye n’imiliyoni 68 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Igihe yashika i Bujumbura kuwa kabiri igenekerezo rya 20 Ruhuhuma,Andris Piebalgs yaciye atangura kugendera imigambi ishigikiwe n’ishirahamwe ry’abanyaburaya( UE).Yaragendeye ibitaro,sentare n’ihinguriro ry’icayi.

Mu gihe UE ari ishirahamwe rya mbere rifasha u Burundi,ririndiriye kubandanya gufasha mu kubera ibihe vy’ubutunzi igihugu kirimwo.Imiliyoni 50 z’ayo mafaranga azofasha mu gutanga umuyagankuba ku barundi umuliyoni,bahereye hagati mu gihugu.

Mu gihe rero ibice 3,5 kw’ijana vy’abanyagihugu arivyo bifise umuyagankuba,amasoko ntanganguvu ari mu bituma iterambere ry’igihugu ryikwega,uwo mukomiseri agomba kugira ico kibazo ica mbere bazokorera hamwe n’u Burundi,ako kigoro gashasha kazofasha mugukwiza umuyagankuba mu bice vyo hagati mu gihugu,gushigikirav imigambi mito mito y’ingomero z’umuyagankuba hamwe no gusanura inyubako zitanga umuyagankuba.

Ibijanye n’infungurwa navyo biri muvyo uwo mukomiseri azokwisunga kuko biri mu migambi izotwara imiliyoni 18 z’amafaranga y’abanyaburaya.

Mwomenya ko muri urwo rugendo rwiwe,Adris Piebalgs yabonanye n’umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza,umushikiranganji w’ikigega ca Leta tabu Abdallah Manirakiza n’abandi bategetsi b’igihugu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.