Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’abanyasuisse rirarajwe ishinga n’ibimaze iminsi biba mu (...)
Ishirahamwe ry’abanyasuisse rirarajwe ishinga n’ibimaze iminsi biba mu Ruhororo
mercredi 8 Nzero 2014
Umuhuza w’abarundi, Mohamed Rukara yarahaye umubonano uwutwara ishirahamwe ry’abasuisse (coopération suisse) mu Burundi. Intumbero y’uwo mubonano kwari uguhanahana ivyiyumviro ku bimaze kurangurwa n’urwego rw’umuhuza w’abarundi rufashijwe n’iryo shirahamwe mu ntara ya Ngozi hamwe n’ibimaze iminsi biba muri site ya Ruhororo.
Mu gihe yaravuye mu mubonano n’umuhuza w’abarundi, Claudio Tognola, asanzwe arangoye ishirahamwe ry’abanyasuisse coopération suisse yamenyesheje ko yaganiriye na Mohamed Rukara ku vyerekeye amasezerano basanzwe bafitaniye n’urwo rwego rwa Ombudsman haraheze imyaka ibiri iryo shirahamwe ariryo rifasha ishami ry’urwego rw’umuhuza w’abarundi riri mu ntara ya Ngozi.’’Naje kugira tugire icegeranyo c’ivyakozwe muri iyo ntumbero yayo masezerano kugira kandi twongere duhanahane ivyiyumviro ku bigiye kuzokorwa muri iyi myaka iri mbere.’’
Yamenyesheje kandi ko muri uwo mubonano bavuganye ivyerekeye ibimaze iminsi biba mu ntara ya Ngozi muri komine ya Ruhorohoro kuko iryo shirahamwe rirajwe ishinga n’uruhagarara rumaze iminsi ruba. ‘’Twihutiye kugira icodukora ku vyerekeye ikibazo cabo namusavye ko yogira icakoze kugira ibintu bisubire mu buryo muri iyo site,bibandanya bivugwa na Tognola.
Claudio Tognola yaboneyeho akaryo ko gusezera umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara kuko ikiringo ciwe gisa n’ikigomba kirangire.
Floxella Karire
Messages
9 Nzero 2014, 11:12, par ndaje arcade
courage mr le Directeur,ndagushikiye kandi aga soko ndonse ,negociation yamber ni IMPRILOV
kikidejesus@yahoo.fr
canke
ruvahafindaje@gmail.com