Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ririteguye kurungika abarorerezi (...)
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ririteguye kurungika abarorerezi b’amatora
vendredi 23 Nzero 2015
Ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya rirafise amakenga ko ibikorwa vyo gutegura amatora mu Burundi bizohava biteba, bigahindura n’ikirangaminsi cari catanzwe.
Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 23 Nzero 2015, hari hatunganijwe inama ihuza abaserukira Reta y’Uburundi n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Nk’uko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure, iyo nama ni iyo basanzwe bama batunganije uko ukwezi gutashe kugira baganire n’abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, ku bibazo bimwe bimwe biba biri mu gihugu.

Muri iyo nama, abo bategetsi bakaba baganiriye ku biraba itegugwa n’itunganwa ry’amatora meza kandi arimwo bose mu Burundi. Aho uwuserukira Ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe ba buraya, Patrick Spirlet akaba yamenyesheje ko bafise amakenga ko ikirangaminsi c’amatora mu Burundi kizohava kitisungwa bivuye ko hari ibikogwa vyo gusubira kwandika abatari biyandikishije kugira bazotore, ariko aho Umushikiranganji Laurent Kavakure akaba yamuhumurije ko Reta y’Uburundi izokora ibishoboka vyose kugira ikirangaminsi c’amatora cubahirizwe.
Ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya rikaba ryiteguye kurungika abahinga bazoza kwigira hamwe n’abarundi ukungene borungika umugwi uza gukurikirana amatorana imbere, hagati n’inyuma y’amatora.

Aha tukabibutsa ko Ishirahamwe ry’ibihugu bigize umuryango wa buraya riherutse kuronsa Uburundi imfashanyo ingana n’imiriyoni umunani mu mafaranga y’amanyaburaya (8millions d’euros) kugira ashigikire amatora mu Burundi.
Alida SABITEKA