IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ishirahamwe SOPROD-Stevia niryo ryoba ryaje gusubirira STEVCO na (...)

Ishirahamwe SOPROD-Stevia niryo ryoba ryaje gusubirira STEVCO na BPS

samedi 7 Ruheshi 2014

Ishirahamwe Stevia ari ryo STEVCO mu ncamake ryavutse mu mwaka w’2013 rikaba ryakomotse ku mashirahamwe abiri, ariyo Pothem ishirahamwe rigizwe n’imitahe y’abanyaholande n’abarundi na Kingboon ishirahamwe mpuzamakungu rifise icicaro mu Bushinwa.

Nk’uko umwe mu barundi batanguje ishirahamwe STEVCO mu Burundi Epitas Bayaganakandi abivuga, kuva iryo shirahamwe rishinzwe, ryatangujwe n’umutahe ungana amafaranga angana n’amamiriyoni amajana ane y’amarundi. Muri uyo mutahe, Bayaganakandi akavuga ko ishirahamwe Prothem rifisemwo umutahe ungana n’ibice 75 kw’ijana, Kingboon naryo rikagira ibice 25 kw’ijana. Kuva mu mwaka w’2013 kugeza uy’umunsi, umutahe ukaba ugeze ku mafaranga angana n’umuriyaridi w’amarundi n’imiriyoni amajana atandatu.

Epitas Bayaganakandi

Muri uyo mwanya nyene hariko harashingwa iryo shirahamwe, Prothem na Kingboon zaciye zishinga irindi shirahamwe ryitwa Burundi Prothem Stevia BPS mu mpfunyapfunyo, nk’uko Bayaganakandi abandanya abivuga. Iryo shirahamwe naryo, rikaba ryagomba gutanguza umutahe w’amafaranga arenga imiriyaridi zitatu n’imiriyoni amajana atatu. Mu ntumbero yaryo rikaba ryishinze guhingura amababi y’igiterwa stevia hamwe n’isukari ivamwo.

Epitas Bayaganakandi agatangazwa n’ingene kuva iryo shirahamwe ryo kurima no guhingura igiterwa ca stevia mu Burundi gitanguye, intumwa zo mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu hamwe n’izo mu bushikiranganji bw’uburimyi n’iza ISABU zaciye zija mu gihugu ca Kenya kurondera ishirahamwe ryitwa ’’Purecircle’’ kugira rishobore gukorana mu burimyi bwa Stevia. Ukwezi kutarahera, Bayaganakandi avuga ko ISABU yaciye yandika ikete ryo guhagarika amasezerano yose bagiriraniye na STEVCO na BPS kandi batanagabishijwe inama.

Mwomenya ko mu kwezi kwa Ntwarante uyu mwaka, haciye hatanguzwa ishirahamwe ryitwa Soprod-Stevia, iryo naryo rikaba riri muri komine ya Vyanda mu ntara ya Bururi. Iryo shirahamwe rishasha rikaba ryatangujwe n’amafaranga angana imiriyoni 60, ayo nayo nk’uko Bayaganakandi Epitas abivuga ni make cane kuko agura ibiro 30 gusa vy’amababi ya stevia.


Aristide Nizigire

Messages

  • Igitega abantu barakeneye Stevia kubwinshi kubera hari umu bibi ayidusigurira ariko dufis amakenga kuko atabiro tubona stevia irimwa ahariho hose?icogiterwa nico.kandi nibenshi bagumabegera uwomu bibi bamubwira anyarukane iryoterambere.Iryoshirahamwe twarikunze mais ntituzi Adresse yiwe. mwoshoborakiturangira aho ibirovyiwe biherereye?

  • Natwe impunzi z’i nakivale mu buganda turifuza kurima stevia mudufashe adresse yo ngaha my Buganda impunzi zabarundi natwe twiteze imbere.murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.