Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Ishirahamwe SOSUMO ryoba ritangishobora gushimisha abakeneye isukari bose
Yanditswe taliki ya 8-07-2016 - isaha 11:23' na IGIHE

Abashikiranganji ba Reta y’Uburundi bagizwe n’uw’ubudandaji Pelate Niyonkuru hamwe na Pascal Barandagiye arongoye ubushikiranganji w’intwaro yo hagati, kuri uwu wa kane bari mu ngoro y’amakoraniro y’inama nkenguzamateka, bishura abakenguzamateka ku bibazo vy’ikena ry’isukari mu Burundi.

Abo bashikiranganji bompi bariko babazwa ku bijanye n’ikena ry’isukari mu gihugu cose, kandi ihinguriro ry’isukari SOSUMO ridasiba gusohora isukari rihingura, mbere rikamenyesha ko n’umwimbu wifashe neza.

Abakenguzamateka babajije umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro igituma ubwo bukene bw’isukari, akaba yishuye ko bimwe mu bituma ubukene bw’isukari mu gihugu ari uko ihinguriro SOSUMO kuva rigishingwa mu mwaka w’1988 Abarundi baharurwa mu 3.500.000, ariko ubu bakaba bagera ku miriyoni zirenga 10, akavuga ko abakenera isukari bongerekanye.

Pelate Niyonkuru, umushikiranganji w’ubudandaji avuga ko iyindi mpamvu y’ikena ry’isukari ari uko yoba ishorwa mu mpisho hanze y’igihugu c’Uburundi, abandi bakayinyegeza kugira bayizimbeko mu gihe SOSUMO iba irindiriye guhingura iyindi.

Ku rundi ruhande, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabajijwe igituma abadandaza iyo sukari bayigurisha ku mafaranga y’umurengera badafatwa. Pascal BARANDAGIYE yishuye ko hariko harashingwa imirwi izofasha gutuza abo badandaza bagurisha isukari ku biciro birengeye ibiba vyanshizwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji.

Mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi, isukari igurwa hagati y’ibihumbi bitatu n’ibihumbi bine vy’amarundi ku kiro kimwe, mu gihe igiciro kizwi n’ubushikiranganji bw’ubudandaji ari amafaranga 1900 y’amarundi ku kiro.

Ivyiyumviro vyanyu

EMW MURINJIJI AKAKANYA NTIMURAMENYA IGITUMA ISUKARI IKENA ! REKA NDABIBIR IBANGA ISUKARI BAYIKORESHA YANZOGA YUMUNANASI NUMURAHA ETC NIMUZIGWANY MUZOBONA IMPINDUKA

8.07.2016 à 21:15
MUYAHUDI

TURAZIKO ISUKARI IRIKOIGURISHWA HANZE KANDI NABO BASHIKIRANGANJI ABAYISHORA BARABAZI KUKO ABAGWIZATUNGA BAYIKURAMURI SOSUMO BABAZI NTIDUHENDANE NGO NIGWIRIRANARYABANTU

8.07.2016 à 16:32
JAZZ

TURAZIKO ISUKARI IRIKOIGURISHWA HANZE KANDI NABO BASHIKIRANGANJI ABAYISHORA BARABAZI KUKO ABAGWIZATUNGA BAYIKURAMURI SOSUMO BABAZI NTIDUHENDANE NGO NIGWIRIRANARYABANTU

8.07.2016 à 16:30
KABURA

Ihinguriro ryashinzwe uburundi bugifise ababubamwo bashika million zitatu nigice ubu abobantu bamaze kwikuba incuro zitatu ! Ntivyoroshe rero ko iryohinguriro rishobora gutosha abobantu.
Nanje nunganiye abobashikiranganji nokwongerahoko igihe ryashingwa ningenzi zaja ngaha Burundi ntizingana niziza uyumusi nazonyene zishora kuba zarikuvye na 3 canke karenga.
Ariko nayomanyanga bavuze akorwa nabadandaza isukari nayo arasongera isibe hamwe nacanecane aboba bayishora hanze yigihugu cu Burundi baravyunyura.

8.07.2016 à 16:04
Kanyosha

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.