Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishure Kamenge 2 rishobora kwugara mu gihe imvura yobandanya (...)
Ishure Kamenge 2 rishobora kwugara mu gihe imvura yobandanya irwa
mardi 11 Ruhuhuma 2014
Abana bahora biga kw’ishure Kamenge 2 muri kino gihe bari mu mihana iwabo kuko ibirasi vyabo vyuzuye urwondo no hejuru nko ku metero zibiri uva hasi, intebe, ibitabu, amasanamu bigishirizwako vyose bikaba vyarononekaye bivuye ku mwuzurira watumwe n’imvura yaguye ku munsi w’Imana.

Imvura y’isegenya yaguye ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 Ruhuhuma yasize abanyagihugu mu marira, ivyononekaye bikaba ari vyinshi. Inyuma y’abapfushije ababo, ababuze ibintu, hari n’abana muri kino gihe bari mu mihana iwabo ku mvo yo kubura ibirasi bigiramwo. Kw’ishure rito ryo mu Kamenge ya kabiri nta gikorwa na kimwe kiriko kiraranguka kuko amazi yatwaye intebe n’ibikoresho vyo mw’ishure.
Nk’uko tubimenyeshwa n’umuyobozi w’iryo shure SESEKA Dominique, guhera ku munsi wa mbere nta nyigisho ziriko ziratangwa kuko amazi yateye iryo shure, ubu urwondo rukaba ruri ku metero zibiri uva hasi. Ntawoba akimenya iryo shure, kuko amazi yarenze agera ku madirisha.
- SESEKA Dominique, umuyobozi w’ishure rya Kamenge ya 2
Seseka Dominique amenyesha ko atari ubwa mbere bishika kuko no kw’igenekerezo rya 6 Nzero vyarashitse amazi arabatera aruzura mw’ishure. Muri kino gihe rero bari baronse irindi shure ryoba rirabatiza ibirasi bitatu ariko nta ntebe zo kwicarako bafise. Bariko barondera aho boba barashira abana biga mu mwaka wa gatandatu, kuko bobo baba bariko bitegurira ca kibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kuja mu mashure yisumbuye.
Umuyobozi w’ishure Kamenge 2 agasaba ko ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwobarungikira imodoka za SETEMU kugira bashobore gukura urwondo ruhari. Asaba kandi umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye Rose Gahiru ko yohishikira kuko babona ko muri kazoza iryo shure rishobora kwugara nivyabandanya bimeze gurtyo. Ariko rero mwomenya ko ishengero ry’abapentecote riri impande y’iryo shure ataco ryigeze riba muri iyo mpanuka y’isegenya y’imvura.

Floxella Karire
Messages
12 Ruhuhuma 2014, 10:33, par Kabizi
Jewe uwo mu Directeur arantangaje!
Botumako abana n’abavyeyi bakazana amasuka ,ivyo vyondo ntibobikura!Vyose ntibizokorwa na Leta!