Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishure shingiro rizotangura mu kwezi kwa Nyakanga 2013 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishure shingiro rizotangura mu kwezi kwa Nyakanga 2013

Ishure shingiro rizotangura mu kwezi kwa Nyakanga 2013

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Mu mwaka w’ishure 2013 ushira 2014, ama komine yose agize igihugu c’Uburundi azotanguza umugambi w’ishure shingiro.

Leta y’Uburundi yorongereje muri uno mwaka uburyo bwahora buhabwa ikigega Fonic (Fonds National d’Investissement Communal), amafaranga agera ku miliyaridi zitandatu z’amafaranga y’amarundi ( imiliyoni hafi zine z’amafaranga y’amadolari. Ubwo buryo buzofasha kubandanya umugambi wo kwubaka ibindi birasi mu mashure y’intango yo mu Burundi, mu bikorwa rusangi biba ku musi wa gatandatu.

Muri kino gihe, Leta iriko igerageza kwegeranya ibindi vya nkenerwa nk’ibitabu, batibagiye inyigisho zo gukabura ubwenge zihabwa abigisha.
Muri Ruheshi umwaka w’2012, ibice mirongo itanu kw’ijana vy’abanyeshure bakoze ikibazo ca Leta baragitoye. Abarenga ibihumbi ijana na cumi nibo bashizwe mu mashure yisumbuye atandukanye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.