Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishure shingiro rizotangura mu kwezi kwa Nyakanga 2013
Ishure shingiro rizotangura mu kwezi kwa Nyakanga 2013
jeudi 18 Ndamukiza 2013
Mu mwaka w’ishure 2013 ushira 2014, ama komine yose agize igihugu c’Uburundi azotanguza umugambi w’ishure shingiro.
Leta y’Uburundi yorongereje muri uno mwaka uburyo bwahora buhabwa ikigega Fonic (Fonds National d’Investissement Communal), amafaranga agera ku miliyaridi zitandatu z’amafaranga y’amarundi ( imiliyoni hafi zine z’amafaranga y’amadolari. Ubwo buryo buzofasha kubandanya umugambi wo kwubaka ibindi birasi mu mashure y’intango yo mu Burundi, mu bikorwa rusangi biba ku musi wa gatandatu.
Muri kino gihe, Leta iriko igerageza kwegeranya ibindi vya nkenerwa nk’ibitabu, batibagiye inyigisho zo gukabura ubwenge zihabwa abigisha.
Muri Ruheshi umwaka w’2012, ibice mirongo itanu kw’ijana vy’abanyeshure bakoze ikibazo ca Leta baragitoye. Abarenga ibihumbi ijana na cumi nibo bashizwe mu mashure yisumbuye atandukanye.
Egide Nduwimana