IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isoko nkuru y’i Bujumbura yahiye irahera

Isoko nkuru y’i Bujumbura yahiye irahera

dimanche 27 Nzero 2013

Isoko nkuru yo mu gisagara ca Bujumbura yahiye iratokombera yose irahera mu gatondo ko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013.Abantu bakaba bidogera igipolisi c’igihugu kuba kitatabaye hakiri kare.

Hari nk’igihe c’isaha cumi na zibiri zo mu gatondo ko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013 aho abantu batangura kubona umwotsi, niko kwiyumvira ko isoko yoba iriko irasha. Ntivyatevye kuko uko bari bavyibajije kwahavuye kuba ukuri.

Ushitse mu gisagara hagati wabona abanyagihugu bamwe biruka babura ico bafata n’ico bareka,bamwe ubona ko bafise ibidandazwa ariko vyari bigoye kumenya ko abo bantu bari abiba canke ba nyene vyo bagomvye gukiza bike mu vyo bari badandariza muri iyo soko.

JPEG - 77.7 ko
umucanwa wafashe isoko ryose

Igipolisi cahagarika bamwe bamwe muri abo bari bafise ibidandazwa ariko nabo nyene ntivyari vyoroshe kuko vyaboneka ko bari bafise ishavu.

Abanyagihugu baba abafise ibidandazwa muri iyo soko canke abandi bose bari basanzwe bakenera iyo soko mu buzima bwa minsi yose bavuga ko igipolisi kitakoze ico categerezwa gukora kuko mbere hari imodoka imwe bita kizimya mwoto nayo nyene amazi yaciye ahera muriyo.

JPEG - 88 ko
kuzimya ntivyabakundiye ko bawuzimya kubera kubura ibikoresho

Gushika ubu icoba catumye haba iryo sanganya ntikiramenyekana kuko amatohoza aracabandanya.

Tubamenyeshe ko gushika ubu ivyononekaye bitaramenyekana kuko bikibandanya gusha. raba amafoto.

JPEG - 80.2 ko
JPEG - 114.9 ko
JPEG - 77.7 ko
umucanwa wafashe isoko ryose
JPEG - 94.3 ko
JPEG - 78.8 ko
JPEG - 81.4 ko
abadandariza hanze bariko barakuramo ibidandazwa
JPEG - 121.2 ko
isinzi y’abantu benshi barorera ingene vyifashe
JPEG - 98.3 ko
JPEG - 87.9 ko
JPEG - 85.3 ko
abantu bariko baragerageza gusunika ibidandazwa bimwe kugira ntibifatwe n’umuriro
JPEG - 80.6 ko
abadandaza b’inyama nabo vyabashikiye

IGIHE

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.