IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isoko nkuru ya Gitega irageramiwe n’umunuko w’ubucafu

Isoko nkuru ya Gitega irageramiwe n’umunuko w’ubucafu

mardi 28 Rusama 2013

Intara yahoze ari umurwa mukuru w’igihugu c’Uburundi ku ntwaro ya cami, ariyo Gitega, irageramiwe n’umunuko w’ubicafu bivuye ku myanda iva mu ngo z’abantu hakaba haciye iyinga zitatu bitarakurwaho.Ubu bikaba vyagize udusozi tw’iyarara kandi, biri no ku nzira y’abategetsi n’abarengana bose.

Musitanteri wa komine Gitega yaragize ico abivugako, asigura ko habaye gusa ingorane y’amabeni ajejwe gutwara imicafu atagikora, ariko ntiyashimye kuvuga igituma ikibazo nk’ico kitashoboye gutorerwa inyishu mu maguru masha kandi kimaze igihe kirekire na rirya ari ikibazo giteye ingorane muri iyo komine y’intara ya Gitega.

Amagara y’abantu bose bagendera muri iryo soko akaba ageramiwe n’ubwo bucafu burundanye aho hantu. Uwujejwe komine Gitega, yarahumurije abanyagihugu, abizeza ko ibintu biriko biraja mungiro kugira iyo micafu yose bayikureho.

Inkuru y’ukwizera yarondewe kuri uyu wa mbere urangiye igenekerezo rya 27 Rusama 2013, yemeje y’uko abajejwe ubutegetsi mu ntara ya Gitega badasimbishwa umutima n’ico kibazo kiraje ishinga iyo ntara kandi ari ikibazo gifise ingaruka mbi ku magara y’abantu.

Bikaba bitumvikana kuko kuri uwo murwa mukuru w’ intara, niho hashinzwe ikigo gikuru kijejwe gukingira ibidukikije (INECN) ku rwego rw’igihugu kugira bahagarike ivyo vyose bibangamiye ibidukikije.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.