IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isoko ya Nyakararo yarahiye

Isoko ya Nyakararo yarahiye

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’indwi zibiri isoko nkuru ya Bujumbura itokombeye, impanuka y’umuriro yarahitanye isoko ya Nyakararo iri muri komine Gisozi mu ntara ya Mwaro.

Amakuru dukesha mugenzi wacu akorera insamirizi y’igihugu mu ntara ya Mwaro avuga ko utuzu 16 kuri 18 bahora badandarizamwo aritwo twahiye turatokombera duhitanywe n’umuriro wadutse mw’ijoro ryo kuw’Imana.

Aho nyene urusyo rw’ikizungu be n’imodoka yo mu bwoko bwa FUSO yarihagaze ku ruhande navyo nyene vyarahitanywe n’uwo muriro.

Amakuru ava aho i Nyakararo amenyesha ko uwo muriro woba wavuye k’umuntu yanyoye itabi aca yibagira kurizimya.

Buramatari wo mur’iyo ntara Jean Polydore Ndayirorere yarishikiye aho habereye iryo bara, mu kurindira ko baraba ivyoba vyononekaye kugira Reta n’abandi bagira neza babafasha.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.