Accueil > Amakuru > u Burundi > Isoko ya Nyakararo yarahiye
Isoko ya Nyakararo yarahiye
mardi 12 Ruhuhuma 2013
Inyuma y’indwi zibiri isoko nkuru ya Bujumbura itokombeye, impanuka y’umuriro yarahitanye isoko ya Nyakararo iri muri komine Gisozi mu ntara ya Mwaro.
Amakuru dukesha mugenzi wacu akorera insamirizi y’igihugu mu ntara ya Mwaro avuga ko utuzu 16 kuri 18 bahora badandarizamwo aritwo twahiye turatokombera duhitanywe n’umuriro wadutse mw’ijoro ryo kuw’Imana.
Aho nyene urusyo rw’ikizungu be n’imodoka yo mu bwoko bwa FUSO yarihagaze ku ruhande navyo nyene vyarahitanywe n’uwo muriro.
Amakuru ava aho i Nyakararo amenyesha ko uwo muriro woba wavuye k’umuntu yanyoye itabi aca yibagira kurizimya.
Buramatari wo mur’iyo ntara Jean Polydore Ndayirorere yarishikiye aho habereye iryo bara, mu kurindira ko baraba ivyoba vyononekaye kugira Reta n’abandi bagira neza babafasha.
Mariella Bukuru