IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isuku rirakenewe mu gisagara ca Bujumbura

Isuku rirakenewe mu gisagara ca Bujumbura

mercredi 24 Ndamukiza 2013

Abarongoye inzego n’abajejwe ivy’isuku ngaha mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’abafasha mu kugwanya ikiza korera barakoraniye hamwe kuri uyu wa kabiri,igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2013,kugira batorere hamwe umuti w’ico kiza Korera cagisibije ngaha mu gisagara.

Icirwa cakozwe uno mwaka hano mu gisagara ca Bujumbura,cerakana yuko hagikenewe kugirwa isuku ryinshi hano mu gisagara.Saidi Juma,umukuru w’igisagara ca Bujumbura, yamenyesheje ko uburyo bushasha bwari bwarashinzwe, bwo kurihisha abafise umwavu, bwahagaritwe kubera ko Mairie itagishoboye gukura imicafu yose yo mu gisagara ca Bujumbura.

Agasaba abajejewe intwaro,gukurikiranira hafi amaserano yashizweko igikumu hagati y’amashirahamwe ajejwe kutwara imyavu mu ngo z’abantu n’ingo zifise iyo myavu,kugira ngo ivyo bikorwa bigende neza nk’uko vyategerezwa gukorwa.

Saidi Juma yamenyesheje kandi ko ikigo kijejewe ivy’isuku,kigiye gushirwaho kugira bacungere isuku m’uburiro n’ubunywero mu kugira isuku,abatayigize nabo,bazofatirwa ibihano vyo kwugarirwa imirimo yabo haba muri ubwo buriro canke muri ubwo bunywero.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.