IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rivuga amasaha yo kwugurura ubunywero ntirirakurikizwa (...)

Itegeko rivuga amasaha yo kwugurura ubunywero ntirirakurikizwa hose

jeudi 31 Mukakaro 2014

Ingingo iherutse gufatwa ivuga amasaha amazu y’ubunywero ategerezwa gutangurirako kwugurura, bibonekako itarubahirizwa mu mazu adandaza inzoga, na rirya bamwe bavuga ko atanivyo bari bwamenye.

Mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura hamwe banywa ukuri kwamye ku murango, ahandi naho barakurikiza amasaha canke bakiyugaranira mu nzu z’ubunywero. Mu mazu y’ubunywero ari hagati na hagati mu makaratiye y’igisagara ca Bujumbura, abadandaza inzoga bazidandaza ukuri kwamye imbere y’igihe c’isaha ya cumi n’imwe z’umuhingamo. Bamwe mu badandaza bavuga ko iyo ngingo bayimenye, ariko bakavuga ko ibihano atavyo bamenyeshejwe, mu gihe abagura urukanywa nabo bagiriza bamwe mu baporisi guca bikika mu kiza, bagasesa inzoga z’abariko barivuna inyota, canke ndetse bakanabapfunga babagirije ko barengeje amasaha yo kunywa, mu gihe iyo ngingo ivuga ko igihe c’isaha zitanu z’ijoro ariho abadandaza inzoga hose baba bugaye. Abasoma akayoga, bakavuga ko n’igihe c’isaha z’ine, abaporisi basesa inzoga z’abariko barivuna inyota, kandi amasaha y’ukwugara ataba aragera.

Mbega iryo tegeko ritegekanya ibihano bimeze gute kubatubahirije iyo ngingo?

Ikinyamakuru IGIHE carondeye Therence Mbonabuca umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ajejwe ivy’intwaro, ariko akaba atashoboye gutomora neza ibijanye n’ibihano bitegekanijwe kuri abo barenga iryo tegeko. Ico yashoboye kutumenyesha, akaba ari uko ba buramatari bose baronse iryo tegeko ribuza ubunywero kwugurura imbere y’isaha cumi n’imwe z’umugoroba. Ku bijanye n’ibihano akaba ataco yashimye kubivugako. Aho rero twokwibaza namba abajejwe gushira mu ngiro iyo batazohava bikika mu kiza mu guhohotera bamwe, mu gihe n’abashinze iryo tegeko badashaka kumenyesha abanyagihugu ingingo z’imperekeza hamwe n’ibihano bitegekanijwe kugira abanyagihugu babimenye


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.