Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itegeko rigenga abamenyeshamakuru ryasubiriwemwo n’abashingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rigenga abamenyeshamakuru ryasubiriwemwo n’abashingamateka

Itegeko rigenga abamenyeshamakuru ryasubiriwemwo n’abashingamateka

jeudi 5 Ntwarante 2015, par Egide N

Itegeko rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi ryasubiriye kwigwa n’abashingamateka kuri uwu wa gatatu. Ingingo abamenyeshamakuru bari bashikirije ko zitubariza ibwirizwa shingiro zakuwemwo muri iryo tegeko rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru rtatowe ijana kw’ijana.

Umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru, Tharcisse Nkezabahizi, ari nawe yashikirije iyo nteguro y’iryo tegeko mu nama nshingamateka, yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yashatse gushira mu ngiro ivyashikirijwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, aho yemeza ko zimwe mu ngingo ziri mw’itegeko ry’ukumenyesha amakuru, ziteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

JPEG - 13.3 ko
Tharcisse Nkezabahizi, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru

Umushikiranganji Tharcisse Nkezabahizi amenyesha ko Reta yavyemeye ko izo ngingo zosubirwamwo, iraheza ishira aho intahe ishize, agakeza iryo shirahamwe ry’abamenyeshamakuru, akemeza ko bishika Reta ikabona ko bikenewe gushira aho intahe ishize. Mu ngingo zasubiwemwo n’inama nshingamateka, twobabwira nk’ingingo ya 61, 62, 68, 69 hamwe n’izindi, zose muri rusangi zikaba zijanye n’ingingo yashiraho amahadabu bita "Amande transactionnelle", aho hose mukamenya ko naya ngingo itegeka umumenyeshamakuru kuvuga aho yakuye amakuru yakuwemwo muri iryo tegeko ryemejwe n’abashingamateka bose.

Tharcisse Nkezabahizi avuga ko Reta yabonye neza ko uko amategeko y’Uburundi yubatse, ayo mahadabu atabaho, kuko umumenyeshamakuru ari umunyagihugu nk’abandi. Nk’uko uwo mushikiranganji w’ukumenyesha amakuru yabandanije abisigura, kugira muri Reta borohereze inzego zijejwe kwubahiriza amategeko, nk’urwego rw’ubucamanza, bashimye ko iryo tegeko rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru ryosubirwamwo, kugira ejo ntihazogire umumenyeshamakuru azorenganywa kandi yakoze ibijanye n’akazi kiwe.

Mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi, UBJ (Union Burundaise des Journalistes) ni akanyamuneza ntangere, bagashima akigoro ka Reta naho nyene nk’ingingo ijanye n’uguhana ibimenyeshamakuru yagumijwe muri iyo nteguro y’itegeko.
Alexandre NIYUNGEKO arongoye UBJ arashima kubona ingingo nyinshi zari ziteye ingorane mu bijanye n’ukurangura umwuga w’ukumenyeshamakuru zavuyemwo, nk’ingingo itegeka umumenyeshamakuru kuvuga aho yakuye amakuru, ingingo zabuza umumenyeshamakuru gukora ku bibazo bimwe bimwe biraba igihugu, hamwe n’ububasha bunini urwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi rwari rwahawe, navyo nyene bikaba vyasubiriwemwo.

JPEG - 60.7 ko
Alexandre NIYUNGEKO, arongoye UBJ

Ariko rero naho bashima, mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ bamenyesha ko hari aho abashingamateka batatosoye mu bijanye n’ugukuramwo ibihano vy’umunyororo mu bihano bishobora guhabwa umumenyeshamakuru, kuko igitabu mpanavyaha arico kizokoreshwa, ico naco kikaba kivuga ibihano bitandukanye, harimwo n’umunyororo.


Egide Nduwimana

Messages

  • NDIFUZA KUBA UMU DEPUTEE ARIKO NIFUZA KUJAYO MFISE IJAMBO

  • Abashingamateka turabashimiye kurivyo ariko ndatey’ivyatsi ico gikorwa kuko bagikoze kubwo gutinya ko nabo bozorwa mumutego wogutangwa

  • Igihe baritora Btaubwambere ntibari bazi ko ivyo vyose leta yari yabiteguye ngo.ikomeshe umumenyesha makuru nabo bagakoma amashi mu.kuryemeza.wew woba uri umushingamateka aserukira abanyagihugu ugatira itegeko ririmwo ibihano.bitari mu gitabo mpanavyaha?Ntimubona ko duserukirwaninkanda bitabu ziduza amaboko kuvyo batamitswe batazi nibiri mwo.ntimubona ko amategejo yose yatowe ko aba arugushska kwa leta abo bashingamateka nabo bakamanikaamaboko gusa.uburundi uko butwawe birateye amakenga.ntawutwarana inzigo.ngo.birame.ndibaza jo ivyo vyoha icigwa ko bokwiyambika agashambara imbere yuko batora itegeko naho woba utaryumva kubwo amashure make borondera umuhinga akabatahuza bagatora ivyo bumva .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.