IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rigenga abamenyeshamakuru ntiryemerwa na bose

Itegeko rigenga abamenyeshamakuru ntiryemerwa na bose

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Amakungu abandanya kwiyamiziriza itegeko rishasha rigiye kugenga abamenyeshamakuru mu Burundi. Abahinga muvyo kumenyesha amakuru bashikiriza ko iryo tegeko rije kubuza abamenyeshamakuru gukora akazi kabo mu bwigenge, eka mbere n’abanyagihugu nta nkuru bazosubira kumenya ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu.

Nk’uko bibandanya bivugwa n’abo bahinga, iryo tegeko rigiye kugenga abamenyeshamakuru ryatowe n’inama nshingamateka mu nyuma ryemezwa na nkenguzamateka, ntirizokworohereza abamenyeshamakuru mu kazi kabo ka misi yose. Zimwe mu ngingo ziryo tegeko n’uko umunyeshamakuru yotegerezwa kugira urupapuro rw’umutsindo rw’imyaka ine muri kaminuza. Ariko naho biri ukwo, umwe mu bigisha ba kaminuza kandi akaba n’umuhinga muvyo kumenyesha amakuru twayaze, ERASMUS wo mu gihugu c’Ubuholande, amenyesha ko urupapuro rwa kaminuza atarirwo rwemeza ko uwumenyeshamakuru arangura umwuga wiwe nk’uko vyategerezwa, naho urwo rupapuro rwa kaminuza rwerekana ubumenyi umuntu aba afise.

Umwigisha wa kaminuza kandi akaba n’umuhinga muvyo kumenyesha amakuru muganga Olivier NYIRUBUGARA avuga ati: "Vyiza n’uko Leta y’Uburundi yokwemera ikicara hamwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru kugira ngo bashireho itegeko ryumvikanyweho na bose kandi ryisunze iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro ry’igihugu.

JPEG - 21 ko
Olivier NYIRUBUGARA

Marie Soleil Frère nawe nyene umwigisha wa kaminuza mu gihugu c’Ububirigi kandi akaba n’umuhinga muvyo kumenyeshamakuru abaka nawe yiyamirije iryo tegeko ryatowe n’abaserukira abanyagihugu. Ku bwiwe, iryo tegeko ryemejwe na kizigenza ukwo riri, rizoba riciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’uburundi aho umunyagihugu arekuriwe guserura ivyiyumviro vyiwe kandi akamenya n’ibibera mu gihugu ciwe. Abandanya avuga ko akazi ko kumenyesha amakuru kazogeramirwa cane mu gihe ata munyagihugu azoshoka atanga inkuru kuko azi ko aho bukera umumenyeshamakuru yabibwiye ashobora kuvuga aho yakuye inkuru ivyo bikazobangamira uwo yatanze iyo nkuru kubw’umutekano wiwe.

JPEG - 23.1 ko
Marie Soleil Frère

Kubera ko iryo tegeko ryatowe ritarinzwe gutosorwa, amashirahamwe adahanira ivyicaro rya politike n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru bashize ku mugaragaro urwete ruzoterwako ibikumu n’umuntu wese avyishakiye hama rukarungikirwa umukuru w’igihugu kugira bamusabe ntatere ikigumu kuri iryo tegeko rizoba rigiye kugenga abamenyeshamakuru b’abarundi nk’uko vyashikirijwe na Alexandre NIYUNGEKO, arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru b’abarundi. Ubu icizere ca nyuma c’abamenyeshamakuru hamwe n’abarundi isinzi baharanira ubwigenge mu gushikiriza ivyiyumviro kiri kuri Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA, umukuru y’igihugu c’Uburundi.

Urwo rwete rukaba ruri ku vyicaro vy’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu gihugu cose, no ku maradiyo yigenga akorera mu Burundi. Ayo maradiyo ni nka RPA ijwi ry’abanyagihugu, radiyo Isanganiro, radiyo Bonesha FM, radiyo CCIB FM+ na radiyo Renaissance FM.


Patrick Wasso

Messages

  • Umukuru w’igihugu niyerekane ko arwanira inyungu z’abanyagihugu, maze ntatere umukono kuri iryo tegeko risiga iceyi igihugu. Nyakwubahwa mukuru w’igihugu, tera iteka Uburundi bizoguha amajwi menshi mu matora y’umwaka w’2015

  • Akamaro k’umumenyeshamakuru ni ntangere ntikokwitiranywa n’iyindi myuga ifise inyungu kanaka.Umumenyeshemakuru ntawomwiyitirira ngo ashike inyungu ziwe nico gituma ata n’uwomuhama ngo aramurwanya nkako arondera ineza rusangi.Kumuhanura ntawutobishigikira mugabo kumuhasha bisa n’ukwanka ineza ya bose.Ben’amatwi ni bumve

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.