IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rihamagarira abarundi gutora ryateweko umukono

Itegeko rihamagarira abarundi gutora ryateweko umukono

vendredi 27 Ntwarante 2015, par Egide N

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yateye umukono kuri uwu wa gatanu, kw’ibwirizwa rihamagarira abarundi mu matora y’abahanuzi b’amakomine, abashingamateka, abakenguzamateka, hamwe n’amatora y’umukuru w’igihugu.

Iryo tegeko nimero 100/71 ryo kuwa 27 Ntwarante 2015 rihamagara abarundi bose bakwije ibisabwa n’amategeko ko bokwitaba amatora atunganijwe uku gukurikira :
Ay’abahanuzi ba komine azoba kw’igenekerezo rya 26 Rusama 2015, intonde z’abitoza hamwe n’imyidondoro yabo igategerezwa kuba yashikanwe mu murwi CENI utegura amatora kuva kw’igenekerezo rya 30 Ntwarante gushika kurya 8 Ndamukiza 2015.

Kuri iryo genekerezo rya 26 Rusama 2015 nyene, niho hategekaijwe n’amatora y’abashingamateka. Intonde z’abitoza hamwe n’imyidondoro yabo bigategerezwa kuba vyarungitswe mu murwi CENI utegura amatora kuva kw’igenekerezo rya 30 Ntwarante gushika kurya 13 Ndamukiza 2015. Intebe zizohiganirwa n’abitoza mu nama nshingamateka zikaba ari ijana, zigabuye uku gukurikira : Bubanza (4), Bujumbura (6), Bururi (4), Cankuzo (3), Cibitoke (6), Gitega (9), Karusi (6), Kayanza (7), Kirundo (8), Makamba (5), Muramvya (4), Muyinga (8), Mwaro (3), Ngozi (8), Rumonge (4), Rutana (4), Ruyigi (5), na Bujumbura Mairie (6).

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2015, ariko mu gihe vyokenerwa ko batora irigira kabiri (Second tour), ayo matora akazoca aba kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro 2015. Bitegekanijwe ko amazina y’abitoza yaba abarungitswe n’imigambwe canke abitoza ku giti cabo mu nama nshingamateka, ategerezwa kuba yashikirijwe umurwi CENI utegura amatora kuva kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza gushika kurya 9 Rusama 2015.

Amatora y’abakenguzamateka nayo ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2015, ku mirwa mikuru y’intara, ariko ayo matora akaba atandukanye n’ayo duhejeje kubabwira, kuko abakenguzamateka batorwa n’abazoba batowe mu bahanuzi b’amakomine mu matora azoba yabaye kw’igenekerezo rya 26 Rusama 2015. Intonde z’abakenguzamateka zigategerezwa kuba zashitse mu murwi CENI kuva kw’igenekerezo rya mbere gushika kurya 15 Ruheshi 2015.

Fyonda ngaha urisome Itegeko


Egide Nduwimana

Messages

  • tugire incungu REMY GAHUTU twese abarundi duhagurukane niyonka tuze kwitorera abazoturongora

  • Mudakoresheje code ouvert kubazokwitoza,ntakigenda !

  • ok kuba umukuru w’igihugu yasohoy iryo tegeko rigenga amatora ni vyiza kuko ndabonako yabishizemwo umwete udasanzwe.ok mais ahise agirako atomora aho ahagaz kubijany na 3è mandat koba akarusho

  • YEMWE DUKORIKI KUGIRAMATORA NTAZOBE? MUBONA TUDAKWIYE KWIKORA KUBABIRIGI BAKADUFASHA KUVURUHA AMATORA NTATUBANE, EREGA ABABA DD NUBWOBARIKOBARARYANA NIBESHI NTAMATORA AZODUSHIKANA KUBITEGETSI TUTARONDEYE IMBINU DUKORERA ABABA DD.

  • Arakoze gusohora iryo tegeko kandi rikaba arinaryo ry’anyuma nkiryo ari murayo mabanga .

  • NYANDWI, Gahutu wewe uramuzi ? Warigeze umubona mu nzira za matora ? Nimwigumukane na Rwasa wawe. Umusi Gahutu nawe mumureke yiruhukire mu mahoro, abarizigamye inkingi zitanu turacazibuka kandi tuzozigendera

  • nibyiza cane mutama,ubu noneho amakungu abonyeko mushaka amatora,Imana iguhezagire,wewe kora abavuga nabo baje kuma radio bavuge, kuko wabagiriye neza ubaha umwanya wo kuvuga ibyobashaka, kuko kuntwaro zabanje bavugira mukinyegero. kubijyanye nibyibirungo niwumva ushaka kuruhuka 5ans uze uturonderere undi aho mumugambwe wawe umushugikire abanyagihugu insinzi tumuhunde amajwi. turazi aho mwadukuye mutama nuko hariho intashima n’abibagira vuba, dufise amahoro n’uburenganzira kugihugu cyacu ibindi bizoba biza.

  • nibyiza cane mutama,ubu noneho amakungu abonyeko mushaka amatora,Imana iguhezagire,wewe kora abavuga nabo baje kuma radio bavuge, kuko wabagiriye neza ubaha umwanya wo kuvuga ibyobashaka, kuko kuntwaro zabanje bavugira mukinyegero. kubijyanye nibyibirungo niwumva ushaka kuruhuka 5ans uze uturonderere undi aho mumugambwe wawe umushugikire abanyagihugu insinzi tumuhunde amajwi. turazi aho mwadukuye mutama nuko hariho intashima n’abibagira vuba, dufise amahoro n’uburenganzira kugihugu cyacu ibindi bizoba biza.

  • gutsindwa kwa ba dd birikure nkukwezi kweri....ivyo naraye mbonye i bugabira......emwe abipima ni bipime twebwe tugomba tubivemwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.