Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivan Simonovic arerekana ubunenge bukwiye gukosorwa mu gateka ka zina (...)
Ivan Simonovic arerekana ubunenge bukwiye gukosorwa mu gateka ka zina muntu
vendredi 27 Ruheshi 2014
Bamwe mu bashikiranganji ba Reta y’Uburundi nibo babonanye n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu mu mwiherero.
Ivan Simonovic avuga ko mu gateka ka zina muntu mu Burundi hakiriho utwo gukosora naho akarusho ko kariho. Asigura ko amwe mu mategeko aherutse gutorwa, aha akavuga itegeko rijanye n’amatora ryerekana itera imbere mu gisata c’agatekaka zina muntu. Ariko rero ubunenge bwo bukaba buriho, kandi akavuga ko bukwiye gukosorwa. Muri ubwo, Ivan Simonovic avuga nk’ukutidegemvya mu gushikiriza iciyumviro, amashirahamwe atarekwa ngo akore mu mwidegemvyo hamwe n’amanama adakorwa mu mwidegemvyo.
Ku kibazo c’ipfungwa rya Mbonimpa Petero Karaveri arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH, avuga ko yahawe umwizero n’abo muri Reta, ko ico kibazo kigiye gukurikiranwa vuba mu butungane hakurikijwe amategeko. Avuga ko urugendo agize mu Burundi kwari kuraba uko agateka ka zinamuntu kifashe n’ukuraba ico bazofasha mu gihe BNUB buca isezera mu Burundi.
Mwomenya ko muri uyo mubonano wari watumiwemwo abashikiranganji batanu, hitavye babiri gusa uw’imigenderanire y’uburundi n’ibindi bihugu, hamwe n’uwo gufatana mu nda n’agateka ka zina muntu nayo uw’intwaro yo hagati mu gihugu, uw’umutekano hamwe n’uwubutungane bakaba baserukiwe n’abanyamabanga babo ntayegayezwa.
Aristide Nizigire
Messages
27 Ruheshi 2014, 12:55, par SIHONDI Levis
PACIFIC HARICO BATATUBWIYE KANDE TWARI TWITEZE IYONTUMWA YOBA YARAGIYE KUMPIMBA KURABA MUTAMA MBONIMPA????????? AKABA ATAGIYE KUMURABA CANKE NGO AGENDE AMUREKUJE, MUCA MUBONA KO MUMOKA MUMOKERA UBUSA!!!!!!!!!!!! KANDI MUZOCE MUMENYA KO UBUTUNGANE BWIGENGA BUDATWARIRWA MURI ONU.
27 Ruheshi 2014, 13:01, par AMERIKE
VITAL SABA IYONTUMWA YANYU ABAHE IBAHASHA YABAZANIYE!!!!! ARIKO NTIMUMUGORE NGO ABAHE MBONIMPA, KUKO NAWE NTAVYO ASHOBOYE!!!!!! NDABISUBIYEMWO NASHEBUJA BANKIKIMUNI NAWENYENE NTACOYOSHOBORA KUBAFASHA KUBIJANYE NA MBONIMPA KUKO IVYO YAKOZE ARI AGAHOMERA BUNWA KUBARUNDI NABANYAMAHANGA!!!!!!!!
27 Ruheshi 2014, 13:07, par FERDINAND
nimwubahe leta nu butungane, kuko ari inzego zitajegajega!!!!!!! ndarindiye ibiganiro vya pacific na vital inyuma yugusubira inyuma kwiyontumwa yabo ya onu ataco ibafashije kijanye na mbonimpa hahahahaha
27 Ruheshi 2014, 13:14, par DEMOCRATE
PACIFIC KURI BONESHA NGO ARISHWE NAGAHINDA KUBERA MBONIMPA HAHAHAHHA, HIHIHIHIHI SABA IKIGONGWE KUKUNTU WAMUSUTSE MWE NA MUHOZI MUKUMUHA AMAFOTO AMUHEJEJE MUMUNYORORO. MWABIGIRA MWIBAZA NGO MUZOROHERWA?????????? UBU MUZOMENYA KO UBURUNDI BWIKUKIYE KO NA ONU ATACO IBAKOREYE KUKIJANYE NA MBONIMPA.
27 Ruheshi 2014, 15:05, par Gakunzi
Ivyo rero iyo ntumwa yiboney izo nenge yavuz nizikosorwe hama ubundi nabwo bube akarorero kandi umuntu ntakazire icavuze burundi’ bwacu
27 Ruheshi 2014, 15:05, par Gakunzi
Ivyo rero iyo ntumwa yiboney izo nenge yavuz nizikosorwe hama ubundi nabwo bube akarorero kandi umuntu ntakazire icavuze burundi’ bwacu
27 Ruheshi 2014, 17:04, par Gihimbare
Komera ONU ukubona mwariyumviriye kurungika iyo ntumwa yanyu Ivan mugihugu cacu kugira yumvise neza abo ba DD. Mbe! Abarundi twomenya imvo zatumvye abo bashikirangaji batatu batitaba iyo nama??? Banse kuyitaba kumvo bazi yuko bose ari abanyamafuti, birateye isoni muri leta kubona ama ministere nkarya atigeze aserukirwa nabashikirangaji bayo kugira ngo bireke Ivan ico bamaze muri leta. Komera Societes civiles, muvyiyumviro vyose mwatanze, twizere ko wamutama Mbonimpa agiye kurekurwa vuba nabo abakamutayemwo twizere ko kirya chambre yahoramwo hatazobura uwuyimusubiriramwo. Imana ihora ihoze.
27 Ruheshi 2014, 18:26, par Ihorihoze
Yewee!Reka turindire turaba ko bokwikubita agashi.Erega barame bibuka na ntaryo ko kananira abagabo atima!
27 Ruheshi 2014, 21:35, par philbert
Suma urenga!! Heza kuvuga ivyo uvuga hama usubir iwanyu
27 Ruheshi 2014, 22:46, par RUTOVU
Ahubwo jewe abo bantu barantangaza,abenshu bagizwe mubwoko bwabatutsi muribo,imigabo nimigambi mibi yose bategura mugushaka gucuvya igihugu vyose babicisha kubahutu bibigugu,ehe nimurabe Hajabu,Manas,MBONIMPA,RWASA,nabandi ntiriwe ndadondagura,bakoreshwa nabo pacifique,vital,Rufyiri,muhozi journaliste,kiranvu adasigaye inyuma,abo bose nvuze nabatutsi guse,muga mugutoba bakicisha kubahutu,akaba aribo bafungwa,abandi bakangara,raba NYANGOMA,SINDUHJE,Pancras.Manas,icegera cagwasa.hamwe n’umuvugizi wiwe,nabandi benshi ntavuze,ahubwo uwocakira uyo vital,pacifique,Rufyiri,mworaba kwigihugu kitoca gitungana,ntagwamo gwabo bagabo mwosubira kwunva,ariko iconzi co nuko hari abarundi benshi mumoko yose ABAHUTU,ABATWA,ABATUTSI,twifuza amahoro.mukinda mugaramye canke mwicara ntituzobihangnira mugihe mushaka kudusubiza mukaga,nimwitonde,
28 Ruheshi 2014, 13:51, par King of the king
Sihondi vumvise ko yagiye ku mpimba cukaziba rero.Rutovu biraboneka ko uri akazeze apana akajuju.ndakubaze guhera 2005 gushika ubu hamaze gupfa abahutu bangana iki bishwe kuntwaro y,abahutu?murabo wadondaguye uwubona urusha ubwenge wewe ni nkande?abatunzwe nugusabiriza canke gutora ubukorotse ntabwenge mugira.
28 Ruheshi 2014, 19:43, par Mama
@King of the King, Baryabantu Rutovu yandondaguye bose batunzwe nogusabiriza mbere gusabiriza kumwekubibi, wihenze bakagusaba ntubahe ucuba kurutonze rwabasi babo, Ikindi ukwiye kumenya nuko mugusabirizakwabo bokoresha nokubesha mukubwira abobasabango tugomba kubakura munzara, hariho nuwabwiye umurwizatunga mugenzanjengo barashaka ko nirya OBR itozamakori bozoyihagarika, urumvabaje bagasanga urakenye uduharege bakubwirako bashakako uzozurarya 3 kumusi, basanzenaho wishoboye bakubwirako bazoharanirako ama tax utanga bazoyagabanura ukidandariza nkukomengo ntutanda tax, Abo Rutovu yavuze nabogusengerwa kugira turabeko ivyobintu bibarimwo vyobavamwo.
30 Ruheshi 2014, 13:54, par SIHONDI Levis
NONE KING KOYAGIYE KUMURABA MUMPIMBA, TWIZERE KO KUWAGATANU NIYAZA GUSAMBA ATAZOSUBIRA MWEBUYE!!!!!!!!! REKA TURINDIRE, NIBAMUREKURA KUWAGATANU KUBERA IYO NTUMWA YA ONU, NZOCA NEMERA KO UBURUNDI BUTARIKUKIRA!!!!!!