IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivy’Uburundi busabwa n’ababufasha kugira n’imiburiburi amatora (...)

Ivy’Uburundi busabwa n’ababufasha kugira n’imiburiburi amatora abe

lundi 11 Rusama 2015

Reta y’Uburundi isabwa kureka ibintu vyose iriko ikoresha mu kubuza abagira imyiyerekano, amatora nayo, ntashobora kuba mu gihe hari amaradiyo yugawe, mu abantu bapfunzwe bazira imyiyerekano, hamwe n’ibimpunzi isinzi ziri mu bihugu bibanyi.

JPEG - 37.7 ko
Laurent Kavure umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu no gufashanya ,Uwuserukira igihugu ca Suisse

Ibibazo vy’imyiyerekano, vy’impunzi, amatora hamwe n’iyugarwa ry’amwe mu radio n’imihora ngurukana bumenyi ni vyo vyakoranije bimwe mu bihugu na Reta y’Uburundi. Laurent Kavure umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu no gufashanya hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bo ku mugabane wa Buraya, uwuserukira igihugu ca Suisse gisanzwe gifasha Uburundi hamwe na Dawn Ribery aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koen Vervaeke aserukira Ubumwe bwa Buraya mu karere k’Ibiyaga binini nibo bagiranye ikiganiro, kuri uyu wa 11 Rusama uwu mwaka.

Mw’itangazo ryasomwe inyuma y’inama yabaye mu mwiherero, Reta y’Uburundi yasabwe ko yoreka burundu gukoresha inguvu mu kubuza abagira imyiyerekano, babivuga bafatiye ku bantu bagera kuri 11 bamaze kwica barashwe n’abaporisi ku mugaragaro, bakabona ko imyiyerekano ari inzira imwe yo gushikiriza iciyumviro. Bavuga ko bdashobora gutahura inguvu zikoreshwa n’igiporisi mu kurasa abari mu myiyerekano y’amahoro.

Ku bijanye n’amatora, Reta isabwa ko kugira abe, hari ibintu n’imiburiburi bitegerezwa kuba biri mu gihugu, na vyo:
kurekura abantu bose bapfunzwe bari mu myiyerekano no kureka kubareREza igufa, kwugurura bidatevye amaradiyo yugawe hamwe n’imihora ngurukana bumenyi, kugarukana amahoro mu gihugu kugira impunzi zirenga ibihumbi 50.000 ziri mu bihugu bibanyi n’ahandi zitahuke, hamwe no kwaka ibirwanisho urwaruka rw’Imbonerakure hamwe n’abandi bose babitunze batabifitiye uruhusha, hamwe no guha uburenganzira bungana abagira imyiyerekano y’amatora(propagande). Igice gisigaye c’amahera y’imfashanyo yari yagenewe amatora mu Burundi avuye mu Bumwe bwa Buraya kizotangwa ari uko vyose vyasabwe bigiye mu ngiro.

Ku bwa Patrick Spirlet aserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi, avuga ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atosubira gufatira mu rwara ikibazo c’umutekano muke wewe abona ko kiri mu gisagara ca Bujumbura gusa, ku bwiwe hari n’izindi ntara ziri muri iyo myiyerekano kandi si ikibazo coroshe, mu gihe kiriko gikora no ku bindi bihugu bibanyi(impunzi ziriko zihungira mu bindi bihugu), wewe acita ko ari ikibazo c’akarere kose.

Barangiza bizera ko Reta izokwitaba ku rugero rukwiye inama y’abakuru b’ibihugu izobera i Dar-es-Salam kuko hazovugirwayo vyinshi kandi ikoranye ku bw’Uburundi cane cane kubera ibibazo vy’ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza n’ingorane ico kiringo cateye.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mbega Ubu Niho Mwibaza Ko Nkurunziza Agiye Kwumva? Nzi Amakungu Yari Yarasemereye,eka Turindire.

  • Ivyo Muvuze Nivyo Naje Ndabishigikiye.

  • Ivyo Muvuze Nivyo Naje Ndabishigikiye.

  • sha kanyanzira na jewe mfise ubwoba ko ari intumva kandi ko yazivye burundu amatwi na cane cane ko ingarukambi zigaruka kubanyagihugu nawe akaba atabo ababaye. Ariko ntaco nibamuharira ivomo, bagahagarika imfashanyo, igihugu cizohagarara hanyuma atembe. Ntitwari dukwiye kubanza guca hiyo, c’est dommage, mugabo, rimwe rimwe hari igihe biba ngombwa ko umuntu asubira inyuma kugira asimbe neza aja imbrere.

  • Erega si ikibazo co kwumva canke kutumva ibisabwa n’Abarundi n’amakungu yose. Ni ikibazo c’ingwara iri mubategetsi atawuzi iyo bashaka kujana igihugu atari mu maganya n’amarira. bagiriraniye pacte na sekibi ni mpaka bashitse kuvyo biyemeje: Gusesa amaraso ya bene Burundi. Nta muntu yoba akomeye ashobora gukorana mu karere k’ibiyaga binini vya Afrika n’interahamwe canke ngo ashige umurwi wigenza nk’igihara n’igiharage(Imbanerakure) nk’interahamwe. Ni ukutamenya ubwenge. Nta mukuru w’igihugu akomeye ashobora guca kubiri n’abanyagihugu, amategeko, amakungu adashaka guturira igihugu. Ahubwo aho bukera ni ugushengeza Ububirigi bwigishije igipolisi c’Uburundi batubwire ivyo babigishije ivyarivyo. Nibo bafinança ibigwanisho bafise biriko vyica aabanyagihugu. Ni ukwitegurira kurengutse les Etats-Unis d’Amarique batubwire ingene bariko bigisha abasoda kwica no guhohotera abanyagihu. Ayo matora ni ukuyavamwo habe gouvernement de consensus ariko Nkurunziza yakinjuye. Yamaze imyaka yose ari amavoka, ibisabisho n’umupira, ubusuma, guhohotera ikiremwa muntu no kuboreza igufa Abarundi aho gushinga inganda zizanira akazi urwo rwaruka ruri mw’ibararabara. Umutu abiravye , asanga akatwara Afrika bacibaza ko abantu bakimeze nk’abo muri za 60. Ntibamenye ko za mentalités zahindutse, iyo udakoreye abanyagihugu kandi arico ubereye muri ico kibanza , barakwiyamiriza, ugapfuma ubafuba. None Nkurunziza azokwica igihugu cose. Ni agerageze n’inzindi twaro zagacinyizo zarananiwe ntawumara abanyagihugu kandi ntawurwana nabo ngo abatsinde.

  • Abanyabulaya be n’ababiligi turabiyamye aho twapa imyaka amajana ane twicwa n’umututsi bari he?Ubu baza kuduhanura ibiki,nibayatware nya mahera yabo uwuvunitse yiga gucumbagira!

  • Wewe uriko uvuga ngo Abahutu baratotejwe, uri ikijuju ubwenge bwawe naho bugarukira.

    Jewe ko ndi umuhutu, imyaka namaze mwishamba wewe urayizi??

    Imyaka twagendanye na NKURUNZIZA wewe urayizi????

    None ubu iyo twahungiye jewe n’umuryango wanje, NKURUNZIZA siwe ariko aratwangaza???

    None ntiyitwa ngo n’umuhutu mwene wacu???

    Urahaze sha niwivugire.

  • Jewe nubwowonyica canke ugakoresha uburyobwose bushoboka ukantumizako abobantu bavuze ivyo ndabasuzuguye nubwo ndumukene nyajuja ndevye ababivuze ukobabayeho neza. Umwanamwe murumvise ukuntu bavuze kudukosha twobatwarabonekanye mugi polisi cigihugu gusa ariko abirukangana aba polisi bakababasha amabuye nibindibikoresho bishoborakwica umuntu bakoresha muguhangana naba polisi, tutibagiwe nokwica bakongera bagaturira uwowese bashoboye gushikira ngokuko ari Imbonerakure aboniba nasomyeneza ntampanuro canke ntacobigeze babavugako! None ivyobisigiriki? Jewe nibazako yobaruyumwanditsi atavyanditse kumbure bagize icobabivugako! Kukojewe numvisenoca mbamubi nkabo maze ibintu bikaba urudubi. Ahoguhanura impandezose mbonye aru gukokezagusa!!!???.

  • urivuganabi pe!!!!akanwakaw kama gacira amacakubiri,ntahutaniy numwana aciga kuvuga BABABABA ariko hakagera igihe yigakuva amajambo yose nayo ww uracari muri FYOFYOFYOFYO mbe ivyifyotora nibiki ndagutwenze uragenda AMAVYI u akwigishe kubana kuko nayo ntivangura aho umuhutu aney numututsi arahanya bigahurira hamwe kandi BGC ije gupakurura vyose birajana ntivyivangura,wabutindi we

  • Nnibaza ko hageze ko ivyo basa uburundi bobigira itegeko kuko gouvernement yacu iramaze kwerekana ko itubaha akarorero ntibasiba kurasa abantu hari intumwa zidasanzwe ziriko ziragendera igihugu cacu!!

  • bandanya muduhanurira ivyobigaba vyaba cndd fdd.Tamara utosora ifuku yamiza akatsi mujisho.ariko kubahanura mbona bitagikenewe’hakenewe komufata ingingo yokubakuraho kunguvu.erega iyo ni ebora yaduteye ntitwabimenya’kuko ntibitahuritse kumuntu yigira satani.

  • ABO BAZUNGU BARATAMITSWE KUKO TWEBWE ABARUNDI TWARAKANUYE.
    NIBABUZE ABO BAGIRA IMIGUMUKO HANYUMA AMAHORO ABONEKE.
    KANDI ABARUNDI TASHAVUYE.

  • ivyo muvuze nukuri kabisa,gusa turasavye hakoreshwe ingumvu zikomeye caane mukwaka ibigwanisho vyahawe imbonerakure zica zikanahohorera abanyagihugu hirya nohino mugihugu c,uburundi

  • Kumbure yemwe hoho uyo mugabo ashak kwitoza irigira gatatu yoheba akazogondozwa tukaraba ko twosubir kugir agahengwe. Abantu umenga ntibahaga kandi mbon umenga bari baronse.

  • twizere ko inama izabera i Dar-es-salamam yabakuru b,ibihugu kukibazo c,uburundi izorangira hafashwe ingamba zikomeye kugira abarundi babone ibisubizo ahoguhora mubibazo

  • ewe vuganeza urambabaje izina ryaw rigupfuyeko ubu uravye uhura ariw mwe na nkurunziza murusha ubuhutu abandi mbega murusha abahutu bahunze igihugu nukwiga bakiga mumahanga ba rwasa domitien ntibantunganya twe duharanira amategeko ko yubahirizwa urudome kurudome

  • C,est le debut de la capitulation. La descente de nos braves dames a forcE les flics (policiers) a retourner dans les casernes; comme une armee en defaite. Aujourd,hui les resistants celebraient la liberation de la ville. Demain, on va liberer la campagne infestee d,imbonerakure. Puis, le vote feminin va mettre fin aux 10 ans de chaos.

  • Ego nivyo iyo ngingo siyo yo kugara ama radio canke ubuhinga ngurukana bumenyi nko kuri jewe nogira nti nubwenge buke bagize kuko nta muntu yokugara ama radio ngo nikubera ziri en directe ahubwo umukuru w igihugu asa n nta mubano vyiza yo hanurwa akumva canke akazokumvrayo gusa tje ku mavi dusengere uburundi kuko tri ku manga!

  • None abanyaburaya mwishimira mwa bijuju mwe ko batavuze vy’ibiringo? Nimuje ku rubuga mukubitwe iyo mpfumpfu. Imisega !!

  • jewe ndi umuntu aharanira amahoro kuri bose. Abahutu abatutsi na batwa.
    Ico nashaka kuvuga ni iki : nuko mugusaka bobifatira umwanya, maze umuntu wese agasakwa yitwa ko ari umurundi, kandi bagasaka amazu yose, ama bureau yose, eka inyubakwa zose iyo ziva zikagera; kubera, les preuves twagiye turabona, mukaraba yuko ata ma stock ya ama pneux kuko murabona ko aturizwa abantu, mukaraba ko ata ma stocks , imigano muraziko yasogoswe abantu muburundi, mukaraba ko atamastocks y’amacumu, eka nibindi vyose ivyo bipfamutima bikoresha mukwica abana b’imana. MUKAKORESHA UBURYO BIUHANITSE bwo ku detecta aho ivyo bintu vyose vyoba biri kuko bashobora kutabibika munzu. Murumva rero ko atari ibintu vyumunsi umwe. Murakoze. Ndabivuze ntakuyemwo numwe kugirango tugire amahoro KUKO NTIHICA IMBUNDA GUSA nkuko mbona abanyepolitike arizo bashira imbere. Mudasatse bose nivyo bintu vyose vyica ntaco muzoba mukoze.

  • nagire ngukebure wewe witwaza amoko . mbega ayo rwasa abonye avuka hamwe na nkuru; aho ga n,abahutu gusa. Ubwo rwasa ntiyokubwira ko amarushwa abonye mu myaka cumi basi ntasumba ayo y,iyo myaka amajana ane wa creer mu mutima wawe (y,amacakubiri n,inzigo y,inzikira ufitiye ibiremwa vy,imana bizotuma unapfa hataragera kubera stress y,urwanko)azotuma upfa imbere y’imyaka 40 . kira urwanko, kira indambi n’inzigo ukunde abarundi bose kuko nta mututsi amaze imyaka amajana ane ariho. Ubankira iki? izo ntore z’imana. Ni hahangame abarundi b’umutima w’urukundo badacagura. umukama abahezagire ba rukundo

  • nagire ngukebure wewe witwaza amoko . mbega ayo rwasa abonye avuka hamwe na nkuru; aho ga n,abahutu gusa. Ubwo rwasa ntiyokubwira ko amarushwa abonye mu myaka cumi basi ntasumba ayo y,iyo myaka amajana ane wa creer mu mutima wawe (y,amacakubiri n,inzigo y,inzikira ufitiye ibiremwa vy,imana bizotuma unapfa hataragera kubera stress y,urwanko)azotuma upfa imbere y’imyaka 40 . kira urwanko, kira indambi n’inzigo ukunde abarundi bose kuko nta mututsi amaze imyaka amajana ane ariho. Ubankira iki? izo ntore z’imana. Ni hahangame abarundi b’umutima w’urukundo badacagura. umukama abahezagire ba rukundo

  • nagire ngukebure wewe witwaza amoko . mbega ayo rwasa abonye avuka hamwe na nkuru; aho ga n,abahutu gusa. Ubwo rwasa ntiyokubwira ko amarushwa abonye mu myaka cumi basi ntasumba ayo y,iyo myaka amajana ane wa creer mu mutima wawe (y,amacakubiri n,inzigo y,inzikira ufitiye ibiremwa vy,imana bizotuma unapfa hataragera kubera stress y,urwanko)azotuma upfa imbere y’imyaka 40 . kira urwanko, kira indambi n’inzigo ukunde abarundi bose kuko nta mututsi amaze imyaka amajana ane ariho. Ubankira iki? izo ntore z’imana. Ni hahangame abarundi b’umutima w’urukundo badacagura. umukama abahezagire ba rukundo

  • nagire ngukebure wewe witwaza amoko . mbega ayo rwasa abonye avuka hamwe na nkuru; aho ga n,abahutu gusa. Ubwo rwasa ntiyokubwira ko amarushwa abonye mu myaka cumi basi ntasumba ayo y,iyo myaka amajana ane wa creer mu mutima wawe (y,amacakubiri n,inzigo y,inzikira ufitiye ibiremwa vy,imana bizotuma unapfa hataragera kubera stress y,urwanko)azotuma upfa imbere y’imyaka 40 . kira urwanko, kira indambi n’inzigo ukunde abarundi bose kuko nta mututsi amaze imyaka amajana ane ariho. Ubankira iki? izo ntore z’imana. Ni hahangame abarundi b’umutima w’urukundo badacagura. umukama abahezagire ba rukundo

  • Mwibukeko mutarabaho isi yoyo yariho kandi nimwayivako izogumaho. Ntawukwiye kwiruka n’isi ahandiho iherezo nimuri gehinomu. Muragabe mwebwe mwibaza ngo muguye kurugamba muriko murwana n’abantu ngo mubaye intwari ahubwo ni uguhonera mumuriro mwese kuko satani nivyo yahigiye kandi ko mumwumvira ntakundi murahonye. Amasase yo kubamarira muriro satani aguma ayahingura wexe xibaza ngo ejo uzotsinda urugamba witwe intwari satani nawe yaguteguriye urusase ejo ruzogutobekeranya hanyuma akwakire atxenga agushinyagurira ngo wakiburabwenge weee.

  • Nukuri Yemwe Narabe Presid Nkurunziza Nashikirize Abandi Kubera Ntawupfa Abimaze Nukuri Twamukunda Mugabo,ahinka Zigwaniye Ubwatsi Nibwobuvunguka Nukuvuga Nitwebwe Abanyagihugu Tuzogira Ingorane Kuri Nashikirize Ntiyumvirize Abahenda,harihobasesankuyoze Umazegusesa Ntibakuyoza Niyibuke Rorababo Na Muhamari Kadafi Na Bulaiz Coubaul

  • EREGA Basi CENI Ni Iduhe Agafaranga Kacu Twakoreye Mumisi Ya Rusasuma Rwakabiri Na Afichage ,hanyuma Tuyibikire Nihabandanya Akaduruvayo Tuyacikane

  • Turashimiye cane izo ngezi zaje kutugarukirako no kuza kudutera intege muguhanura leta y’uburundi.ico dusaba leta nuko itokwirengagiza ayo mahrwe yaronse yo kuja muriyo nama izobera dar es laam,kuko ibaye kubwikibazo cumutekano muke urangwa mugihugu cacu.aho buzohungukira vyinshi mugutorera umuti wingorane ziri mugihugu cacu.

  • yemw ndazi Imana igira itange inyishu ntiyokwemera ko uburundi nabarundi bapfa nabi

  • Et ce n’est pas fini ! C’est rien qu’ un début !!!
    La Communaute internationale nimba Nkuruniziza et sa clique batabizi, ni ba «ngoya kidogo»!

  • ivyi imbonerakure nabantu nkatw ndazi muruyu mwanya ni satani ibakoresha ariko Yesu ntatsindwa ashobora kubatorera inyishu.igihugu cacu kigiy kubohoka

  • Nibareke abigaragamvya bigaragamvye bagerekucobiNibareke abigaragamvya bigaragamvye bagerekucobipfuz

  • nyamubura ikimuhanura niwenyamubura ikimuhamba turifuzamahoro

  • Nkurunziza yanse gukurikiza ivyo asabwe, mwumva yokura hehe amahera asigaye yo gukoresha amatora? Namba ari abo barusiya ariko arashira imbere bazoyamuha, sinon, ntiyibaze ko vyoroshe kubona 2 000 000 d’euros mu mufuko wiwe canke muri budget ya Leta, kandi n’ibindi bihano biri mu nzira ...

  • C’est impossible que nkurunziza bligue le 3è mandant.vous les citadins je vous soutien ayez courage,pas question d’éthnie.nkurunziza touche vers la fin de son mandat pr être conduit vers mpimba.

  • Mwibukeko mutarabaho isi yoyo yariho kandi nimwayivako izogumaho. Ntawukwiye kwiruka n’isi ahandiho iherezo nimuri gehinomu. Muragabe mwebwe mwibaza ngo muguye kurugamba muriko murwana n’abantu ngo mubaye intwari ahubwo ni uguhonera mumuriro mwese kuko satani nivyo yahigiye kandi ko mumwumvira ntakundi murahonye. Amasase yo kubamarira muriro satani aguma ayahingura wexe xibaza ngo ejo uzotsinda urugamba witwe intwari satani nawe yaguteguriye urusase ejo ruzogutobekeranya hanyuma akwakire atxenga agushinyagurira ngo wakiburabwenge weee.

  • uburundi nubwacu subwumuntu.amahnga nabanz ahagarik kuko imfashanyo zohava ziko ivyo zitagnew.mr6 igih

  • imisi y’igisuma ni 40’, hejuru y’amasengesho yakozwe uko umwaka utashe. hari imanza kw’isi wamenya ngo ziroroshe ariko ku Mana zikomeye. None amasengesho yasenze n’ibikorane yakoresheje inyishu yaronse n’iyi yo kwicisha abanyagihugu?

  • Recomposition de la CNI, pas de confiance en la CNI; Negocier le retour des opposants e ilés; poursuivre les detourneurs des deniers publics; saisi et nationalisation des biens..

  • @Ndayiziga dally
    Ntaco ufise unyigisha mbega tubana mu biki mwa bicanyi mwe,je m’en fou ahubwo uwoguta muri ayo ma wc bcg ikaza kuguta be nayo yapakuruye ,ndagutoye nikokazi ukora gupakurura amazirantoke ivyo wabimenye gute?Sans blague bandanya ako kazi ubutegetsi heba!!!

  • Haa Ahubwobwo Imana Nifashe Uburundi,

  • Haa Ahubwobwo Imana Nifashe Uburundi,

  • Amakungu yomenyayuko uburundi bwikukiye baze nkabahanura ntibaze nkabatanga amakegeko ngo mutemeye ibi ntitubahaibi nkurunziza komerakwibanga abarundi turagushigikiye

  • Aba bagabo harimwo na Kavakure baserukiye leta ko umengo ubwanwa buciye bupfuka umunwa. Ariko ivyo bayisavye ni ibigaragara , ntibandanye rero igagaza.

  • wakinywamarasowe ndaguhe adresse yaho wontora nakubwiyeko urumunsi yamavyi kandi yaboze wa gihimbiw kanura iyo mitunu yawe mbe wagarukiye yagamuka nako iyo uyijamwo ntabwicanyi bigisha YUYU YUYU YUYU YUYU ndakuzomereye espece de microbe CRACHE TA HAINE

  • Mbona ko Imana yo nyen ariyo yoshobora ico kibazo nkasaba twes ko twofukama,tukigaya.Nkahanura urwaruka nkaj kudacanamwo,hanyuma ibwirizwa nshingiro rikubahirizwa.

  • All these Americans n European countries are such puss; for me I can say how long motherfuckers have fucking us for dropping economy n caused war all over . The are total puss

  • none bose bamuvuyeko asigaje iki?asumb ba cadafi

  • king wariz cank? wopfuma ureka kwiga kuko igihugu ntigikeney abantu bibijju nkaw! icocongereza wacigiyh? nikuraba neza kutacigiy hom! urashobora gutuka Union Europeen, U S A,(...)!

  • nareke kwitoza ahuko igihugu kirwa mukaga ahandiho turagowe.mana fasha uburundi

  • Nimukore ibishoboka muturonderere amahoro

  • je mbona koharihagz kumurundi aruka non yankurunzi yahumurij abarundi ibay inkurumbi gut icodushaka nukubona amurundi yokwishira akizana iterambera mugihugu rikaboneka tugatrimber ntanyagupfa ntanyagukira dushaka amahoro muburundi bwacu

  • Jewe Ndicarimuto Nkiri Mumakambi Yimpunzi Muri Tanzanie Bavuga Ngo Abatutsi Nibabi Mpungutse Inabi Nayigiriwe Nabahutu Benewacu Bamwe Bitwa Babi Nibobamfashije Ndiga. Ubwoko Sibwo Bugira Nabi.Shetani Yonye Igira Abaja Abantu Ikabakoresha Ivyagahomerabunwa. Nuko Rero Umwe Wese Yoharanira Inyungu Zigihugu Atitwaje Amoko Ndabibasavye Kandi Uwemera Nkurunziza Nuwutamwemera Ntibacanemwo Kuko Umuntu Wese Ashigikira Uwashatse. Ndababajije Nkurunziza Atitoje Umuti Wibibazo Bihanze Uburundi Uzoba Ubonetse? Canke Mumurets Akitoza Kugira Twebwe Banyaruncari Mudukingire Ntivyoba Vyiza Kombona Nawe Ahotwariye Atako Atagize Ngwigihugu Giterimbere.Hoba Hari Uwuzoza Asumbirizaho? Cank Uhave Usanga Atuzaniye Aprathaid Twizere Ivyiza Tubone Ibibi Nizompungenge Mfise Canke Mubona Atamajwi Mwomuronkana?

  • nanje iyongira uburenganzira bwokujayo sinobarije amakuru kumbuga

  • Wewe Nishimwe wari watanguye neza iciyumviro mugabo ugihejeje nabi. Nubwo woba ukiri muto urabona ko ino ntwaro ya pitapita vysyinaniye. Wewe nyene uriyemerera ko abahutu bari ku butegetsi bakugiriye nabi. Ibijanye nivyo yakoze tubwire ikintu kirama pitapita yakoze? Kwiba? Kwica? Amacakubiri? Kwangaza no gupfunga abatavuga rumwe nawe? Uzanye ivyo keivuza kw’ abakenyezi bibaruka , nahonyene ibitaro vyaraheraniwe biteye ubwoba na leta. Amadhule yoyo ntitwokwirigwa turanabivuga kuko indero yasubiiiiiiiiiiiiiiiiiye inyuuuuuuuuuuuma , abikorera utwabo bamwe baratujijwe bivuye mu guturira amasoko niyo ntwaro yiwe ,ibintu vyishi vyoteje imbere igihugu yaragurishije . Vuga twumve ivyo bintu yakoze? Ibintu vyose birafise impera nimba twaramwihanganiye nuko impera yiwe itari bwashike kandi noneho iyo umuntu abandanya acokoza, agaya, acura bufuni na buhoro, ahonyanga amategeko , ....ivyo vyose bituma abanyagihugu bashangashigwa bakamugumukana. Aho niho tugeze kandi noneho duharanira ivyotutekurirwa n’ amategeko.

  • Abahutu nibo bari kubutegetsi??canke hatwara cndd-fdd.izo mvugo basha ni muzireke,mushaka ko hatwara ubwoko ubuhe kugira bukore ivyo bose bakunda???je nibaza ko hotwara uwuzi ubwenge buva ku Mana,ubwoko=0%

  • Nasomye ivyiyumviro vyose vyanyu, bimwe nivyiza ibindi nibibi cane. Ngomba ngaye umurundi wese afise ivyiyumviro nkivya Vuganeza, nukuri uyu muntu arateye ikigongwe mbere nubwoba, ni example nziza cane kumuntu mubi, kuva aya magume atanguye ntaciyumviro cofasha abarundi avuga yama yavuze amoko. None gayemwe twe ubwoko ubu n’ubu twoshigikira umu president ahonyanga amategeko kuko duhuje ubwoko? Mbe bitumarira iki iyo uwo duhuje ubwoko ayobora? Nubwo yoba afise ico aguha ntiwokwikunze ngo wanke igihugu cawe. Ibwirizwa nshingiro = igihugu cawe, nimureke gufasha umuntu ahonyanga ibwirizwa nshingiro harya aba asuzuguye umurundi wese. Vraimant jewe uwo ariwe wese ahonyanze amategeko sinomwumva nagatoya. Ndanka cane umuntu wese witwaza ubwoko Vuganeza ntiwohinduka kweli cokimwe nundi wese ameze nkawe abahutu, abatutsi na abatwa bose ko ari Abarundi?

  • Jado ndagushigikiye uri umurundi wumutima. Mbega yemwe abarundi bobaye nkawe bose! Twahevye umubwoko abarundi nabanyarwanda? Jewe ndumunyarwanda ariko ndakunda Uburundi cane.

  • Ndasavye umuntu yombwira ikintu kimwe gusa peter yoba yarakoze giteza imbere igihugu.

  • @kaka et Nishimwe
    Nashaka mpere kuri kaka terrible ton nom!!uri umunyarwanda ukunda uburundi c’est la meilleur,inyenzi ayo mwadukoreye nabo birigwa mu migumuko je regrette urukundo rwanyu ntarwo dukeneye,on peut vraiment s’en passer!Muza kwirigwa mugaramye ku kiyaga cacu mukagenda mufashije izo mburakimazi guturira abahutu mu mapine mwinyegeje inyuma yamoko hanyuma ngo ukunda abarundi abahe?Ko uri umunyarwanda wa muhimbiliwe amategeko y’i burundi uyashakako iki ?Mushaka kwama mutambikiza mu bihuguvyose muja gutezayo imidurumbanyo hanyuma ngo nimpinduke ,urantega i wanyu naho muharata ngo hateye immbere et d’ailleurs haterimbere izo nyenzi zuzuye i burundi mukoriki ko mutanahunga imbonerakure mubeshera ngo zigomba kugira genocide!Umugambwe cnddfdd watanze peter kandi cour constitutionnelle yaramwemeye ayo mategeko yahonyanze ni ayahe?Je pense ko ndiko ndata umwanya ndiko mbwira ikijuju mais quand meme je vais te le dire.Mbega aho uvuga ko ibibazo biri i wacu ata moko arimwo bigenda gute ko muja kutugurisha mu bazungu ngo tugomba kugira genocide,bigenda gute ko abatutsi aribo buzuye amabarabara?Canke urwanda rwanyu ruriko rudukanga ngo ruzoca ruza gutabara ruzoza gutabara nde?,déjàraba ayo ma contradictions abuzuyemwo muboneko muzoza mubesha abandi bahutu jewe singihendwa kandi ndagusavye ureke kuvugako nteye ikigongwe ni ijambao ribi cane dans mes oreilles.Kuva rero abatutsi mutanguje rebellion mwinyegeje inyuma ya 2è mandat ya peter,jewe sije mpuza abarundi ntakindi nkora atari ukubibutsa kahise ntibabandanye kugwa mu minwe yivyo bimweny nko muri za 93,94....Noba ndiko ndababesha nongera ndabasinziriza kandi gusinzira ukikijwe n’inzoka uba uri ikijuju.nkaba ndangirije aho kuvyawe reka guhenda abantu ngo si amoko aho tuzumvikana!

    Ewe nishimwe we,ni sawa ingene watanguye mais nagira nda kubwire akantu gato ndakwunganire nongere ngusigurire naho mbona uzi ubwenge.Ewe sha banza wiyumvire gato ego abahutu ntidukundana twese kubera turi abantu,mugabo hari ico nashaka kukubwira,mbega kuberiki wumvako abo batutsi bakugiriye iciza uvuye mw’ikambi?,on n’est pas des enfants àinfantiliser iyo bo nyene batagutoteza ukaja mu buhungiro abavyeyi bawe,ba so wanyu aba tantes abo bose ntiwari kubura numwe aguha n’ijana,nubwo batari kuguha ntubura numwe iyo batabishe.Rero mwana kanura,harya nimba baragufashije nuko baziko bazogaruka kubirecupera d’une autre manière pas nécessairement ko ubasubiza ayo mahera aho ma chère uraboshwe niko basokuru basanze bariko bangara kubera bemeye ivyo binyogoto vy’inka zabo sindakuzi ariko uzovyibonera uzompinyuza nta mututsi agukorera ikintu uri umuhutu ata nyungu abona.Jewe nakuriye muribo mbega wombwira igituma àcette époque batamfashije nari nciye ubwenge ariko bakagufasha ubu aho duhungukiye? Ni igiki cari gihindutse?Nimba ufise maman mubaze arakubwira sinovuga yose hano!!
    Ewe mwana,nukugaba ntusamare!!Nagira mperaheze nkubwira perezida wacu ntariko azira ikiringo azira ubwoko,ubishire ku muzirikanyi uzompinyuza,raba abanyarwanda b’abatutsi bipermetta ku mu critika nkuko umengo atwara u rwanda,un jour uzobonako ntaguhenze,ukomere mwana wongere ukanure!!!

  • Basha, Mwavuga ntimwavura.
    twari dukwiye kumenya ko iciza kitaba icumuntu cank ubwoko.
    kiba ciza cank kibi kubwoko bwose,umukene nko kumutunzi!
    Ntawota personality yiw kubera utwo atamikwa.Ejo uwagutamika atakihari, usigara usamira isazi ku ryinyo.
    Ibwirizwa NSHINGIRO niryo ayandi yose ashimikiyeko.
    Birasiga ubwenge,bikababaza kwumva ngo"Ni itegeko risanzwe.Ordinaire"!
    Uvuz ukwo woreka guhonyanga igihugu gute wahereye kuryari kugikingira?

  • sinduhije kwa kagame,umukuz wa barundi,imana irikumwe natwe,umuzungu nyakuri,nuwukunda mugezawe bivuye kumutima,atagahemano,iyo mana yamaze guca izomaza

  • @Vuganeza,
    Izina ryawe riratwengeje ningene uvuga nabi, mbe uwakubariye ko ndi umututsi ninde? Wibaza ko abahutu bakwiriye kumera nkawe bose? Wewe uri Satani yuzuye. Ariko uburundi bukeneye umuyobozi w’umurundi ukunda amoko yose.
    You don’t have respect.

  • Iconiyunvira Nipfuza Koreta Yatanzania Yoduha Uburaia Twebwe Impunz Tukareka Gupfana Intekera Kumutwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.