IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Lycée Municipal de Cibitoke : Abanyeshure barindiriye ingingo (...)

Lycée Municipal de Cibitoke : Abanyeshure barindiriye ingingo izofatwa

jeudi 29 Gitugutu 2015, par egide

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya zone Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura (Lycée Municipal de Cibitoke) yafashe ingingo kuri uwu wa kane y’ukurungika abanyeshure, mu kurindira inyishu ku bibazo abo banyeshure batuye uwo muyobozi.

Abanyeshure bo kuri Lycée Municipal de Cibitoke banse kwinjira mu mashure kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane, bakamenyesha ko bafise amakenga ku mutekano wabo. Abo banyeshure bafise ubwoba kubera ikirindiro c’igiporisi kiri aho kuri iryo shure.

Abo banyeshure bamenyesha ko abantu baronderana n’abaporisi baza bagatera amagerenade, abo banyeshure bataha abaporisi bagaca babafata babagiriza ko aribo babatera ayo magerenade, canke bakabagiriza ko bashigikiye abo batera amagerenade. Abo banyeshure bamenyesha ko ico kirindiro c’igiporisi kidakuwe aho kuri iryo shure batazosubira mu mashure, kuko ku bwabo n’ubundi baje kwiga baba baje kurondera urupfu, kuko abo baronderana n’abaporisi barasa, igiporisi kigaca gifata bamwe muri abo banyeshure babagiriza ko bari mu batera ayo magerenade.

Agnès NYOTA, umuyobozi w’iryo shure amenyesha ko atahura ivyo abanyeshure bavuga ko umutekano wabo uhungabana, kuko kenshi amasasu n’amagerenade bivugira hafi y’iryo shure.

Kuva abo banyeshure bahagaritse ivyigwa mu gatondo ko kuri uwu wa kane, haciye hashirwaho umurwi wiga ico kibazo, ukaba ugizwe n’abigisha babiri bo kuri iryo shure, uwuserukira abavyeyi barereye kuri iryo shure, hamwe n’umuyobozi w’iryo shure. Mu nama baciye bagira, bumvikanye ko boja kurondera Musitanteri wa komine Ntahangwa, hamwe n’uwujejwe indero mu gisagara ca Bujumbura, bakabashikiriza ico kibazo. Abanyeshure nabo basabwe kurindirira i muhira ingingo izofatwa.


IGIHE

Messages

  • Amakenga Yabobanyeshure Arumvikana Batinya Kurwa Mumporera Ico Kirindiro Cigipolice Nibakimurire Ahandi Kugira Ivyigwa Bibandanye

  • yego me nibarebe ingene byagenda nyene gusa uburundi bufise ingorane!

  • Nukuri Ivyo Abo Banyeshure Basaba Birumvikana Gose Kuko Murabona Ko Turi Mubihe Bigoye Kandi Igi Police Gisigaye Kitakivyifatamwo Neza,jewe Rero Ndashigikiye Cane Abo Banyeshure Mukanga Yabo Kuko Bavuga Bati"aho Impfitsi Zigwaniye Ivyatsi Nivyo Bihasigara."urumva Abatera Baza Barondera Pnb Muga Ntanakimwe Cemeza Ko Bishobora Gushika Amasase Agahitana Umuntu Kandi Atariwe Baribatumbareje.Ikindi Naco Tumaze Imisi Tubona Ababa Ahegeraranye Naho Indwano Zibazabereye Bangira Ingorane Zirenze Benshi Murabo Bakazira Umwikeko.Bavyeyi Murereye Ngaho Ntimurohe Abana Banyu.Nkaba Ndangiza Nshimira Vyumwihariko Umuyobozi Wiryo Shure Ukuntu Yavyifamwo Akumviriza Akongera Agatahura Amakenga Abana Bafise.

  • Nibabihorere nibakenera kwiga bazagaruka, iryo shure ryahagarika igikorwa cya Police? Cg ni ishure rya ba sindumuja nyine?

  • Ni bareke kwiga maze barabeko ibuzima butabandanya mbe bobo nibo basumba abandi barundi bose bariko biga. Canke bahunge bave muburundi kuko biragaragarako batashobora kwiga mugihe babona Police ikiri muburundi. Nibateshwe bate Police izokwama icungera iki gihugu. Barahumba ntaho bazozshira Police.

  • Ahatemerewe kuba polisi kubwumutekanomuke ntamunyagihugu yohaja, kubwivyo abobanyeshure kobabona bitamezeneza ntibaribakwiye kuvugako aba polisi bobaviraho ahubwo barikuvugako babanjije gukinjura kugira polisi yikorere igikorwacayo naagishiramuburyo bazobabwira bagaruke kwiga nahontahovyakabaye aho umunyeshure yokwiyumvamwo amahoro aruko mugihugu atawujejwe umutekano akibamwo! Nyangoma akomeje kutwicira abana mubwenge ubwambere yaberetse kobishoboka kwabantu baturirwa babona, none ubunaho abinjijemwoko igihugu gishoborakubaho kitagira abajejwe umutekano!!!.

  • Ibijuju biruzuye peee, aho umuntu asigaye yumva ko igipolice gisumba abanyeshure, na Piter Nkurunziza yabanje kwitwa umunyeshure imbere yuko yitwa Nyakubahwa. Mbe twiyibagije ko ivyigwa n’amasoro bitajana? LMC irihafi yibiro vya komine Cibitoke kuki batokura ico kirindiro mukibanza c’amashure? Canke nimba babona ko abanyeshure aribo batera imidurumbanyo mugihugu kuburyo bashira ibirindiro vy’aba police mubibanza vy’amashure, nibabirukane bose mugihugu batahe imuhira kuko uno musi ni L M Cibitoke ejo bazotandukira ahandi. ntawokwiga inkoho imuri hejuru ntibibaho. nimba bagomba naho kubigisha no kurasa nibabivuge.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.