IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iyambere komine Matongo, iyanyuma komine Vyanda

Iyambere komine Matongo, iyanyuma komine Vyanda

mardi 24 Kigarama 2013

Mw’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi ku bijanye n’ahageze iterambere ry’amakomine, Petero Nkurunziza amenyesha ko abarundi bakwiye kwikeza, kuko igihugu kigeze ku ntambwe ishimishije mu bijanye n’ukwegereza ubutegetsi abanyagihugu na cane cane mw’iterambere ry’amakomine.

Iterambere Uburundi bugezeko muri uyu mwaka w’2013, akaba ari inguvu za bose zashizwe hamwe nk’uko umukuru w’igihugu yabimenyesheje kuri uyu wa 23 Kigarama uyu mwaka mu ntara ya Kayanza. Petero Nkurunziza rero akaba ashimira abafasha Uburundi mu bisata bitandukanye harimwo n’iterambere, kubona bagumiza agatima ku Burundi. Umukuru w’igihugu abandanya avuga ko, ikigega FONIC kijejwe guteza imbere amakomine, kigiye kuzorwiza imfashanyo giha amakomine mu ntumbero yo gutsimbataza iterambere mu bice bitandukanye vy’igihugu, amenyesha ndetse ko hari n’itegeko rishasha nomero 100/270 ryo ku wa 22 Munyonyo ritunganya bushasha ico kigega FONIC.

Muri ivyo bikorwa vyari vyitabwe na bamwe mu bashikiranganji, abashingamateka, abakenguzamateka, ba buramatari, abasitanteri n’abandi, amakomine yabaye ayambere n’ayanyuma akaba yaramenyekanye, ndetse ayabaye ayambere araheza arashimirwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Komine ya Matongo iri mu ntara ya Kayanza ikaba ariyo iza ubwa mbere ku rutonde rw’igihugu rw’amakomine yiteje imbere mu bisata bitandukanye, nayo komine ya Vyanda iri mu ntara ya Bururi ikaba yabaye iya nyuma. Mu gisagara ca Bujumbura naho nyene, komine ya Bwiza niyo iza ku rutonde rwa mbere, nayo komine ya Cibitoke igapfundikira urwo rutonde rwo mu gisagara. Inyuma y’aho amakomine 11 akaba yarahawe urupapuro rw’iteka kubona yariteje imbere

Inyuma y’aho, umukuru w’igihugu akaba yaciye agirisha inama ba buramatari hamwe na bamusitanteri, aho yabashimiye ku gikorwa baranguye muri uyu mwaka w’2013, amahoro n’umutekano akaba arivyo vyaranze igihugu cose muri rusangi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.